Bigiye kutugora KUKO NTIVYOROSHE BASI ! ! ! ! ! !
Iri soko rya Bujumbura rizosiga bike mbambure!!!
Umwana kwa nyina!!!!
Nkuko bimeze ubu imiryango myinshi yarabuze ayo icira nayo imira kubera uruhombo yatewe n’ugusha kw’isoko. Raba ivyabaye mumuryango umwe wo ngaha iwacu …
Ejo mw’ijoro umugabo yariko avugana n’umugore wiwe kubijanye n’uruhombo batewe nuko ivyo bahora bakuramwo utwo bifuza vyahiriye mwisoko.
Mugihe umugabo yari akeneye ko baja inama n’umugore wiwe ku co bokora, umugore yabwiye umugabo ko aza kumuha inyishu mu gitondo. None uno munsi umugore yazindutse afata ivyiwe vyose aratekera maze umugabo aramubaza ati:
Umugabo: None ko utekeye ugiye hehe?
Umugore: Ngiye kwa mama kuko ubu bukenene sinobwihanganira.
Umugabo: Ndindira gato nanje ntekere.
Umugore: utekere ujahe?
Umugabo: nanje ngiye kwa mama
Umugore: hama aba bana bawe?
Umugabo: nibaje nabo kwa nyina nkuko natwe tugiye kwaba mama.