Umugabo yaranyotewe hanyuma aja ku muhana wari hafi gusaba amazi. Ashitse ahasanga akana gotoyi araheza aragasaba ko komuha amazi yo kunywa. Kano kana kaca kikubita munzu kamuzanira igikombe c’amata. Wa mugabo aranywa ahejeje abaza kano kana ko katomuha amazi nayo. N’ubundi ka kana kikubita munzu kamuzanira igikombe c’amata.Wa mugabo aryohewe aragasaba ko komwongera nako kikubita munzu kamuzanira ikindi gikombe c’amata. Hanyuma rero wa mugabo yumvise akwije ni kwo kubaza ka kana ati: » Ubwo abavyeyi ntibahava bagukubita ko wampaye ku mata yabo ataruhusha wabasavye? »
Ka kana nako gati: » Oya ntaco bashobora kungira kuko ayo mata twari twarabuze ico tuyakoza kuko yaguyemwo imbeba n’umuserebanyi. »
Wa mugabo n’ishavu ryinshi ( bien sûr hamwe n’iseseme rirenze igipimo ! ! ! ! ) aca afata ca gikombe bamuha mw’amata atangura kugihonda kw,ibuye ngo kimeneke. Ka kana gaca karamubuza kamubwira kati: » reka reka ntumene ico gikombe kuko nico nyokuru aza araciramwo (ararukamwo) kuko arwaye cane. ».
Uze uturonderere n’izindi nkuru turabe ko twoza turaruhurira umutwe turushe.Kandi iyi yuntu yawe iri bien décoré.
J’aimeJ’aime
Mbega ko ataco ukivuga ku two nandika, ni we uca uvuga ko ntagishaka kukwandikira?
J’aimeJ’aime