Nemera kandi Umukama umwe Yezu Kristu,
Umwana w’ikinege w’Imana.
Yavyawe na Data ata myaka iravugwa.
Ni Imana iva ku Mana, ni Umuco uva ku Muco,
ni Imana y’ukuri iya ku Mana y’ukuri:
yaravyawe, ntiyaremwe, asangiye kāmére na Se: vyose vyaremewe kuri We.
Yavuye mw’ijuru ku bwa twebwe abantu kugira ngo adukize. (Guhera kuri aya majambo « Yihaye umubiri »
gushika kuri « Yigira umuntu », bose barunama)
Yihaye umubiri mu nda ya Bikira Mariya ku bwa Mutima
Mweranda, yigira umuntu.
Yongera abambwa ku musalaba ku bwacu, kuri Ponsiyo Pilato,
arababara arahambwa, araheza arazuka ku musi ugira
gatatu, nk’uko vyari vyaranditswe, hanyuma yurira
mw’ijuru, yicara iburyo bwa Se.
Kandi azogaruka n’ubuninahazwa, aje gucira urubanza abazima
n’abapfuye, ingoma yiwe ntizoba igihera.
Nemera kandi Mutima Mweranda, Umukama ari we Sôko
ry’ubuzima: akomoka kuri Data na Mwana.
Turamusenga kandi tukamuninahaza
nk’uko tubigirira Data na Mwana: ni We yavugiye mu bahanuzi.
Nemera kandi Ekleziya imwe, nyeranda, gatolika kandi
ishingiye ku batumwa.
Nemera ko Ibatisimu ikura ibicumuro ari imwe nsa.
Ndorereye izuka ry’abapfuye n’ubuzima buzokurikira.
AMEN.
Quand architecte donne l’ordre de mettre telle pierre/brique dans l’angle, c’est par qu’il bien l’idée du projet dont il est le concepteur. Dans l’entreprise du…
« Seigneur donne-nous d’être assez humbles pour ne pas nous approprier ce que tu nous confies ; apprends-nous à ne pas confondre efficacité et fécondité.…