CONFERENCE DES EVEQUES CATHOLIQUES
DU BURUNDI
Secrétariat Général
IJAMBO ABEPISKOPI KATOLIKA BASHIKIRIJE RYEREKEYE AMAHORO MU BURUNDI. NOELI 2011
“IMANA NININAHAZWE MW’IJURU,
KW’ISI NAHO HAZE AMAHORO KU BAKUNZI BAYO”
(Lk 2, 14)
Intangamarara
Bakristu bavukanyi,
Barundi benewacu, na mwe mwese mwipfuriza ineza igihugu cacu,
Muri iki gihe amahoro asa n’ayageramiwe mu gihugu cacu, twebwe Abepiskopi Katolika b’i Burundi twashinzwe na Yezu Kristu, Umwami w’amahoro, ibanga ry’ukuragira igihugu c’Imana, tuje gusubira kubashikiriza ijambo ryerekeye amahoro mu gihugu cacu.
1. Hasigaye imisi mike ngo twebwe abakristu duhimbaze umusi mukuru wa Noeli, aho twigina dukenguruka ivuka ry’Umwana w’ikinege w’Imana yigize umuntu ngo adukize. Igihe yavukira i Betlehemu, abamalayika bamusanganije impundu y’amahoro bati: “Imana nininahazwe mw’ijuru, kw’isi naho haze amahoro ku bakunzi bayo” (Lk 2, 14). Nkako nyene yavutse ari Umwami w’amahoro. Ayo mahoro ni yo twebwe abungere banyu tubipfurije mwese muri iki gihe asa n’ayageramiwe mu gihugu cacu. Nimuze twebwe twese turi abakunzi b’Imana, dukundire uyo Mwami w’amahoro, atwigishe kubana mu mahoro muri ubu Burundi bwacu, n’ukuyaremesha aho tuba n’aho turangurira imirimo tujejwe.
2. Ni ivyo tuzi, amahoro ni intabonwa dukwiye kuronderana ubwira no kubungabunga aho turi hose, cane cane twebwe abakristu dutegerejwe gushingira intahe Umukiza Yezu, mu bisata vyose vy’ubuzima bwacu. Nkako, nk’uko inyigisho y’Umuvyeyi wacu Papa Benedigito wa 16 ibitwibutsa:
Ubutumwa bw’ukuremesha ubutungane n’amahoro mu kuri ni intabonwa itagira ingero (Raba AM 1). Dukundire rero dusemerere, twongere twamirire kure ingwano n’ivyo vyose vyohava biyidusukamwo muri iki gihugu cacu. Erega ntibikiri agaseseshwarumuri, tudakuye hasi ngo dukore ibishoboka vyose, ibiriko biraba ubu mu gihugu cacu, nta handi vyodushikana atari ku kabi kabishe k’iyindi ngwano, kandi tutari bwanakire imvune twatewe n’iyo mu myaka iheze.
Agahengwe twaronse, nitugakoreshe mu kurondera amahoro arama
3. Amagorwa twatewe n’ingwano yo mu myaka iheze ntitwokwirigwa turayagarukako, twese turayazi, kiretse abana bavutse vuba, na bo nyene uravye neza usanga bavukanye imvune y’iyo ngwano. Ntitwemere rero yuko dusubira mu marira twatewe n’ukubura abacu n’ivyacu vyahitanywe n’iyo ngwano.
4. Umwizero w’ukwogorora wagarukanywe n’uko abari bashamiraniye bahavuye bakicara hamwe ngo barabe ingene bosangira igihugu n’ivyaco; nituwukomeze, udushikane ku mahoro arama, ntidusubire mu vyo kwigungirako, ugukumirana n’ugukoresha umuheto.
5. Erega umwizero w’ukwogorora nitubone ko uriho, udufashe gutera tuja imbere. Nk’indyane z’amoko, twariko turazikira; abenshi mu bari barahungiye hanze baragarutse mu gihugu, kandi na bamwe mu bateshejwe izabo barasubiye mu matongo yabo; inzego z’ubutegetsi n’umutekano zariko zirasubira kuba iza bene Burundi bose ata gukumirana; intwaro rusangi ishimikiye ku migambwe myinshi yari itanguye kuboneka; imigambwe yose yahora yubahirijwe; kandi abafise ico bashikiriza bagishikiriza ntibagihorwe; igihugu cari gitanguye gusanurwa ukabona ko abatari bake bariko barubaka; igiteye amakenga, ni uko bivugwa ko bamwe bakoresha uburyo basahuye benewabo n’igihugu; n’ibindi bikorwa vy’iterambere mubona aho muherereye, bituma tubona ko inzira twafashe yari nziza. Ivyo vyose tubikesha uku kwumvikana kwadushikanye ku ntwaro rusangi. None ga yemwe twitore dusubire mu nzira y’ugushamirana, kwinubana, kuryana n’ukugwana? Oya nyabuna!
6. Nk’uko muri Ekleziya yacu tubandanya tubitura Imana muri ca gisabisho c’Inama z’Imiryango ya Diyoseze, “Imana yaraduhaye Uburundi, ibutaka ivyiza vyinshi irabidusangiza twese, kugira ngo bidutunge, bize bidutungire abana, abuzukuru n’abuzukuruza”. Ntitukabe rero ba “bahebiyake” mu kugomba guca mu yandi mayira, aciye kubiri n’ugusangira ivyo Imana yadusangije.
Nitwiyamirize rero ingwano, itotezwa be n’ubwicanyi vyimonogoje mu gihugu
7. Hagize iminsi havugwa ururimi rw’ingwano: baba abavuga ko biteguriye kuyitera canke abemeza ko itagishoboka. Ico twomenyesha ni uko, baba abagomba kuyitera canke abibwira ko boca bayitsinda, ingwano ni mbi. Ntitukamenyere
ingwano. Ntitukayikinishe. Irinze yaduka, isambura vyinshi, igahitana benshi kandi bose ni ibiremwa vy’Imana. Ni co gituma uwukunda vy’ukuri igihugu n’abanyagihugu, agikingira ingwano, akirinda ivyitwazo vyose vyohava bituma itangura. Turasubiriye rero kwiyamiriza twivuye inyuma inzira y’ingwano muri politike, kuko ntiyigeze iba na rimwe inzira y’amahoro arama. Cire hasi birarura, kuko iyo nzira, nta handi ishikana atari mu rupfu rwa bene-Burundi, eka mbere n’abanyamahanga.
8. Hari n’ubwicanyi mu gihugu buhaye burenga urugero. Uretse ubwicanyi bwamye, nk’ubuva ku busuma busanzwe, ku gupfa amatongo n’ayandi matungo, canke ku gutwarana uburozi, ubu igihugu cacu gisongewe isibe n’ubwicanyi bundi bufatiye ku mvo za politike bukagirizwa impande zose z’abashamiraniye; mbere hari n’ikibi gishasha co kuzimiriza abantu: baranyuruzwa, bakicwa, bagatabwa mu nzuzi canke mu gahinga, bakayoberanywa, bakabaca ibihimba vy’umubiri. Muri ivyo hari n’ibisigaye vyagirizwa bamwe bamwe mu bari mu nzego z’ukugendereza n’ukubungabunga umutekano.
9. Hari ikintu dukwiye kwitondera muri iki gihugu. Ni ic’uko ibintu vyinshi n’aho bivugwa, bigatangwako impanuro, zaba iza benegihugu canke iz’abanyamahanga, aho uko ababibwirwa baraba ukuri kurimwo, ngo barabe ko hari ico vyofasha, womengo uwuhanuye wese aca aba umwansi, akabonwamwo uwugomba kwaka amaronko beneyo. Vyoramuka bibandanije gurtyo, ntaho twoba tuvuye kandi ntaho twoba tugiye, kuko ntaho vyigeze ko umutwe w’umwe wigira inama.
10. Ikindi kiriho n’aho kidakunze kuvugwa cane, ni ubwoba butekeye igihugu. Mbega abari ku butegetsi bumvise urukurukuru rw’uko hari imigwi y’abagomba gutera Leta ngo bayisenyuze umuheto, bobura ubwoba ? Ku rundi ruhande, abatavuga rumwe na Leta babonye bamwe muri bo bagiye barafatwa ku mwikeko w’uko bashigikiye iyo migwi, hanyuma bagapfungwa canke mbere bamwe bagatorwa ibiziga, bobura ubwoba ? Kandi ivyo vyose biriho, kuko abamaze kwemanga ko bayoboye imigwi y’abagomba gutera Leta twarabumvise; n’abirirwa barafatwa ngo bagirweko amatohoza, turababona. Ubwoba rero buriho no mu banyagihugu; n’ikimenyamenya ni uko hari ababaho bihishije abandi bagahunga. Tukaba tuzi ko ubwoba na bwo butuma abantu bakora ibitokozwe, kuko uwutekewe n’ubwoba atigera akora ibintu neza.
11. Ivyo vyose bituma mu gihugu ukwizerana kugabanuka, abantu bagatangura kwinubana, bakikekana, ntibabe bakivugana ukuri. Gurtyo inzira y’amahoro ntitere imbere, vyongeye n’ibibazo bihanze igihugu n’abanyagihugu ntibibe bikironkerwa umwanya ukwiye, kuko abanyepolitike baca basamazwa n’izo mpari zabo, zihava mbere zigatera n’umutima uhagaze abanyagihugu. Ivyo bibazo ni nk’ic’ubukene mu gihugu, ic’ingene tworwanya igiturire n’inyuruzwa ry’amatungo y’igihugu, ikibazo c’intwaro ibereye, n’ibindi vyinshi.
None imvo n’imvano y’ako kabi ni iyihe ?
12. Amatora yo mu makomine yaraye abaye, abanyepolitike bariciyemwo imigwi ibiri, haba abemeye kubandanya ihiganwa mu matora yakurikiye, n’abiyonjoroye bagiriza Leta n’umugambwe uri ku butegetsi yuko babivye amajwi. Kuva ico gihe ntawabaye agiha uwundi nirwere. Ahubwo, baciye batangura kwimbana no mu mizi, bamwe mbere mu biyonjoroye barahava babwirizwa guhungira mu mahanga, iyo babandanya bagwaniriza Leta mu buryo bwose bashoboye.
13. N’aho muri bo ata n’umwe arigera avuga ko ashigikiye ugukoresha igikenye mu gushika ku co yipfuza, Leta yo ntireka kubagiriza ugukokeza n’ugukingira ikibaba abo yita “imigwi y’abasuma n’inkozi z’ikibi”, ikabagiriza ubwicanyi buba hirya no hino. Na bo nyene ni ko kw’uko, ntibahengeshanya kwagiriza Leta n’umugambwe uri ku butegetsi yuko bagira irementanya kugira ngo ubwo bwicanyi babusuke ku batavuga rumwe na yo, babartyoze, babe baronse aho babaca mu kubagwanya nk’inkozi z’ikibi gusa.
14. Mu vyo turiko turabona ubu, hamwe hamwe biragoye kumenya neza abo ubwo bwicanyi bwagira, narirya abashinzwe gutohoza, kenshi uheruka bavuga ko batanguye, mugabo ntibamenyeshe ko hari ico bashitseko. Igisa n’ikiboneka ni uko ababigira bose babitumwa n’abagwanira ubutegetsi, bamwe ngo babugumye, abandi ngo babushikire.
15. Mu vyo tubona kandi, iyo ngwano y’ubutegetsi iri n’ico yisangije. Bamwe bagira bati twabuhawe na benegihugu biciye mu matora none dutegerezwa kubugumya gushika ababuduhaye babutwatse. Abandi na bo, bagashingira ku kubagiriza ko bivye amatora kandi ko batwaye nabi. Ariko ubiravye neza, n’aho bose bitwaza intwaro rusangi, mu vy’ukuri, benshi umengo ico banezwe ni ubutegetsi bubazanira amaronko. Bamwe, aho gukengurukira abenegihugu babahaye ubwo butegetsi mu gutwara neza, barondera ineza ya bose, abandi nabo aho kunegura ibitagenda neza bivuye ku mutima wo kwubaka, benshi muri bo basa n’abironderera gusa kugwiza amaronko.
16. Imvo n’imvano y’akabi kageramiye igihugu cacu, twibaza ko ihagaze aho.
None umuti woba uwuhe ?
17. Intwaro nk’uko yavuye mu matora ya benegihugu, niyubahirizwe; mugabo abategetsi bamenye ko urukiza rw’igihugu nk’iki caciye mu mayira tuzi, ruri mu kwemera gusangira n’abandi, kugira na bo nyene bagire umuganda baterera mu rugamba rwiza rw’amahoro.
18. Inzira y’ingwano, n’iyo igize ngo irashitse, ntishikana ku mahoro arama. Abari mu nzira y’ingwano, baba abagomba kuyitera canke abitegurira gusa kuyigwana, nibayivemwo. Ahubwo ku bw’ineza y’igihugu n’abanyagihugu, bose bakure mu kayira ico cose cotuma ingwano isubira kwaduka, kuko iyo yadutse, abenegihugu ni bo bahagorerwa rwose.
19. Kubera ico, nihatunganywe bidatevye ibiganiro vy’ukuri, biha ijambo abanyepolitike bose, harimwo n’abatavuga rumwe na Leta, babigirire mu rwego rushobora kwemerwa na bose bisunze amasezerano y’i Arusha n’Ibwirizwa Nshingiro.
20. Kugira ngo ivyo bishoboke, Leta niyemere ko hari abatavuga rumwe na yo kandi ko bakenewe mu gihugu kugira ngo umugambi w’amahoro n’uw’intwaro rusangi ushoboke. Abatavuga rumwe na Leta na bo, nibirinde kudadaza, ivyiza bikozwe na Leta babishime, kandi baronderere hamwe n’abandi uburyo, bw’uko inzira y’amahoro twinjiyemwo yokomezwa.
21. Kubera ko hari abari mu nzego z’umutekano canke z’igendereza, bagize iminsi batungwa agatoke n’abanyagihugu ko boba bakorera ikibi abanyagihugu, abazishinzwe ni bazicungere neza kuruta, zoye guteza urubwa Leta.
22. Ubwicanyi bwose n’ukunyuruza abantu bifatiye ku mvo za politike, nibihagarare vuba bwango. Ibi na vyo vy’ukuza barafata abo biketse bose bagaca bapfunga ngo bagomba gutohoza, vyokorwa vyubahirije agateka ka muntu n’amategeko y’igihugu cacu, kugira ngo ntibibandanye bivyura ukwinubana mu bantu, n’ugutuma abantu batekerwa n’ubwoba, gushika n’aho bamwe bahunga igihugu.
23. Inkozi z’ikibi zimaze kwibonekeza kandi zitungwa agatoke n’abanyagihugu, n’aho zoba ziri mu mugambwe uri ku butegetsi, ni zihanurwe biboneka, vyanse zihanwe nk’uko amategeko abitegekanya, zoye kuguma ziza zirigamba abanyagihugu bazishengeje, nk’uko umengo ziri hejuru y’amategeko.
24. Abacamanza niberekane ko bari mu rwego rwigenga kandi babigendere. Ukudahana ivyaha birwanywe, bibonekere mu gusozera amatohoza yama yatangajwe ko yatanguye, n’ugucira imanza abagirizwa ubwicanyi, ukunyuruza itunga ry’igihugu n’ibindi vyaha.
25. Umugambi wo gukura ibigwanisho mu banyagihugu nubandanye ushike ku ngingo wagenewe, kandi ntihagire ibigwanisho bisubira gutangwa mu banyagihugu. Ivy’ugukoresha urwaruka rwegamiye imigambwe nk’abasirikare nibigirwe umuziro, kuko biracanishamwo urwaruka, bikanatuma mbere rukura rwibaza ko ubugabo ari urucumu ! Aho vyagizwe hose, vyaruhiye guta igihugu mu kaga.
26. Umugambi wo guteza imbere intwaro ibereye, mu kwitwararika kwubahiriza agateka ka zina muntu, mu kurwanya ata mpuhwe igiturire, ukunyuruza n’ugusesagura itunga ry’igihugu, niwitwararikwe uje vy’ukuri mu ngiro. Abo biboneka ko ivyo batunze biteye amakenga kandi bari mu ntwaro, babagireko amatohoza, boye kuguma bikekwa ku busa.
Bakristu dusangiye ukwemera : “Ni mwebwe muco n’umunyu w’isi” (Mat 5, 13.14)
27. “Bibwirwa benshi bikumva bene vyo” ! Iri jambo turishikirije abarundi bose, abemera Imana n’abatayemera. Mugabo dusavye ko ryakirwa ku buryo budasanzwe n’abo bose bemera ko bayoboka Kristu Umwana w’Imana. Uyo Mwana w’Imana buca dushemeza ivuka ryiwe, ni we yatubwiye ati: “Ni mwebwe munyu w’isi”, “Ni mwebwe muco w’amakungu” (Mat 5, 13.14).Yarongeye avuga rya jambo nkoramutima ngo: “Hahiriwe abaremesha amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana” (Mat 5, 9). None rero twebwe twatoranye kuba abana b’Imana, abavukanyi ba Kristu, mu kuvuka ubwa kabiri mw’ibatisimu, nitwigane uyo Yezu yaje yigisha amahoro, agendera amahoro, aremesha amahoro.
28. Bakristu mwese, na cane cane mwebwe mukorera muri politike, haba mu gihugu, canke hanze, nimugendere ibanga ryanyu, ntimuterwe isoni n’ukwemera kwanyu, nk’uko Umuvyeyi wacu Papa Benedigito wa 16 aherutse kubibasaba: nimwerekane ubutwari mu kwunganira intwaro nziza y’igihugu cacu, mwishimikije ukwemera kwanyu, kuko muzi akunguko kwozanira ineza ya bose (Raba AM 131).
29. Nimwame mwibuka ko mu nkingi z’amahoro hari ukuri hakaba n’ubutungane. Reke kuza muranka ukuri canke mukuzingamika, mu kwitiranya ikibi n’iciza kuko ukuri n’amahoro birashigikirana (Iz. 85). Vyongeye, hagararire ubutungane bimwe biboneka, mu gutunganiriza bose mu vyo mushinzwe canke mwishinze, kuko amahoro adashimikiye ku butungane amara umwanya urume rumara (AM 18). Ariko kandi mwame mwibuka ko hejuru ya vyose hari urukundo, kuko ni rwo gahivu kungira ubumwe bose, kagatuma amahoro ashoboka (Raba Kol 3, 12-
15). Ni uko rero, nk’uko Paulo Mweranda abitwigisha: “Nimugumye umutima rugabo mukenyeje ukuri, mwikwije ubutungane, mwambaye inkweto z’imbangutsi ngo mukwize inkuru nziza y’amahoro; hejuru ya vyose nimwakire n’inkinzo y’ukwemera ngo mubashe kuzimya imyampi irurumba y’umubisha; nimwakire kandi inkofero y’ubukiriro n’inkota ya Mutima ari yo rya jambo ry’Imana” (Efezi 6, 14-17).
30. Twebwe Abungere banyu, muri iyi minsi tubatumiriye kurushirizaho gusenga, ukwisonzesha n’ugukora igikorwa c’urukundo, dusabira amahoro igihugu cacu. Dusavye ko kw’igenekerezo rya 29 kigarama 2011 twohurira ku gisabisho c’ugushengerera Isakramentu ryeranda, twibuka umunsi w’igandagurwa ry’ Intumwa ya Papa mu Burundi Musenyeri Michael Courtney yaharaniye amahoro.
31. Turangije tubipfuriza mwese kugira iminsi mikuru myiza ya Noeli n’umwaka mwiza muhire. Ese Umwami w’amahoro yovukira mu mitima yanyu, mu ngo zanyu, no mu gihugu cose, maze uyu mwaka wose tukumva ko uyo Mwami w’amahoro adufashije gutera imbere mu gukomeza inzira y’amahoro mu gihugu Imana yatugabiye.
Imana Data yaturungikiye Umukiza, na Mwana yigize umuntu akabana na twe, na Mutima Mweranda atumurikira, nibahezagire mwese, kandi ihezagire n’igihugu cacu c’Uburundi. Bikira Mariya Mugabekazi w’amahoro nadusabire. Bigiriwe i Bujumbura, kw’igenekerezo rya 8 Kigarama 2011 ku munsi Mukuru w’Isamwa ata gicumuro rya Bikira Mariya.
Abungere banyu:
Gerevazi BANSHIMIYUBUSA Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi akaba n’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi
Venansi BACINONI Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bururi akaba n’Icegera c’Umukuru w’Inama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi
Simoni NTAMWANA Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Gitega
Evaristo NGOYAGOYE Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Yohakimu NTAHONDEREYE Umwepiskopi wa Diyoseze ya Muyinga
Bonaventure NAHIMANA Umwepiskopi wa Diyoseze ya Rutana
Bulaziyo NZEYIMANA Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ruyigi
Musenyeri Théogène MURWUWUNDI Icegera c’Umwepiskopi wa Diyoseze ya Bubanza