Itangazo rishikirijwe n‟Inama y‟Abepiskopi gatorika b‟i Burundi
mu kuremesha abakristu n‟ugukengurukira Nyenubweranda Papa Benedigito wa 16
muri iki gihe c‟uko yikebanura Ekleziya mu butumwa yahoramwo bw‟ukuba Papa.
Bakristu, muryango w‟Imana w‟i Burundi, namwe bakunzi b‟Imana mwese,
1. Kw‟igenekerezo rya 11 Ruhuhuma 2013, Inama y‟Abepiskopi Gatolika b‟i Burundi yarabashikirije itangazo rimenyesha ingingo Umuvyeyi wacu Papa Benedigito wa 16 yafashe, yo gutanga imihoho mu butumwa yari yaratorewe bw‟ukuba Umwepiskopi mukuru w‟i Roma n‟Umusubirizi wa Petero Mweranda. Nkuko we nyene yabitangaje, iyo ngingo yayifashe kubera ubusaza bwiwe bumurembeje n‟amagara atakimukundira kurangura neza nkuko bikwiye ubwo butumwa. Birumvikana ko iyo ngingo yatangaje abatari bake kuko bitari biherutse ; mugabo kandi n‟abatari babizi, baciye bamenyeraho ko ari ingingo yumvikana kuko isanzwe itegekanijwe muri Ekleziya mw‟itegeko ryayo ry‟332,§2. Kubera ko bitegekanijwe, iyo ngingo ntawe yotera ubwoba kuko iyo ifashwe, Ekleziya ntica igwa mu kaga ; uretse ko n‟ubundi isanzwe iyobowe n‟Imana mu buryo bw‟akayoberabahinga, no mu biboneka, ibintu bibandanya bigenda nkuko Ekleziya yabitegekanije, gushika habonetse Umusubirizi wa Petero Mweranda ku ntebe y‟i Roma.
2. Iyo ngingo rero Nyenubweranda Papa Benedigto wa 16 yatangarije Ekleziya yose mu nama y‟abakardinali, ija mu ngiro kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2013, guhera isaha zibiri z‟ijoro z‟i Roma, isaha zitatu z‟ijoro za hano iwacu i Burundi. Guhera kuri iyo saha, Ekleziya gatorika izoba ata mu Papa ifise, ni ukuvuga ko Intebe y‟Umwepiskopi mukuru w‟i Roma akaba ari na yo Ntebe ya Petero Mweranda, izoba igaragara, gushika umusi Abakardinali barekuriwe gutora (n‟ukuvuga abatarshikana imyaka 80 kandi bakiri mu bumwe bw‟Ekleziya), bazotora uwundi Musubirizi wa Petero Mweranda.
3. None rero twebwe abakristu, twobandanya twakirana ukwemera iyo ngingo ya Nyenubweranda Papa Benedigito wa 16. Turacibuka ko mu 2005, afise imyaka 78 yari yatorewe iryo banga rihambaye, hanyuma ahanuje Imana ikamubwira kuryakira, agaca aryakira. None uyu munsi naho, ku myaka 85 ishira 86, amaze guhanuza Imana kabiri gatatu, iyo Mana nyene yamubwiye ko yokinjura, hanyuma aca aragamburuka iryo shaka ry‟Imana. Yaduhaye twese akarorero keza k‟ukwakira ishaka ry‟Imana mu bihe vyose, uko rije rimeze kwose. Muri iki kiringo rero, twebwe abakristu, ico twogira ni ukubanza gukengurukira Imana ku vyiza Papa Benedigito wa 16 yakoreye Ekleziya yayo iciye kuri uyo mupapa yari amaze imyaka 8, ayoboye Ekleziya yo kw‟isi yose, akomeza ubumwe n‟ukwemera kw‟abakristu.Tugakengurukira cane n‟uyo muvyeyi nyene Papa, ku vyiza vyinshi yakoze. Akaba mbere adusigaranye n‟Umwaka w „Ukwemera, ka karyo keza k‟uko umukristu wese aho ari, yiyibutsa ubwiza n‟iteka ry‟ukuba uwa Kristu, agaca yiyibutsa n‟ibanga yatoranye ry‟ukuba « umuco n‟umunyu w‟iyi si yacu » tubayemwo (raba Mat.5).
6. Ikindi twogira, ni uko twobandanya tumwibuka kandi tumuhetse ku muzirikanyi mu kumusabira. Nkuko na we nyene yabidusavye, tuzokwama tumwibuka mu gisabisho, kandi na we nyene aherutse kubitangaza ko ugutanga imihoho kwiwe kutavuga uguheba Ekleziya. Ahubwo ngo « agiye kubandaniriza ubutumwa bwiwe ahiherereye adusabira », nka kumwe Petero, Yakobo na Yohani bajana na Yezu ahiherereye ku musozi wa Tabor ngo basenge neza, batwikiriwe n‟umwakaka w‟ubumana bwa Yezu. Na we yatwemereye ko azobandanya asabira Ekleziya. Ekleziya na yo yemeye kuzoguma imwita Papa Benedigito wa 16, kandi n‟inyambarabami yahorana akazigumya, uretse gusa iziranga umupapa ari ku ngoma. Ivyo tuzowibukirako uyo mupapa wacu ni vyinshi. Muri rusangi, hari inyigisho nziza nziza zitomoye kandi zishingiye ku kwemera Imana yitwa Serukundo, n‟ugushingira intahe ukuri mu bwitonzi bwinshi adusigaranye. Hari kandi ishaka ridasanzwe yatweretse ry‟ugufasha Ekleziya ngo yirtyorore, ibe koko iya Yezu Kristu, ntihave ikurikira imigenzo y‟iyi si, ahubwo igire ubutwari bw‟ukubera iyi si yacu, « umunyu n‟umuco w‟isi » mu kugendera ubutungane, ukuri n‟urukundo, ngo abantu bumve ko bavukana muri Kristu, babane mu mahoro. Hari rero n‟ingingo zihambaye kandi zasaba ubutwari yafashe, kugira ngo ntihagire abahirahira ngo bikingirize umutamana w‟abatumwa b‟Imana, kandi batagomba kugendera iryo banga nkuko Imana ibibasaba, Ekleziya na yo ikabitegereza. Hari n‟ikindi, ni uko ubwenge bwiwe buhanitse mu vy‟Imana butigeze bumutuma yishira hejuru, ahubwo bwamuhaye ubwitonzi ntangere bw‟ukwicisha bugufi kudasanzwe, kwamutuma ashobora n‟ukwigisha abantu batobato akababera Umuvyeyi biyumvamwo.
7. Kuri twebwe turi muri Ekleziya yo muri Afrika, tuzoguma tumushimira cane kandi, kuko yabandanije atwizigira mu kudutoramwo Abepiskopi n‟Abakardinali, baba abaguma mu madiyoseze yabo, canke abo yiyegereza ngo bakorane hafi. Turanamushimira cane ku buryo bw‟umwihariko, kubera Inyigisho yiwe nziza cane yerekeye Afrika yacu yaheruka kuduha, ngo itubere nk‟agakoni twitwaza muri ibi bihe turimwo. Muri iyo Nyigisho yitwa « Africae munus », yihweje ingene abakristu bo muri Afrika bafise ishaka mu kwemera kwabo, mu kwijukira gusenga Imana y‟ukuri n‟ukwubaha amabwirizwa yayo, yaratangaje icese ko Afrika yacu, ifashijwe n‟ukwemera twaronse, isigaye imeze nk‟intara y‟umwizero w‟isi yose, tukaba nk‟umutima w‟isi ya none. Ntaworeka rero kumukengurukira kuko yadutaze vyiza nk‟Umuvyeyi nyene adukunda. Imana ibandanye imuduhezagirira maze ivyo yamufashije kubona bitwerekeye, ibishitse, tubere abandi umwizero.
8. Ivyo rero vyari ivy‟ukumukengurukira. Ku rundi ruhande naho, hari abaguma bibaza bati : mbega none guhera itariki 28 Ruhuhuma, ibintu bizogenda gute ? Humure, bakristu ! Ni ko, kuva ku wa 28 Ruhuhuma isaha zitatu z‟ijoro za hano iwacu, Ekleziya gatorika yose, nta Papa izoba ifise. No mw‟isengero, mu nkuka y‟imisa, muzokwumva ko umusaseredoti azosimba ca gisabisho c‟ugusabira Umupapa ari ku ngoma, kuko atawuzoba ahari. Ni igihe rero gihambaye muri Ekleziya, ariko bitavuze ko ari igihe giteye ubwoba. Erega n‟ubundi Ekleziya ni iy‟Imana, iri mu minwe y‟Imana, ni yo iguma iyibungabunga. Ico dusabwe ni ukubandanya tubaho mu kwemera, mu kwizigira no mu rukundo. Ibisigaye, amategeko y‟Ekleziya arabitegekanya vyose, haba ku vyerekeye ingene Ekleziya iba irayoborwa muri ico kiringo, haba kandi no mu buryo hatorwa uwundi Musubirizi wa Petero Mweranda. Nta n‟umwe yiyadukiza muri Ekleziya gatorika, vyose bikurikira indinganizo izwi kandi yanditswe. Mu bisanzwe, mu misi 15 canke 20, abakardinali barekuriwe gutora Papa mushasha, bazoca bakorana, kugira ngo batore uwundi Musubirizi wa Petero Mweranda. Muri kino kiringo abo Bakardinali barekuriwe gutora bashika 117, bakaba bakomoka mu ntara zose zo kw‟isi irimwo Ekleziya gatolika : i Bulaya, muri Amerika, muri Aziya, muri Oseyaniya no muri Afrika. Indinganizo y‟ingene batora umupapa isanzwe itomowe mu Nyigisho imaze igihe, kandi no ku munsi wa mbere uheze, ku wa 25 Ruhuhuma, Papa Benedigito yarahinyanyuye bimwe bimwe muri iyo nyigisho, ngo bijane n‟iki gihe, nk‟ibijanye nuko babonye bose bamaze gushika, bashobora gutora batarinze kurindira iyo minsi yose icumi n‟itanu.
9. Twebwe abakristu, muri ico kiringo, dutumiriwe gusenga cane Imana, twambaza Mutima Mweranda, kugira ngo amurikire abatora, maze hatorwe Umusubirizi wa Petero Mweranda abandanya ayoborana ukwemera, ukwizigira, urukundo, ubwira n‟umwete ubusho bw‟Imana, maze Ekleziya irushirizeho kurangura ubutumwa bwayo yarazwe n‟Umukama Wacu Yezu Kristu, bw‟ukumenyesha Inkuru Nziza ikiremwa cose, n‟ugushingira intahe urukundo rw‟Imana mu bantu.
10. Bakristu b‟i Burundi, turazi yuko iyo habonetse ibihe bidasanzwe, hama hari abakoreshwa na Sekibi, ugasanga bariko barakwiragiza ibihuha n‟ibinyoma, cane cane ivy‟ugutera ubwoba abantu, ngo karabaye noneho. Hari mbere n‟abasigaye baca bahenda abantu, ngo bari bavyeretswe, kugira ngo bace umutima abakristu. Ntibibatangaze. Kuva kera Sekibi yama ibanza kugomba gukura umutima w‟abemera ku Mana kugira ngo ibone kubigarurira, ibate mu kaga. Ni ko yabigenjeje ku bavyeyi bacu bambere (Gn) kandi ni na ko yagomba kubigirira Yezu muri ya mageragezwa duheruka kuzirikana muri iyi Karema. Ntimugaterwe ubwoba n‟abo bavuga ivyo batazi kandi batatumwe. Nimubandanye nyabuna musenga ata bwoba, kandi muremye. Nimusabire Ekleziya y‟Imana, mu bisabisho vyanyu vya minsi yose, mu nkuza z‟imisa murushirizeho mbere kuba benshi, mu guteramira isakramentu ryeranda, mu kuvuga ishapule n‟irozari ; mwongere mubandanye mukora ibikorwa vyiza vy‟urukundo n‟ikigongwe, kuko ari vyo bishimisha Imana.
11. Bakristu dusangiye ukwemera, ego nyene, tubivuge tubisubire : ntimusabe nk‟abapagani, basaba kubera ubwoba. Dusabe nyabuna twishimikije ukwemera kwacu, na rirya turi mu Mwaka w‟Ukwemera. Nkako, Umukama yarabirahiye Petero ati: “uri urutare rutamenwa, kandi kuri urwo rutare ni ho nzoshingira Ekleziya yanje, n‟inteko z‟amashetani ntaco zizoyigira”.(Mat.16, 18). Turazi ko Imana ari mutabesha kandi mudahemuka, ko yavuze iryo jambo, n‟aho ubwato bwa Petero bwonyiganyizwa n‟ibihuhusi, kirazira ko bwibira, kuko Yezu abuyobora naho twokwibwira ko asinziriye, yaratweretse ko agona ari maso, nka kumwe yabigirira abatumwa mu guhumuza ibisebuzi vyari bibayobeye(Mat.8, 23-27). Uko kwemera ni kubaremeshe mwese, maze n‟ibihuha vyose mwokwumva, mubifate nk‟ivyo bihuhusi, mugabo bitigeze bituma ubwato bw‟Ekleziya iyobowe na Yezu Umwungere Mwiza bwibira ngo busome nturi. Muzoze murumviriza ijambo ry‟Abungere banyu, bazoza barabamenyesha aho bigeze. Aho muzobona mudategereye, mwegere abasaseredoti banyu , mubabaze inkuru y‟imvaho, gushika igihe bazobatumirako gusanganiza impundu n‟urweze Umupapa mushasha azoba yatowe, kandi ntibizoteba kanini, ni ukurindira gusa igihe c‟Imana.
12. Muri Ekleziya yacu, tugira n‟Imana turafise Umuvyeyi twama twirukira, na none yitwa Umutabazi w‟abakristu. None rero, niduture Ekleziya yacu Bikira Mariya Umutabazi w‟abakristu, kugira ngo ayiremeshe nk‟Umuvyeyi nyene, kandi aze yongorore Abakardinali bose bazodutorera Umupapa Mushasha, ngo baze badutorere uwo Imana yigomewe kandi uw‟isi n‟Ekleziya y‟ubu bikeneye ngo arangure nkuko bikwiye ubutumwa bwa Petero Mweranda mu bumwe bw‟abandi basubirizi b‟Abatumwa no mu rukundo rw‟abo tudasangiye ukwemera.
Bigiriwe i Ngozi, ku wa 27 Ruhuhuma 2013
Kw‟izina ry‟Inama y‟Abepiskopi gatorika b‟i Burundi
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa
Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi akaba
n‟Umuyobozi w‟Inama y‟Abepiskopi Gatolika b‟i Burundi.