Umuntu yoshobora kuvuga ko mu «gukinjura » kwa Papa Benedicto wa 16 yamenyesheje umuryango w’Abakristu ku wa 11 Ruhuhuma, yibwira ati kumbure Imana izoba yaronkeje Ekleziya yayo uwundi mwungere imbere y’uguhimbaza amabanga y’icungurwa ryacu muri iyi misi ya Pasika. Rabe ni ko vyagenze, Imana yaraduhaye Umupapa mushasha. Hamwe turirimba duti « tuguhaye mu vyo waduhaye », ubu naho twogira duti « Umukama yatoye mu muryango wacu uwo atugabira nk’Umwungere mwiza nyene » ngo abandanye igikorwa Yezu Kristu yasigaranye abatumwa muri Ekleziya. Ni akanyamuneza ko tugize umuryango uri mw’ivyiza bihimbara Imana, maze tukabiyihereza kugira ngo ice ibitugabira.
Ariko rero uwo Mupapa ariko arashimwa muri iyi misi mike amaze muri ubwo butumwa, umengo ntawari kumwitega muri uwo muryango wacu wari ugize imisi uvugwako canke wandikwako ibintu bigoye, vy’agacamutwe mbere, rimwe na rimwe bigatera ubwoba amanyamuryango. Ariko twese tworema, kuko Ekleziya ni Umuryango Mweranda nk’uko twama tubigaragaza mu kwemera. Ni ca giti ciza gitanga ivyamwa vyiza, naho ico kitabuza ko ico giti gikenera gututurwa, kugira ngo kibonereho kwama na ntaryo ivyamwa bihoraho. Muti none aho wakavugiye, ushaka kudushinakana he ? Ntunge mvuge nk’utuntu tubiri canke dutatu.
Papa Fransisko yatowe mu bihe bitoroshe vy’Ekleziya.
Uwobona mvuze uko yohava acika ivutu. Haba namba. Ibihe vyose Ekleziya irimwo vyama bihambaye naho atawovuga ko vyose ari co kimwe. Nkako nyene, kuva aho Imana ishingiye ihema ryayo hagati yacu, mu kwigira umuntu kwa Yezu Kristu, umuryango w’ab’Imana uriko urabaho ibihe bidasanzwe, ubwami bw’Imana buri hagati yacu, na cane cane muri ibi bihe vy’imperuka (Abahebreyi 1,2). Ngize rero nti ni ibihe bidasanzwe uravye ivyagiye biravugwa kuri Ekleziya, aho abo nogira nti bafise aho bavugira kuko amajwi yabo ashika kure, bagiye baravuga bongera bandika ko Ekleziya itacizewe n’abantu benshi, ko ifise ingorane nyinshi muri yo uri izerekeye ubukuru, uturorero tubi dutangwa na bamwe bamwe mu bashinzwe amabanga y’ukurongora abandi, n’ibindi vyinshi. Egome cane, haragiye harabaho abagwanya Ekleziya, ku buryo bweruye mbere, kandi n’ubu bakiriko. Uworaba n’amategeko ariko arashikirizwa ayandi atorwa mu bihugu bimwe bimwe, nta gukeka ko hari abashaka kurwanya inyigisho ya Kristu. Ng’ivyo ibihe bitoroshe navuga, aho mbere n’abantu biha uburenganzira bwo gutanga intumbero y’abatumwa, bakibagira y’uko intumbero itangwa na Kristu.
Papa Fransisko yatowe mu muryango w’Ekleziya ngo ayibere Umwungere.
Mvuge ngo ndiko ndasubiramwo ibintu vyumvikana ? Oyaye ! Ndavye ivyagiye birandikwa kuri uwo muryango, cane cane ku ba Kardinali bo mu vyo bashinzwe harimwo n’ugutora Papa, ubwenge bwanje burasigwa. Mu binyamakuru bisomwa cane kw’isi vyasohotse cane cane kuva kuwa 11 Ruhuhuma gushika ku wa 19 Ntwarante aho Papa Fransisko yatangura icese ubutumwa bwiwe, bimwe bimwe bikaba vyaranasubiwemwo n’ivyandikwa aha mu Burundi bwacu, harabayemwo ibintu bigoye gutegera. Imbere y’itorwa ryiwe ibitari bike vyandika vyereka ko Ekleziya yanyegewe n’imigera myinshi, na cane cane mu bakuru. Ubiravye mbere, wogize uti nta ciza umuntu yoyitegako gishemeye.
Iyo mvugo yarahindutse cane guhera Papa Fransisko yaraye atowe. Bati : noneho Ekleziya iza yaronka umuntu nyawe, « azohindura » ibintu vyinshi, azosubiza ibintu mu buryo, n’ayandi majamabo asa nayo. Sinategereye gusa ko ari muri Ekleziya hazohinduka ibintu, canke ko ari isi yacu ihamagarirwa guhinduka ! Jewe hari ibibazo ntaratorera inyishu. None ga, uwo mu Papa mwiza yakorotse ava he ? Yavuye ku yindi si ? Yavuye mu rindi dini ? Mbega yoba yatowe na ba ba Kardinali bavugwa ukuri hano? Yoba yatowe muri bo ?
Ico nemeza, ni uko atawamura icamwa ciza ku giti kibi. Injili iti : « Igiti ciza cama ivyamwa vyiza, igiti kibi nco kikama ivyamwa bibi » (Matayo 7, 17-18, Luka 6,43-44). Papa Fransisko ashimwa (gushika ubu), ni umwana w’Ekleziya, akayibera n’Umwungere, ni « ishurwe ryiza » ryejeje muri uwo murima w’Imana. Ni dukengurukire riho Imana idasiba gutanga, igatora mu vyo yaduhaye, ngo ibitugabire.
Ikindi umuntu yokwibuka catangaje, ni uko no mu bavugwa n’abatabizi nyene, maze ivyiyumviro vyabo bakavyitiranya n’ivy’Imana, Umukama yatwerekeye hamwe ko ishaka ryacu ritama rihwanye n’iryiwe. Nibuka Umukardinali umwe yishuye umumenyeshamakuru yamubajije ico yiyumvira ku matora bariko baritegurira, uno nawe yishura ati « Imana yaramaze kudutorera Umupapa. Hasigaye ko duca bugufi, tugasenga kugira ngo tumenye uw’ari we !». Abivuge ko ! Abatari bake baratangaye. Hasigaye kumenya ukwo twokwigenza nk’abanyamuryango.
Inyifato y’abanyamuryango muri ibi bihe yoba iyihe ?
Twibuke ko kuba uwa Kristu atari ukuba « Njanyenabaja ». Ibivugwa ntibizigera bibura. Abarundi tweho ngo « dusiba kurima ariko ntidusibe kuvuga. » Abavuga, cane cane muri iyi misi, bashaka kutubuza gukengurukira Imana ku ngabirano idasiba kuduhunda, mu kuduha abungere b’imitima. Hari abaca batangura guhanganisha abantu n’abandi, bamwe bati tuza twaronka Umupapa, nk’uko umenga uwo yasubiriye ntaco yamariye umuryango. Ntitukaje narwo. Ubweranda bw’umuryango wacu bwibonekeza kwinshi. Twese ntidushobora kuburanga kumwe. Twibuke ko tudafise ingabirano zimwe, ariko « umwe wese ahabawa ingabirano na Mutima ngo zitugirire akamaro twese » (Raba 1 Abanyakorenti 12). Jewe mbere nobigereranya n’umurwi w’abacuraranzi bakoresha ibicurarangisho bitandukanye. Ubwiza b’ururirimbo, ni uko umw’umwe wese acuraranga uko bikenewe, maze bose bagahuriza hamwe. None ga twese twohava tugakora bimwe, kandi co kimwe ?
Ica kabiri twogira, ni ukuzirikana inyigisho duhabwa, tutazikuye mu nsiguro duhabwa n’ijambo ry’Imana. Ntanze nk’akarorero kawe gusa : Papa Fransisko, inyuma y’imisi ibiri atowe, imbere y’abamenyeshamakuru basaga 6000, yavuze ko yipfuza « Ekleziya igendera ubworo, ikitaho aboro ». Kireste ko iryo jambo atari ubwa mbere ryari rivuzwe mw’Ekleziya, ngira ngo hari abaritegereye mu nsiguro itajanye n’Inkuru Nziza. Hari abaciye batangura gutunga agatoke abandi, biyumvira abatunzi, harimwo mbere n’iyo Ekleziya yariko aravugira. Ntaho tweho tumera nk’abo mu kuvuga nk’uko, mbere no ku muryango wacu ? Jewe nagira ngo « ubworo twigishwa n’Injili, imbere y’uko bwerekeza ku vyo umuntu atunze, bwerekeye ukuntu avyifatamwo, maze akamenya kwegera n’ugutabara abandi boro, ubona ko nabo nyene bari kwinshi » ! Kira noneho yabitomoye mu nyigisho yatanze aramutse atangura icese ubutumwa bwiwe, aho yavuga ko ahagaritswe umutima n’ubworo burangwa mbere no mu bihugu bitunze, kuko hari abakenye ku umutima, bakishimira gusa ivyo batunze, bikanabatuma biyugara, kandi ingendo nk’iyo ikabangamira amahoro. Aho yaha umubonano abaserukira ibihugu vyabo i Vatikano naho, yarabibibukije ivyo uwo yasubiriye atahengeshanije gusubiramwo, ati iyo umuntu yishimiye ivyiyumviro vyiwe gusa, akaba arivyo yisunga, akabigira nk’ « imana » yiwe, aba akenye cane, kandi ivyo bica vyonona imibano y’abantu, bikaba n’intambamyi y’amahoro y’ukuri isi inyotewe. Kari akarorero gusa !
Mu gusozera, ngira nti biraboneka ko bikenewe cane ko dusabira abatumwa Umukama atora mu muryango wacu, agaca abatugabira. Tutaravye neza, turashobora kuba nka bamwe basambura urwabo, nka bamwe batema ishami bicayeko, gurtyo tukajana n’ibivugwa, tukisamburirako nk’impene. Erega hari igihe natwe twokwifata nk’abatari mu muryango, kandi twarabatijwe, abatubona dusenga bakagira ngo turi kumwe kandi ataco dutaniyeko n’abandi barota kuduca umutima, ngo baduteshe ukwemera. Dukwiye kwama twitondera ibivugwa, kuko vyose ntibitwubaka.