Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA

IDOMINIKA YA 13 YO MU MWAKA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami : 19, 16b. 19-21

Elize arahaguruka, akurikira Eliya

Muri irya misi, Umukama yabwiye umuhanuzi Eliya ati : “Urasiga amavuta Elize mwene Shafati, agusubirire mw’ibanga ry’ubuhanuzi.”

Avuye hano, asanga Elize ariko ararimisha inka mirongo ibiri na zine, na we azihagaze inyuma. Eliya amuca iruhande, amutererako umutamana wiwe. Elize aca asiga aho za nka, yiruka inyuma ya Eliya, amusaba ati : “Ndagusavye, nje gusezera data na mama, ndaheza ngaruke ngukurikire.”

Eliya amwishura ati : “Niwigire, ubonye hari ico nakugize!”

Elize aragenda, afata inka zibiri, arazibaga ; inyama azicaniriza ibiti vyari bifatanije nya nka, aragaburira abantu biwe barafungura. Hanyuma arahaguruka, akurikira Eliya, amubera umugendanyi.

IZABURI : 15 (16), 1. 2a. 5. 7-8. 9-10. 11

ICIT: Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje.

N’unzigame, Mana yanje, kuko ari Wewe mahungiro yanje,

nabwiye Umukama nti : “Umukama ni Wewe.”

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,

ni Wewe natoranyeko iragi ryanje.

 

Mpezagira Umukama, We muhanuzi wanje,

Kandi mw’ijoro hari ico umutima umbarira.

Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya,

kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

 

Umutima wanje urahimbarwa, kandi umushaha wanje ukanezerwa,

umubiri wanje na wo ukaruhuka, ataco winona :

na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,

umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

 

Uzondangira inzira y’ubuzima,

imbere yawe agahimbare ni kose ;

iburyo bwawe akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

 

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abagalati : 5, 1. 13-18

Mwahamagariwe kwidegemvya

Ncuti zanje,

Kristu yaturokoye ngo tube mu mwidegemvyo ; muragumye umutima rero kandi ntimusubire kwita mu bushumba.

Mweho, mwahamagariwe kwidegemvya : mugabo uwo mwidegemvyo ntimuwugire urwitwazo rwa kamere mbi yanyu, ariko urukundo nirubatume gufashanya. Ibiri mw’Ibwirizwa vyose birangukira kuri iri jambo rimwe : urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Mugabo nimwaryana mugashikurana, muragabe ntimumarane.

Ico ndababwiye ni iki : nimugenzwe na Mutima, niho mutazokurikiza ivyo kamere mbi yanyu yipfuza. Erega kamere mbi y’umuntu yipfuza ico umutima wanka, umutima na wo ukipfuza ico kamere y’umuntu yanka. Ivyo vyompi bikarwanira muri mwebwe, niho mubona mudakora ivyo mushaka. Mugabo, nimwaba muyoborwa na Mutima, ntimuzoganzwa n’Ibwirizwa.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.

Yaga, Mukama, kuko umusavyi wawe ariko arumviriza ;

Ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

 

Alleluya.

 

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 9, 51-62

Gukurikira Yezu mu nzira y’umusaraba

Umusi w’ugufatwa uhaye wegereza, Yezu agenda icese mu nzira irora i Yeruzalemu. Atuma integuza imbere yiwe ; na zo ziragenda, zija mu mihana y’Abanyasamariya kumuteguriza ; ariko ntibamwakira, kuko yaja i Yeruzalemu. Abigishwa biwe Yakobo na Yohani babibonye, baramubaza bati : “Mukama, ntiwoturekura tugahimiriza umuriro, ukabashungurukirako, ukabatikiza?” Arahindukira, arabakankamira ati : “Mwebwe mwaranyobeye : Umwana w’umuntu ntiyazanywe n’ugutikiza, yaje gukiza.”

Baca baja mu yindi mihana.

Bakiri mu nzira, sinzi umuntu agize ati : “Nzogukurikira aho uzoja hose.”

Yezu amwishura ati : “Imbwebwe zirafise uburumba zitahamwo, inyoni zo mu kirere zikagira ivyari ; ariko Umwana w’umuntu we ntagira n’aho akika umusaya.”

Hanyuma sinzi uwo yabariye ati : “Nkurikira.”

Uri uwundi ati : “Mukama, ndagusavye mbanze kuja guhamba dawe.”

Yezu na we aramwishura ati : “Reka abapfa bahambe abapfu babo ; nawe fashako wigishe Ubwami bw’Imana.”

Haza uwundi amubwira ati : “Nzogukurikira, Mukama ; ndagusavye gusa gusiga nsezeye ab’imuhira.”

Yezu aramwishura ati : “Uwufashe isuka yari agiye gukora agasubira inyuma gufufura, uyo ntakwiranye n’Ubwami bw’Imana.”


3 commentaires

  1. Abbé Lambert RIYAZIMANA dit :

    Frera Alexis IHORIHOZE (Bene Yozefu) mu Nkuka ya misa i Kibungere ati: »Ubukuru bwo kw’isi bumeze nk’uyu mukuru yariko aritemberera maze arenguka ku muntu ariko ararima, uno nawe aguma yirimira, ntiyaca ahagarika vyose ngo aze kugira bwakeye. Wa mukuru ashangashiwe, abaza wa murimyi ati: « Mbega ga wa muntu, ubwo wamenye ko mbona uguma wirimira umengo ntaco bikubwiye kumbona? » Uri uwundi ati: « Eka sinkuzi ». Wa mukuru atuma abantu biwe ngo bamugotore. Bano baramuhuragura. Harya amaze gutota, abwira wa mukuru ati: « N bandeke kuko nakumenye. » Ati : « none ndi nde? » Yishura ati « URI UMUSAZI PE!. Kuko nta muntu arengera ku wo ataco bapfuye ngo amuhuragure ». Ng’ubwo ubukuru bwa bamwe bamwe kuri iyi si. Nongereko nti: Jeho nerekana ubukuru bwanje nte?

    J'aime

  2. Joannes Claudius Manariyo dit :

    Bavukanyi muri Kristu,
    Uyu musi Umukama adutumirira kumikurikira. Dusabwe rero kuzirikana ku bijanye n’umuhamagaro wacu, na wo si uwundi, ni ubweranda. Kuko iyo havuzwe “ugukurikira Kristu”, turaheza tugatahura “ubweranda”.
    Kera abamisiyonari bakiza iwacu, baratanga ikatikisimu igizwe n’ibibazo n’inyishu zavyo. Muri ivyo bibazo harimwo kimwe cavuga ngo : “Mbega Mungu yandemeye iki?” Inyishu yaco yavuga ngo : “Mungu yandemye kugira ngo ndamumenye, ndamukunde , ndamukorere, hanyuma nzoje mw’ijuru.”(Iyo bavuze ngo “Mungu”, mutegere “Imana”). Murumva ko bwa bweranda buvuzwe. Yezu na We araheza akadutomorera inzira irora kwa Data, ni ukuvuga mw’Ijuru, ati : “Jewe ndi inzira, ukuri n’ubuzima ; ntawushikira Data atanciyeko.” (Yoh 14, 16). Murumva ko guca kuri Yezu, na vyo birajanye rwose n’ukumukurikira, ari ngombwa : si ikintu umuntu ashobora kugira canke kureka, ni ngombwa.
    None tumukurikire dute? Dutegerezwa kubanza kumenya neza uwo ari We, ivyo akunda n’ivyo yanka, iyo agiye n’ibindi… Uyu musi rero, Inkuru Nziza yiwe iratwereka bimwe bimwe mu bimuranga, ari vyo natwe vyoturanga kugira ngo dufate inzira imwe:
    – Ubutwari
    – Umutima ushima ubworo
    – Ukwicisha bugufi
    – Ukugira ico ashimikiyeko ntabanduka.
    Yezu ni intwari kuko, arazi ko agiye i Yeruzalemu kandi bitazomworohera. Yahora ajayo guhimbaza Pasika, ariko ubu arazi ko azobabara, akagorwa menshi, akabambwa… Ariko iyo nzira arayifashe kweli! Ububabare bwiwe ntabwakirana umutima mubi, ariko abwakirana umutima mwiza kuko yitangira abantu. None, ubwo twebwe turafise umutima wo kwitangira abandi? Umwe wese araheza yihe inyishu. Uwuza gusanga atawufise, awusabe hakiri kare, ahandi ho ikibazo kizoba kimunaniye!
    Yezu afise umutima ushima ubworo. Ubwa mbere na mbere, turazi ko yavuye mw’ijuru, aheba icubahiro yari afise, none n’ubu yaravuye i Nazareti, aho yari afise inzu yobamwo, none yirirwa aragenda, bakanka n’ukumwakira, ariko ntagira ngo : “Nk’ubu nobiheba vyose nkisubirira i Nazareti!” Ubwo iyo aba twebwe si uko twociye tuvuga? Ubwo hagize ibitugora, ntiduca dutana n’akabando? Nimwihe inyishu!
    Yezu yicisha bugufi. Abigishwa biwe bati : “Aba bantu banse kukwakira ntiwoduha uruhusha tukabashungururirako umuriro ukabatikiza?” Ati : “Sigaho, sigaho!” Kandi n’ubu niko agira : none ntitwama twacumuye, hanyuma ntatumaramaze? Ariko twebwe, si uko. Uwuducumuyeko tutamwihoye, turamwararaza! Mbega hoho nk’uwokugaya akakugarariza ufise ububasha, uri umutware, ufise inkoho, ufise amafranga, eko vyinshi ubishoboye, ubwo womwihanganira nka Yezu?
    Yezu ashima umuntu agira ico ashimikiyeko, nta vy’ukuvangavanga birimwo. Twumvise inyishu yagiye araha bamwe bagira ngo bomukurikira, yabereka ko ibintu bitoroshe. Abamubwiye ngo mbanze ngire ibi canke biriya, yabatumirira kutaraba inyuma. Hoba hari ibintu tucizigitiririyeko bitubuza gukurikira Yezu, ko twabonye ko ivy’ukuvangavanga atavyemera? Ntaho noba nja mw’isengero, navayo nkaja kwiba, kwica, gusahura, kubeshera abandi, gusambana, guca imanza za ngondagonde, kurya ibiturire, kuzimba abantu mw’isoko, kurahira ibinyoma, guteranya abantu, kwishima ku bandi, kuvuga nabi abandi, ni vyinshi ntawobidondagura ngo abimare, ubwo si ivyo ngira?
    Uyu musi rero, Umukama ashaka ko tuvavanura n’ivyo vyose bikituboshe, tukaba abidegemvya, tukamukurikira.

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :