Bavukanyi,
Inkuru Nziza twaronse uyu musi, ni igipande kimwe mu vyo umwanditsi Luka atwereka, aho Yezu ashimikira ku gukunda Imana
n’abantu. Uyu mugani w’ « Umunyasamariya w’ikigongwe», urakwiye wo nyene ubwawo kugira ngo tubone ico Yezu adusaba mu bijanye n’ugukunda. Aha Yezu yawuciye yishura ikibazo c’Umwigisha (Docteur de la Loi), ni ukuvuga umuntu yanonosoye ibijanye na Bibliya, si uwo ari we wese. Aha mu Nkuru Nziza, batubwiye ko yashaka kugeza Yezu, si uko yari ayobewe ico yokora. Yari akizi, ariko agashaka kugeza Yezu.
N’aho turiko turavuga ngo yari Umwigisha, ngo yari abizi, yari abizi mu mutwe gusa ! Imbere y’Imana, ntavyo yari azi ; kuko Imana ntishima ko tumenya amateka yayo mu mutwe gusa, ishima nyabuna ko tuyashira mu mutima, tukayarangurana urukundo. Nahora mbwira abanyeshure nti : « Umusi Imana yoza, ikavuga iti : ‘ Ngira ndabahe ikibazo kandi mugikora muri kumwe n’amashetani’, hanyuma igaheza igatanga ico kibazo, ikabaza ngo tuyidondore uko iri, tuvuge n’amateka yayo, vyoshoboka ko amashetani adusumvya amanota ! None ko adusumvya n’ubwenge (bwo mu mutwe) ! Ariko, ubwo Imana ikunda amashetani gusumvya abantu ? Haba namba ! Kuko abantu bashobara kwunga ubumwe n’Imana bakayikunda, bakayiyoboka ; ariko amashetani ntayinywa no mu mazi !» Simvuze ngo uyo Mwigisha yigenza nk’ishetani, aha nta vy’uguca imanza birimwo, kari akarorero ntanze kugira ngo twirinde kurwa mu mutego. Muti uwuhe ? Umutego wo kugira ngo turazi amateka y’Imana kandi tutayakurikiza. Nk’uyo Mwigisha twumvise, turashobora gusoma Bibliya, vyose tukaza turabicako twiruka, ngo « ibi nari maze kubisoma, ibi nari maze kuvyumva, ibi ndabizi, n’ibindi ». Uyu musi, nidukundire Umukama atwigishe.
Erega muri uyu mugani, ni Umukama nyene ariko arivuga. None ni nde yitwararika abantu bose atavanguye, akitwararika n’abamwanka (kuko Abanyisraeli n’Abanyasamariya ntibacana uwaka), ni nde yama ari indarangavye kugira ngo atabare uwo wese abikeneye, atabanje kuraba hirya no hino, atabanje kwisunga amategeko (kumbure atavuga vyose) gushika aho amubuza kugira ineza (nka wa musaserdoti n’umuleviti twumva), ni nde yitanga atitangiriye itama, atari Umukama ? Uyu ni We dutumiriwe kurabirako, ni We dutumiriwe kwigana : « Genda nawe rero, ugire gurtyo !»
Bavukanyi, abo gutabara baruzuye. Ba bana twama twumva ngo bari mw’ibarabara ni abo gutabara. Ba bana duhora tubona mu bisagara bagenda muri « poubelle » gutorayo ivyo barya (nako si abana gusa), ni abo gutabara. Ba bantu barara ubusa bakabwirirwa, ni abo gutabara. Ba bandi bagorewe ngaho mu bitaro bikwegereye, mbega hoho wama uja kubaramutsa? Ba bandi baboshwe, mbega hoho wama uja kubaramutsa ? Bamwe birirwa bariyahura ngo babonye kubaho bitagishoboka, ubwo si uko twasamaye kumbure ntitubiteho? Mbega ntaho noba nama nsesa indya kuko mbuze aho ndazishira mu nda yanje, siniyumvire ko hari uwazibuze? Ubwo sinoba mfise imyambaro nka mirongo ibiri y’impuzu, iruhande yanje hari uwambaye ipataro imwe iriko « ibinyoteri » inyuma canke agenda gusa kuko ata n’imwe afise ? Ni vyinshi. Ivyo vyose ni ibintu dukwiye kwama twiyumvira. Kandi ntitwiyumvire abakenye mu vy’umubiri gusa, hari n’abakenye mu vy’umutima, hari benshi bakeneye gusengerwa. Ubwo mpora nibuka ko hari abakeneye ibisabisho vyanje? Ababintumye bobo, ndabibavugira ? Ubwo sinca mvugira mu mutima nitwengera ngo « Na jewe sinisabira, none nzosabira abandi !» Umukama amaze kwerekana uwitwararitse uwumerewe nabi, yagize ati : « Genda nawe rero, ugire gurtyo !»