Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Opinions » Autres auteurs » TUZIRIKANE IJAMBO RY’IMANA

TUZIRIKANE IJAMBO RY’IMANA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Abbé Jean Claude MANARIYO

Abbé Jean Claude MANARIYO: « Uwa mbere azovuga ukuri bazomugegena ».

Bavukanyi,
Mu Nkuru Nziza y’uyu musi, turumvise ukuntu Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Jewe naje kuzana umuriro kw’isi, kandi nta n’ikindi nshaka atari uko wokwaka. » (v.49). Muri iyi misi dusanzwe twarasinzikajwe n’indyane nyinshi n’intambara, ntihobura abibaza bati : « Mbega basha, n’Umukama twahora twizeye ko ari We yoduhumurije, uyu musi asubiriye kutubwira ivy’umuriro ? Ngo ntiyazanywe n’ugushira umutekano kw’isi, ngo yamara yaje kuduteranya (v.51) ? None tubaye aba nde ?»
Humure ! Ivyo Umukama avuga si ivyo twiyumvira. Ariko, nta mahoro ku munyavyaha! Turabe ingene twotegera uwo muriro avuga. Mbega umuriro umaze iki mu buzima bwa musi yose?
– Turawukoresha mu guteka ivyo turya n’ivyo tunywa
– Turawukoresha mu guhingura ibintu bimwe bimwe bitugirira akamaro, nk’imiti y’indwara n’ibindi
– Turawukoresha mu gurtyorora ibintu, nko mu guturira imicafu canke imigera (les microbes)
– No mu bijanye n’urukundo mu bantu, uwubaza mu genziwe ko akimukunda, amubaza ati : « Mbega akariro karacarimwo ?» ; uwubwira mugenziwe ko akimukunda, ati : « Ego akariro karacarimwo, ntikarazima canke ntikazozima.» Reka mbe ndagejeje aho.

Umuriro Yezu avuga rero si uwugira nabi (kuko umuriro urashobora n’ukugira nabi), ni uwugira neza. Ni muriro urtyorora, ni umuriro w’urukundo. Yezu yaje kwatsa muri twebwe urukundo rw’Imana. Araduha Mutima wiwe, akadukabura, akadususurukiriza imitima, tukareka kuguma dukonje, tugacangamuka, ducangamukira mu Mana. Uwuri n’umutima ushima kwerekera ku Mukama, araheza akaronka ubuzima. Uwudashaka n’ukwumva Izina ry’Umukama, uwizigitirira kuri Shetani, araheza akumva ko ahiye. Umusi umwe nari kumwe n’abatutumura amashetani, bagire baracacucagira amazi ahezagiye ku muntu yarimwo amashetani, ano amuvugiramwo ati : « Muriko muraduturira, muriko muraduturira! » Nitwemere rero Yezu adurtyorore.

Yezu ati : « Ntegerezwa kubatizwa.» Ego cane, yari aramutse azodupfira akadukiza inabi, kandi tukaboneraho kumenya urwo adukunda, kuko atawushobora kurusha urukundo uwiguze abagenzi biwe (Yohani 15, 13). Yaratwiguze, natwe nidufatire aho tumukunde. Erega abarundi bama bavuga bati : « Gukunda uwutagukunda, ni nk’imvura igwa mw’ishamba. » Turakenyeye rero, urukundo rw’Imana n’ibindi vyiza bizanana, bibe imvura irwa mw’ishamba ? Ntibikabe yemwe! Twoba duhumiwe! Umukama yavuze ati : « Nimugume mu rukundo rwanje, nimwazigama amabwirizwa yanje muzoguma mu rukundo rwanje (Yohani 15, 10). Nibaza ko tuyazi sinirirwa ndayavuga.

Sinovuga vyose ngo ndabishobore, reka mperahereze kuri aha avuga ko yaje kuduteranya : erega yaje kutumenyesha ukuri. Kandi twebwe abantu, no mu miryango yacu nyene, ntitwama dukunda ukuri kuko kutwagiriza, tugaca dutangura gutoteza abakudushikirije, tukabimba no mu mizi. Ni vyo twasomye no mu gisomwa ca mbere, aho umuhanuzi Yeremiya yahamwa n’abashingantahe nk’uko twavyumvise. Nta bushingantahe bwabo, kuko umushingantahe yama akunda ukuri. None ubwo mu vy’ukuri, tweho turi beranda gusumvya abo bahamye umuhanuzi Yeremiya ? Burya, muri ya mapolitike yacu twirirwamwo, hagize uwutubwira ijambo tukumva umengo ntirishigikiye ivyiyumviro vyacu, tukumva ntiriza rivuga nk’uko umugambwe wacu uvyipfuza, canke tukumva umengo Reta yacu si uko ibibona, burya uyo muntu, ntiduca turaba uruhande tumuhengamikamwo, aho kuraba neza ico yavuze ? Ntiduca tumuhengamika mu bansi bacu, mbere n’uguhamwa agahamwa ? Mbega harya mu miryango yacu, iyo turiko turaryanira amatongo n’ibindi, iyo hagize umwe muri twebwe agira ati : « reka duhindure aha turiko turarenganya abandi, burya turamwumviriza ? Ntiduca tumuhengamika ku ruhande rw’abansi bacu ? Iyo abana bacu batubujije gukora ibicumuro, nk’ukuja kuraguza, guterekera n’ibindi, ntiduca tubabwira ngo : « Ukabandanya uvuga ivyo ndakuraza ubusa canke ndaguta hanze », n’ibindi nk’ivyo ? None turi beranda koko ? Nitwigarure ! Hari umufransa yabivuze neza ati : « Uwa mbere azovuga ukuri bazomugegena. » (Le premier à dire la vérité, il doit être executé). None rero ntitugatinye gushingira intahe Yezu Kristu ngo n’uko incuti n’abagenzi bashobora kutwanka, batwanse nitubasabire bazohinduka. Mw’ikatikisimu ya kera bahora bavuga bati : « Mbega abavyeyi bacu badutumye gukora ico Imana yanka, twogikora ? » Inyishu : « Oyaye, kuko iry’Imana ryama risumba iry’abantu.»
NDABIPFURIJE UMUSI W’IMANA MWIZA MWESE !


2 commentaires

  1. NDUWIMANA dit :

    « Ngo uwukurikira Kristu yemera gutara agahanga kandi ngo ni indya nkurye » nuguruye twa mugina kandi natwugaye. Komera

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :