IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : 9, 13-19
(Ni Imana itanga ubwenge nya bwenge)
Ni nde yoshobora kumenya imigabo y’Imana ? Ni nde yoshobora gutegera ico Umukama ashaka ? Ivyo abagenewe gupfa bahora biyumvira bigarukira hafi, ivyo bahora bipfuza birahindagurika ; nkako nyene, umubiri wagenewe kubora uraremera umutima, ya nzu y’ibumba ikaremereza ubwenge ivyiyumviro vyinshi. Biratugora gutegera ibiri hano kw’isi, ibiri hafi turiruhisha cane ngo tubibone ; none, ni nde uwoshobora guhishura ibiri mw’ijuru ? Bisubiye kandi, ni nde uwari kumenya ico ushaka, utabanje kumuha ubwenge n’ukumurungikira, uvuye mw’ijuru Umutima wawe Mweranda ? Uko niko inzira z’abantu bo kw’isi zagorowe, uko niko abantu bigishijwe ivyo ushima, ubwenge wabahaye bukabashikiriza urukiza.
Izaburi 89 (90), 3-4. 12-13. 14. 17
Icit: Mukama, wamye uri amahungiro yacu, kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba, Mukama,
ukababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo. »
mu maso yawe imyaka igihumbi imeze nk’umunsi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.
Ubajana nk’uko isuri itwara, bagaca bahura n’itiro ;
mu gitondo bakamera nk’ivyatsi bikura,
mu gitondo birakura bigashurika,
ku mugoroba bigatemwa, bikuma.
N’utwigishe guharura iminsi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge.
Ewe Mukama, garuka : uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira abasavyi bawe.
N’udukwize urukundo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umunsi wose mu karirimbo
no mu kanyamuneza.
Ubuninahazwa bwawe, Mukama, nibudusagire :
n’udushimangirire ivyo dukora n’amaboko yacu.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Filemo : 9b-10. 12-17
(Uwari umushumba wawe yarabaye mwenewanyu)
Mwananje nkunda cane,
Jewe Paulo, n’aho nabaye umutama nkaba n’ubu ndi imbohe kubera Kristu Yezu, hari ico nshaka kugusaba cerekeye Onezimo, wa mwana wanje nivyariye mu ngoyi. Ni we rero nkurungikiye kandi uwo ameze nk’umushaha wanje. Nari n’iciyumviro c’ukumuzigama hafi yanje ngo ankorere mu kibanza cawe mu ngoyi ndimwo kubera Injili ; ariko, ntavyo nashatse gukora ntakugishije inama, kugira ngo iciza ukora ntikive ku gahato, ariko kive ku gushaka kwawe.
Kumbure icatumye atandukana nawe umwanya mutoyi kwari ukugira ngo umusubizwe imyaka yose, atakiri nk’umushumba, mugabo asumba rwose umushumba, abe mwenewacu mfise ku mutima, nawe urushirizeho kumukunda mu bantu no muri Kristu. Ni uko rero, niwaba wemera ubucuti dufitaniye, n’umwakire nk’uko yoba ari jewe wakiriye.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
(Inyonga zawe nizimurikire umusavyi wawe, unyigishe ivyo ushaka).
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 14, 25-33
(Uguca ubwenge n’ukwiyambura ivy’isi ugakurikira Yezu)
Isinzi ry’abantu ryari rigendaniye Yezu, hanyuma arahindukira ababarira ati : « Umuntu niyaza iwanje ntahebe se na nyina, umugore n’abana, bene nyina na bashikiwe, mbere n’amagara yiwe, ntashobora kumbera umugendanyi. Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kumbera umugendanyi.
Ni nde muri mwebwe yoshaka kwubaka inzu, ntabanze kwicara ngo arabe ko afise ibiyujuje ? Kugira ngo amaze gutangura ntayite urukankara, bose ngo bamutwenge bati : ‘Uyu muntu yatanguye kwubaka inzu, vyamunaniye kuyuzuza.’
Canke ni uyuhe mwami yoja gutera uwundi, ntabanze kwiyumvira ko abantu biwe ibihumbi cumi boshobora gutsinda uwuje kwivunisha ibihumbi mirongo ibiri ? Atabishoboye, arungika intumwa gusaba itekane wa mwami akiri kure.
Niko, uwo wese muri mwebwe adashobora guheba ivyo atunze vyose, ntashobora kumbera umugendanyi. »