Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Fêtes » Ku wa 14 NYAKANGA : ININAHAZWA RY’UMUSARABA

Ku wa 14 NYAKANGA : ININAHAZWA RY’UMUSARABA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Iharūra : 21, 4b-9

(Musa acurisha inzoka y’icuma uwukomowe ayiravye yaca akira)

Français : Charles Le Brun, Le serpent d'Airai...

Français : Charles Le Brun, Le serpent d’Airain, 1650, Bristol, Art Gallery (Photo credit: Wikipedia)

Mu gihe Abanyisraeli bagandera mu gahinga, barabuze umutima barihebura. Bidogera Imana na Musa bati : «Mwadukuye mu Misiri ngo dupfire muri aka gahinga katagira umukate n’amazi. Twatewe iseseme n’aka gaheza !» Umukama rero atuma inzoka zikaze kubakomora, benshi muri bo barapfa. Baraza kubarira Musa bati : « Twaracumuye ku Mukama no kuri wewe. Dusabire, Umukama adukize izo nzoka. » Musa arabatakambira (ku Mukama). Umukama na We abarira Musa ati : « Curisha inzoka isa na zo, uheze uyimanike ku giti. Uwuzokomorwa wese akayiraba azoca akira.» Musa aca acurisha inzoka y’icuma ayimanika ku giti ; uwumaze gukomorwa ayiravye yaca akira.

Izaburi 77 (78), 1-2. 34-35. 36-37. 38
Icit : Ntimwibagire na rimwe ivyiza vy’agatangaza Umukama yabagiriye

Ewe gihugu canje, umvira amateka nashinze,
tega ugutwi ijambo mvuze,
nciye imigani,
nibukiriza ibanga ryo hambere.

Mu gihe yabageseza, bagira barondere Imana,
bagira bagaruke, iyo si bayiyegereze,
baribuka ko ari yo nkinzo yabo,
Umukama wabo ahangamye mw’ijuru.

Yamara kari akarimi keza,
baramubesha :
ntibari bamufiseko umushaha,
ntibemera n’insezerano ziwe.

Ariko We yamana imbabazi,
aho kubageseza yazimanganije akabi kabo ;
ah’ukugira uko ishavu rigize,
yama aricuvya kandi ntarambirwe.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi : 2, 6-11

(Yaricishije bugufi ; ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose)

Umukama Yezu,
yamanye akamere k’Imana,
Ntiyigeze yishira hejuru ngo n’uko angana n’Imana ;
Ariko yigize ubusa mu gusangira akamere k’abasuku,
Mu kwigira umuntu asa n’abandi ;
Yigenjeje nk’umuntu asanzwe,
Arushirizaho mbere kwicisha bugufi,
Aragamburuka gushika yemere urupfu
Kandi urupfu rwo ku musaraba.
Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose,
Ikamugabira Izina rirengeye amazina yose,
Kugira ngo kw’izina rya Yezu, bose bakubite ibipfukamiro
Mw’ijuru, kw’isi no mu kuzimu kw’inyenga,
Kandi ururimi rwose ruyage ko Yezu Kristu ari Umukama,
Ngo Imana Se ininahazwe.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Turagusenga, Kristu, turaguhezagira, kuko wacunguje isi umusaraba wawe.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Yohani : 3, 13-17

(Umwana w’umuntu abwirizwa kuninahazwa ku musaraba)

Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Musa yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.

Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi. »


2 commentaires

  1. Jean Claude Manariyo dit :

    Dushengerere Umusaraba wa Kristu watuzaniye urukiza rw’Imana (Jean Bosco Wakana)
    Bavukanyi muri Kristu, kuri uyu musi turamutse duhimbaza ininahazwa ry’Umusaraba, tuzirikane gatoyi iri jambo ry’Imana twahawe, na ryo ni iri :
    – Iharūra 21, 4b-9
    – Izaburi 77
    – Abafilipi 2, 6-11
    – Yohani 3, 13-17
    Dutumiriwe kwemera Yezu Kristu n’ugukunda nka Yezu Kristu.
    Mu gisomwa ca mbere cavuye mu gitabu c’Iharūra, batubwiye ko Moshe (Musa) yamanitse inzoka mu gahinga abitumwe n’Umukama. Ngo uwuravye iyo nzoka, yaca akira. Ni vyiza cane, Imana yaragize neza. Hariho ikintu gishobora kudutangaza ngaha : Imana yavuze ngo ntihakagire umuntu atora ikigereranyo mu biremwa vyo mu kirere, ivyo kw’isi n’ivyo mu mazi (Ihunguka 20, 4) ni Yo yahindukiye ngo : ‘Manika inzoka abantu bazoze bararaba bace bakira’ ! Ego ni vyo twama dukeneye ibimenyetso. Ni co gituma no muri Ekleziya dukoresha amasanamu, ijambo ry’ugusenga ibigereranyo ni irindi ntiturisigura uyu musi. Dutumiriwe rero kwihweza ikimenyetso Imana yaturungikiye, niho tuzokira. Atari uko, tuzopfa !
    Muti none ico kimenyetso ni ikihe ? Twagihishuriwe mu Nkuru Nziza : ni Yezu Kristu yabambwe hanyuma akazuka mu bapfuye. Ni we dutumiriwe kwihweza hanyuma tugakira. Yabivuze ati : « Nk’uko Moshe yamanitse inzoka mu gahinga, niko n’Umwana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera. » (v. 14). Bwabundi rero, ukwihweza Yezu yabambwe, si ukuraba nka kwakundi turaba umupira bariko barakina, ni ukumwemera !
    Bavukanyi muri Kristu, uyu musi turiko turahimbaza umusaraba, twibaze ikindi kibazo : ,bega ni kuki Yezu yapfuye ? Inyishu turayizi : yapfiriye twebwe, kugira ngo adukize. Hari rero abohava bakagira bati : mbega none, Imana ntiyari kudukiza ikoresheje ubundi buryo ? Ko igihe yarema yavuga ijambo rimwe ivyo ivuze bikaba bibaye, ntibe yaragira iti : ‘Ndavumereye ko abantu bose kuva ubu bakijijwe’, ntirinde kurungika umwana wayo ngo abambwe ? Yari kubishobora, kuko nta kiyinanira. Ariko rero, aho Yezu yatubambirwa, muri We Imana yaravuze ijambo rihambaye cane kandi ridufitiye akamaro kanini rwose : urukundo. Iryo ni ryo Imana yavumereye. Hari akaririmbo kari mu rurimi rw’igifransa kavuga gati : « Tu décidas de mourir au Calvaire pour nous prouver ton amour jusqu’au bout…» Ni ukuri, yaratweretse urwo adukunda. None tugire iki ? Dutegerezwa gukunda nk’uko na We yadukunze. Bimwe rero vy’uko twama dutinya ibitugora, ubu harageze ko tuvavanura n’iyo ngeso mbi. Nitwemere kwitanga, ico ni co kigira umugenzi wa Kristu. Tuvavanure rero na vya bicumuro vy’agacamutwe twama dukora, tuba abagenzi ba Yezu Kristu.
    Dusabiranire.

    J'aime

Répondre à riyazimana Annuler la réponse.

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :