Bavukanyi, ni ikigongwe c’Imana kidutunze, ahandi ho twese tuba twarahonye. Iryo ni ryo jambo twabwiwe uyu musi. Ingo rero tubirabire hamwe muri ibi bikurirkira :
– Moshe (Musa) yarasabiye Bene Israeli ikigongwe, Imana iramwumvira
– Umutumwa Paulo arashimira Imana kuko yamugiriye ikigongwe
– Imana yama ifise akanyamuneza k’ukwakira uwuyigarutseko
– None tweho dutumiriwe iki ?
Mu gisomwa ca mbere, twumvise ko Bene Israeli bahemukiye Imana. Nka kumwe Adamu yacumura ata n’iminsi irahera aremwe, ni ko na Bene Israeli bahemukiye Imana, ata n’iminsi na mikeyi baramara kuva baronse Itegeko ryayo. Ntibishimira Imana kuko babona umengo irabagora, na cane cane ko yabasaba kuja mu ndwano ngo bashikire igihugu bemerewe, ari naho baca bashaka kw’isubirira mw’idini ryabo ryo hambere, aho ata kindi basabwa atari ukugira iminsi mikuru n’ibirori vyinshi, bakagira imana yama ibahumuriza mu bwoba bwabo. Baraheza rero bakora ibicumuro bibiri : ico gushushanya Imana kandi itavyemera (Ihunguka 20, 4) n’ico kuyiha ishusho bashaka bo nyene. Ni ibicumuro koko, kuko Imana ntitegerezwa gufata ishusho tuyihaye canke ngo imere nk’uko twebwe dushaka, ah’ubwo ni twebwe dutegerezwa gushushanywa n’Imana kandi tukamera nk’uko ishaka… Ntidushobora kugira ukwemera kutadusaba kwigora, kandi ntidushobora kugira ubuzima bw’umutima butagira utwigoro : rwa rukundo itwigisha rwoba ruri hehe ? Tuze turasaba ngo iturinde ivyo kwama twironderera ivyoroshe gusa nka Bene israeli.
Imana rero yarapanze umugambi wo kubahana, Moshe arabasabira ikigongwe arumvirwa.Turaheza tukabona ubwiza bw’Imana Yo yemeye kuganira na Moshe, ikamwumviriza aho abasabira. Erega, kuba yaramuhishutse ububabare buri mu mutima wayo, bakaganira ikamwumviriza, ni ho nyene hahagaze urukundo n’ikigongwe. Ubu turafise Moshe mushasha ari We Yezu Kristu, muri we ni ho turekuririrwa ibicumuro vyacu. Dushimire Imana.
Iryo jambo ry’ugushimira Imana niturigarukeko twisubirize, kuko ni ryo na Paulo mweranda adutumirira kuzirikana. Twumvise mu gisomwa ca kabiri ukuntu aheza agashimira Yezu Kristu, kuko yamugiriye imbabazi, akamwizera akamugira n’umutumwa wiwe. Yabitomoye ati : « Igituma nagiriwe ikigongwe ni ukugira ngo mbe uwa mbere Yezu Kristu yerekanamwo ubwitonzi bwiwe bw’agahebuza, maze bibere akarorero abazomwemera ngo bashikire ubuzima budahera. » (1 Tm 1, 16). Ivyashikiye Paulo mweranda, ni vyo vyama vyadushikiye natwe. Ivyiza vyose duhabwa n’Umukama, si uko tuba turi beza gusumvya abandi, ni uko atugirira ikigongwe. Yoraba akabi kacu, nta nkeka, yotumara twese !
Mu Nkuru Nziza, Yezu atwereka ko Imana yama ifise akanyamuneza ko kwakira uwo wese ayigarutseko, mbere ko inamurondera ishimitse nka kurya umwungere arondera intama yatakaye, nka kurya uwatakaje ifranga arirondera canke nk’umuvyeyi yama arindiriye ko umwana wiwe agaruka. Muri iyo migani uko ari itatu, haguma hagaruka ijambo ryo kugira akanyamuneza, ryo kugira umusi mukuru. Abakunzi b’Imana baraheza bakanezerwa hamwe na Yo, kuko umwana wayo yagarutse. Mu mugani wa gatatu, se ntiyarindiriye ko umuhungu wiwe arinda kumushikira : ngo yamubonye akiri kure, aca ariruka kumusanganira. Niko Imana igira, iyo tuyigarutseko, iraza tugahurira mu nzira, igaheza ikadutwara iwayo. Na none ni Yo iduha Mutima Mweranda tukamwakira, tukabona kwigaya. Se ntiyarindiriye kandi ko arinda guheza kuvuga ivyo yari yategekanije vyose : amaze kuvuga ko yacumuye, ataravuga ko asaba kuja mu bashumba ba se, se yari yamaze gutegeka ko bamwambika ivyambarwa vyiza, impeta ku rutoke n’ibirato ku maguru. Yari yamaze kumusubiza ka gateka ko kuba umwana wiwe, kamwe yari afise imbere y’uko azimira. Ni ko Imana itugirira, na twebwe yama iduha n’ivyo tutubahutse gusaba canke tutibutse gusaba.
Twumvise ko umuhungu mukuru kaciye kaziriringa, ngo akanka kwinjira. Na twebwe vyama bidushikira, ntitunezerwe n’uko umuntu akize, tukipfuza ko yobanza kugorwa, kuko twamwita “inkozi y’ikibi”. Imana uyu musi itweretse ko umugambi wayo atari uwo : urupfu rw’uwacumuye si rwo ishaka, imushakira gukira, natwe ikadutumirira kwinjira muri uyo mugambi nyene. Tutemeye kwinjira muri uwo mugambi, tudahindutse, tuzohava dusanga ari twebwe nyene twikumiriye, tukanka kwinjira mu Bwami bwayo, ngo ntitwobusangira n’abanyakabi twita uko, kumbure tutabanje kuraba neza ko tutoba turi abanyakabi kubasumvya, tukishinga gukomanya insya z’amenyo. Dusabe Imana ibiturinde, ntibikabe !
Ivyo vyose rero turiko turazirikana bijanye n’ukurekurirwa n’ugukira, muri twebwe vyama birangukira mw’isakramentu ry’ikigongwe. None rero, turumvise ko Imana ituremesheje. Ntitugasubire kwama twijiriwe twibaza ngo tuzokira gute, Imana yaratwugururiye irembo ry’ijuru. Turemerewe n’ibicumuro, nitugende kwa Data, dusabe ikigongwe. Kandi ubu ho biroroshe ko yashimye kubicisha ku basaserdoti mu muryango wacu w’Ekleziya. Ico tutogira gusa ni kimwe : ntitwopanga umugambi wo gucumura, ngo hinge ngire ibi canke biriya ndazi ko Imana izorekura ! Ico ni agacamutwe ! Ariko bishitse ugasanga waguye, genda usabe ikigongwe uzokironka. Niwamara kwakira ikigonwe c’Imana, ugire umusi mukuru w’akanyamuneza musangiye na Yo hamwe na benewanyu.
Gire amahoro ya Kristu !