Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA

IDOMINIKA YA 26 YO MU MWAKA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Amosi 6, 1. 4-7

(Ugire umuziro ugusesagura ivyo Imana yaguhaye)

Ng’iri iriyazwe n’Umukama Mushobora vyose : Baragowe abo bishinga kwitemberera muri Siyoni n’ukwubaka ku musozi wa Samariya ata nkomanzi. Imyagazi batoranije mu busho, be n’inyana bakuye mu ruhongore, babirya baryamye ku buriri bw’akatabonetse, bagaramye ku bisaswa vyiza vyiza.
Iyo bariko baracuraranga baratarika nka kumwe kwa Dawudi, bagacura n’ivyuma vyo kwumviriza imvyino. Umuvinyu bawumnywera imbere mu bikombe vy’agaciro, bakisiga amavuta amoga neza, yamara ntibababazwe n’uko igihugu c’Israeli catabagaye.
Nico gituma ubu bazobatwara mu mahanga, baje imbere y’abangajwe bava mu gihugu c’amavukiro. Noneho, wa mugwi w’abaryi uzimangane !

Izaburi 145 (146), 7-9a. 9b-10
Icit: Ninahaza Umukama, se mushaha wanje.
Canke: alleluya.

Umukama acira urubanza impahazwa,
akagaburira abashonje,
nayo ababoshwe akabakura mu ngoyi.

Ni We ahumura impumyi,
ni We agorora abahetamye,
ni We akunda abantu b’intungane,
ni We ahagarikira ba kavantara.
Ni We arwanira abapfakazi n’impfuvyi,

Ariko inzira y’abakora ikibi akayizimiza.
Umukama azoora ku ngoma.
Ni We Mana yawe, Siyoni, mu myaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 6, 11-16

(Ubuzima bwawe bube mu kwemera Kristu)

Weho rero, muntu w’Imana, rondera ubutungane, ubwitonzi mu vy’Imana, ukwemera, urukundo, ubwiyumanganyi n’ubutekereji. Wame urwana indwano nziza y’ukwemera, ucakire bwa buzima budahera wahamagariwe kandi washingiye intahe ishemeye mu maso y’ivyabona vyinshi.

Ndagusavye imbere y’Imana ibeshaho vyose n’imbere ya Kristu Yezu yashingiye intahe ukuri imbere ya Ponsiyo Pilato : zigama amategeko y’Umukama, gushika aho Umukama wacu Yezu Kristu azoserukira. Igihe kigeze, azomenyeshwa na Segaba wa vyose Nyaguhimbarwa, we Mwami w’abami, Umukama aruta abandi bose, we musa azira urupfu, avyagiye mu muco utegerwa, ata muntu yigeze akubita ijisho kandi ata n’uwuzomubona. Ni We Nyen’icubahiro n’ububasha mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
N’aho yari atunze, Yezu Kristu yarigize umukene kubera twebwe, kugira ubukene bwiwe bubatungishe.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 16, 19-31

(Waronse itunga, na we Lazaro amagorwa ; ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara)

Umusi umwe, Yezu yabariye Abafarizayo uyu mugani, ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yambara ibisayangana, ivyoroshe, yamana inzimano. Hakaba n’umworo yitwa Lazaro, yama aryamye kw’irembo ry’uno mutunzi, umubiri wiwe ari ibisebe. Yipfuza utuvunguka tw’imikate twokoroka tuva ku meza ya wa mukungu; mbere imbwa na zo zikaza kurigata ibisebe vyiwe. Hanyuma, wa mworo arapfa, abamalayika bamujana mu maboko ya Ibrahimu ; wa mutunzi na we arapfa, arahambwa.

Ari mu kuzimu, ariko arababara cane, ararangamira, abona kure Ibrahimu areze Lazaro. Ashira ijwi hejuru ati: ‘Ibrahimu dawe wacu, ngirira ikigongwe, ndungikira Lazaro, akoze isonga ry’urutoke mu mazi, ahoroshe ururimi rwanje, kuko ndiko ndicwa nabi n’izi mbeya.’
Ibrahimu arishura ati : ‘Mwananje, ibuka ko waronse itunga ukiri kw’isi, na we Lazaro akaronka amagorwa. Ubu rero ariko arahozwa, nawe ubabara. Vyongeye, hagati yawe natwe, hazokwama imanga imanga nini, ibuza ab’ino kuza hiyo, n’ab’iyo kuza ino.’
Wa mutunzi ati : ‘Ndagusavye ho dawe, urungike Lazaro mu muryango wa data, kuko mfise abo tuvukana batanu ; ababwire uko bimeze, ntibazohave bagwa nabo muri aya marushwa.’
Ibrahimu amwishura ati : ‘Barafise Musa n’abahanuzi, nibabumvire.’
Na we ati : ‘Oya nyabuna, Ibrahimu dawe wacu, ariko uwuzutse abashikiriye niho bokwigaya.’
Ibrahimu ati : ‘Nibatumviriza Musa n’abahanuzi, uwapfuye n’iyo yozuka ntibazokwemera.’»


Un commentaire

  1. MANARIYO Jean Claude dit :

    ESE UGUSABA UWO WIMYE !

    Umukama ati : « Habaye umuntu w’umutunzi yambara ibisayangana, ivyoroshe kandi yamana inzimano, hakaba n’umworo yitwa Lazaro yama aryamye kw’irembo ry’uno mutunzi… » (Luka 16, 19-20). Twumvise uko vyagenze. Twoshobora kwibaza duti : « Mbega basha, igicumuro catumye umutunzi agwa mu muriro udahera, ni ikihe, ko ata n’ikiganiro twumvise bagiriraniye bakiri kw’isi, ngo dupfume tuvuga ngo yaramututse, yaramukubise, canke yaramusavye aramwima ? Imana yokabaye yanka ko umuntu atunga ngo arye utwiwe ? Gutunga koko ni igicumuro ? Imana yoba ishaka ko dukena, n’ibindi ? »
    Kugira itunga si igicumuro. Kugira aho uba ukubahwa, si igicumuro. Kuronka ico ufungura, si igicumuro. Kugira ico utanga n’ico usigarana (niko tuvyita mu kirundi), si igicumuro. Ariko, ivyo dufise vyose, bitwibagije rya banga ry’ugukunda, aho rero gica kiba igicumuro gikomeye. Urya mutunzi twumvise, nta na hamwe Inkuru Nziza yatubwiye ko yagiriye nabi Lazaro. Ariko, ikibi yakoze ni iki : ni uko atashoboye kubona ko Lazaro aryamye kw’irembo iwe kandi amukeneye ngo amuhembure !
    None rero, Imana ivyo idusaba ni ivyo : turazi amategeko yayo, ngo : ‘Ntukagire ibi canke biriya’, ariko si aho agarukira. Iratubwira kandi iti : « Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. » None rero mugihe turiko turisuzuma ku mutima, ni ukuza turibuka n’ukwibaza tuti : « Ni igiki nari kugira ntagize ? », « Ni igiki nari gushobora ariko ntakoze ? » Ntitwishinge kuza turagira ngo : « Sinabeshe, sinishe, sinivye, sinasambaye, n’ibindi ». Kuri ivyo, ni ukwongerako tuti : « Nariyobagije ivyo nari kugira ? » Ng’ico igicumuro dukunda kurwamwo ntitukimenye, kandi Imana izokitubaza ! Ni co cakozeko urya mutunzi twumvise. Akiri kw’isi, ntiyabonye Lazaro, ariko amaze kuyivako, yaramubonye ari mu maboko ya Ibrahimu. Kandi, twumvise ko n’aho hose yatabaza, ntiyasaba ngo Ibrahimu we nyene abe ari we amutabara, yagira ngo : « Ndungikira Lazaro… » Ese, ugusaba uwo wimye basha ! Dusabe Imana ibiturinde.

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :