IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 35, 15b-17. 20-22
(Imana ntiyirengagiza igisabisho c’umukene)
Umukama ni umucamanza atagira nkunzi.
Ntatoranya, arumviriza riho uwugowe amwambaza. Ntakengera igisabisho c’impfuvyi, n’iminiho y’umupfakazi.
Uwukorera Imana n’umutima wiwe wose, Imana iramwakiriza yompi, igisabisho ciwe kigashika mw’ijuru.
Igisabisho c’umworo kiramena ibicu ; ntashobora guhozwa igihe atararonka ico asaba.
Azohozako gushika Uwo mw’ijuru amurabe ryiza, aburanire intungane, azicire urutunganye.
Izaburi 33 (34), 2-3. 17-18. 19-23
Icit : Umurushwa aratabaza Umukama, akamwumvira.
Nzoninahaza Umukama na ntaryo,
nzomuhaya ntahengeshanya.
Nanje nyene nzoninahazwa n’Umukama,
abantu batobato nibumve, bahimbarwe.
Umukama aserukira gutikiza inkozi z’ikibi,
ntizibe zikirangwa kw’isi.
Barasaba Umukama akabumvira,
akabakiza umwitwarariko wabo wose.
Umukama yama yiyegereza imitima ituntuye,
akaremesha abajonjogoye.
Umukama azocungura abasavyi biwe,
nta wumuhungirako azopfa yishuye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya kabiri Umutumwa Paulo yandikiye Timote : 4, 6-8. 16-18
(Shira ku muzirikanyi ijambo ry’Umukama)
Mwananje nkunda cane,
Jeho ndiko nditangako inkuka kandi igihe canje c’ukwigira kirashitse. Nararwanye rugabo, nararangije urugendo, narazigamye ukwemera. Ibisigaye ni ukuronka rwa rugori rw’ubutungane Umukama, We Mucamanza w’intungane azompereza kuri urya musi, kandi ntazoruhereza jewe jenyene, azoruhereza n’abo bose bazoba baroreranye urukundo iseruka ryiwe.
Aho natangura kuja kwiburanira, nta n’umwe yamfashije, ariko bose barampevye. Ese Imana itobobahora ! Umukama ni We yampagarikiye akandemesha, kugira ngo ijambo ryiwe rimenyeshwe nanje bimwe bishemeye kandi rishikire abapagani bose.
Nanje naravuye mu menyo y’intambwe ; Umukama azonkiza icitwa akabi cose kandi azondonsa ubwami bwiwe bwo mw’ijuru. Ni We akwiye ubuninahazwa imyaka yose. Amen.

The Pharisee and the Publican (Le pharisien et le publicain) by James Tissot, 1886-94, Opaque watercolor over graphite on gray wove paper, Brooklyn Museum (Photo credit: Wikipedia)
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu, ikongera ikadushiramwo ijambo ry”ubwo bwuzure.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka : 18, 9-14
(Umutozakori ni we yatashe agabanye)
Umunsi umwe, Yezu yaciriye uyu mugani bamwe bagira ngo ni bo beranda bagakengera abandi, ati : « Abantu babiri baraduze mw’isengero gusenga : umwe akaba ni Umufarizayo, uwundi na we Umutozakori.
Nya Mufarizayo, umutwe aranega, ku mutima asenga, agira ati : ‘Mana yanje, ndagushimiye, kuko ntameze nk’abandi, bo bariba, bakarenganya abandi, bagasambana, kandi simeze nk’urya Mutozakori ; nisonzesha kabiri mu ndwi, ngatanga imperezwa y’ivyo ntunze vyose.’
Wa Mutozakori na we, aguma kure, ntiyubahuka n’uguhanga ijuru, mugabo yikubita ku gikiriza, avuga ati : ‘Mana yanje, ngirira ikigongwe, jewe munyabicumuro.’
Ndabibabwiye : uyu ni we yatashe agabanye, na we umwe wa mbere, haba namba. Kukaba nkako, umuntu yihaya azoteterezwa, na we uwicisha bugufi azoshemezwa. »