Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Méditations » Homélies » « Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu. »

« Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu. »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Presepe in Piazza San Pietro.(Roma)

La Crèche (Place Saint Pierre – Rome)

Ndiko nsoma Ijambo ry’Imana ryo kuri uyu musi duhimbaza umuryango mweranda, natangariye ikintu ngira ngo ntigisanzwe. Hari abenshi basoma ivyo bisomwa bakagarukira ku mpanuro zirimwo, umuntu yogira ati zerekeye Morale Familiale, kandi nivyo. Ariko ngira nti hari iyindi ntambwe twotera, tukaraba aho bishingiye cane cane: isôko ry’iyo Morale Familiale, gurtyo ntitugarukire ku vyo dusabwa kugira mu migenderanire yacu, ariko turabe aho bishingiye.

Mu gisomwa ca mbere, Mwene Siraki ati: “Umukama ni We atera iteka Senaka mu bana biwe, ni We yubahiriza umuvyeyi mu bana biwe”. Imigenderanire rero iri hagati y’abagize urugo ikomoka ku Mana. Nkako, Umuryango wa mbere (Adamu, Eva, Kahini, Abeli) wari wahawe umhezagiro n’Imana. Ariko uwo muhezagiro ntiwaragamye. Imana rero ntiyahevye abayo, ni naco gituma yashimye gusesekariza inema zayo ku bayo iciye ku muryango wa Yozefu, Mariya na Yezu. Imana rero ni yo sôko ry’imigenderanire mu rugo. Ni naco gituma bavuze bati: “uwugamburukira Umukama azoshimisha uwamwibarutse”, ariko batagize bati uwugamburukira uwamwibarutse azoshimisha Umukama”, nk’uko twebwe dukunda kuvyiyumvira. Ishingiro rya vyose rero si muri twebwe, ariko ni mu Mâna.

Ni navyo rero Paulo agarukako mu gisomwa ca kabiri. Imbere y’uko ashikira inyifato ibereye hagati y’umugabo n’umugore, hagati y’abavyeyi n’ibibondo, abanza kwibutsa abo turi aho twishingira inyifato zacu zose: “Mwebwe, ntore z’Imana, mwebwe beranda n’abakunzi bayo… Ijambo ry’Imana niribashike ku nyota…, Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana Umuvyeyi wacu.” Hari igihe rero dusoma iki gisomwa tugaca twihutira kuraba ivyo umwe wese abwirizwa kugirira uwundi, nako ivyo uwundi abwirizwa kutugirira, tuti : uraba wumva birenge (= wa mugabo we, wa mugore we, mwa bana mwe, mwa bavyeyi mwe) niwe ubarirwa. Ariko ngira ngo twokwitondeye igice ca mbere c’iri jambo kuko atari intangamarara gusa, ariko ari ishingiro riha intumbero inyifato zose ziri hagati y’abantu, hagati y’abagize umuryango.

Turashobora rero gutegera igituma tunahimbaza Umusi Mukuru w’Umuryango kuko atari Umuryango nk’iyindi. Ni Umuryango rero wamye ugendera ku ry’Imana. Ni umuryango wahevye imigambi yawo kugora ngo haje imbere ishaka ry’Imana. Tuvyibuke mw’ibûrwa rya Yezu ribūrirwa Bikira Mariya, ati “Ni bibe nk’uko ubivuze”. Twibuke ibūrwa rishikira Yozefu mu ndoto, yikangura akajana Mariya iwe, naho atari wo lugambi yari afise.Sênāká yamye yumvira Imana, no mu bitoroshe gutegera. Nkako nyene, muri iyi Njili, Yozefu aburirwa n’umumalayika (intumwa y’Îmâna) gatatu kose, kandi mu ndoto.

Ntitunyuranye ibintu rero: Ntidushimisha Imana kubera tubaho neza Morale familiale, ariko tubaho neza Morale familiale kuko dushingira vyose kury’Imana. Iyo migenderanire rero ica irengera iyo mu muryango. Nkako, Imana ikunda abayo bose kandi urwo idukunda rutubera isôko ry’ukuyikunda n’ukuyikundira abayo. Imisi mikuru ya Noheli tunahimbazamwo Umuryango Mweranda iratwereka ko Imana icizigiye Umuntu kuko iza kutugereramwo. Ko rero Imana itwizigira, ikatubera isôko n’akarorero k’urukundo, uwushingira ubuzima bwiwe ku Mana arashobora n’ukugira inyifato ibereye aho aba ari hose. Ntaba agishingira kuri Morale familiale ngo ashimishe Imana, ariko ashingira ku/mu Mâna ngo abane neza, nk’uko Imana ibishaka aho ari hose.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :