IGISOMWA CA MBERE
ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 60, 1-6
(Ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze wese)
Yeruzalemu we, haguruka, tamanzura : umuco wawe waserutse,
ubuninahazwa bw’Umukama bwagusaze.
Nayo umwijima watwikiriye isi,
umuzimiza wajimije igihugu ;
ariko weho Umukama yakugarukiye,
ubuninahazwa bwiwe buhagaze hejuru yawe.
Intara ziza zigana umuco wawe,
abami na bo birukira izuba rirasiye iwawe.
Tereza amaso irya n’ino urabe :
bose bakoranye kandi baje iwawe ;
abahungu bawe baje bava kure,
abigeme bawe na bo baje bareruwe.
Niwabibona uzoheza unezerwe,
agahimbare kakwuzure,
kuko ivyiza biva hakurya y’ibiyaga bizosesekara iwawe,
amatungo y’ibihugu azotaha iwawe.
Isinzi ry’ingamiya n’ibitwazi vya Madiyani na Efu
Bizokubita iwawe hazime.
Abo muri Seba bose bazoba bazanye inzahabu n’isenga
Baninahaza Umukama.
Izaburi 71 (72), 1-2. 7-8. 10-11. 12-13
Icit : Ibihugu vyose bizokuyoboka, Mukama !
Mukama, shikiriza umwami intahe,
ronsa ubutungane umwana w’umwami ;
maze, acire urutunganye abana biwe,
ashingire ingingo abatobato bawe.
Niho rero ubutungane buzokwiserura,
amahoro na yo akamaho imyaka yose ;
azotwara intara kuva ku kiyaga gushika ku kindi,
akure ku ruzi ashikane ku mpera y’isi.
Abami b’i Tarsi n’abo mu mazinga bazomuha ingorore,
abami b’i Saba na Seba bazomutura ishikanwa ;
abami bose bazokubita ibipfukamiro imbere yiwe,
n’ibihugu vyose bizomuyoboka.
Ni we azokiza umukene amutabaza,
agakiza umuntu atagira uwiwe ;
ni we azobabara umugorwa n’umukene,
akamukiriza amagara.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi : 3, 2-3a. 5-6
(N’abapagani bemerwe gutorana hamwe natwe iragi ry’Umukama)
Ncuti zanje,
Ngira ngo mwarumvise ingene Imana yanteye iteka kubera mwebwe, ikampishurira rya Banga rya Kristu ritamenyeshejwe aba kera, nk’uko ubu ryahishuriwe abatumwa n’abahanuzi biwe beranda muri Mutima. Ubu n’abapagani baremerewe gutorana hamwe natwe iragi ry’Umukama, ubu turi ingingo z’umubiri umwe, dusangiye umuhango umwe muri Kristu Yezu, kubera Inkuru Nziza dusangiye.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Twabonye inyenyeri yiwe iserutse,
duca turaza, tuzanye n’amashikanwa,
ngo dusenge Umukama.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 2, 1-12
(Tuvuye mu Buseruko ngo tuze gusenga Umwami yavutse)
Aho Yezu yavukira i Betelehemu mu Buyudeha ku ngoma y’umwami Herodi, Abamajusi bashitse i Yeruzalemu bavuye mu buseruko bw’izuba, bavuga bati : « Umwami w’Abayahudi aherutse kuvuka ari hehe ? Twabonye inyenyeri yiwe iserutse, duca tuza kumusenga. »
Umwami Herodi avyumvise bimutera akoba, we n’ab’i Yeruzalemu bose. Akoranya rero abakuru mu basaserdoti n’abigisha bose, ababaza iyo Kristu azovukira. Na bo bamwishura bati : « Ni i Betelehemu mu Buyudeha, kuko ariho umuhanuzi yavuze aho yandika ati : Ewe Betelehemu ya Yuda, nturi muto mu miryango ya Bene Yuda, kuko umwami azorongora igihugu canje Israeli azova iwawe. »
Araheza Herodi yihereranya bano Bamajusi, baramufoborera neza ikiringo c’aho iyo nyenyeri yababonekera ; arabagenekereza Betelehemu, ababwira ati : « Gende, mubaririkize neza ivy’uyo mwana ; muramutse mumubonye, muntumeko, nanje ngende kumusenga. »
Bahejeje gukebukana n’umwami, barijura. Ya nyenyeri bari babonye mu buseruko ibatanga imbere iragenda ; ishitse hejuru y’aho nya mwana yari ari, irahagarara. Ngo babone nya nyenyeri, barahimbarwa cane. Binjiye mu nzu, bahasanga nya mwana na Mariya nyina wiwe, barapfukama, baramusenga. Baraheza bafundurura ibikemanyi vyabo, bamushikanira inzahabu, isenga n’imira.
Ivyo biheze, baburirwa mu ndoto ngo ntibasubire guca kwa Herodi, baca bajana iyindi nzira, bitahira iwabo.