IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya: 8, 23b-9, 3
(Mu Bugalile bw’abanyamahanga, igihugu cariboneye umuco w’agatangaza)
Kera Imana yaratetereje igihugu ca Zabuloni n’ica Neftali; ariko mu nyuma yarateye iteka inzira ikikuza ikiyaga, hakurya ya Yordani, no mu Bugalile bw’abanyamahanga.
Igihugu cahora mu mukorane cariboneye umuco w’agatangaza, umuco warasiye ku bantu bari muri ico gihugu c’umwijima.
Warongereje akanyamuneza kabo, ubasesekariza agahimbare : none bariko barakwigina, banezerewe nk’abariko barimbura, bishongora nk’abagabura amatungo y’abansi. Nkako wabaremuruye umuzigo wabasenya ibikanu, ubuhiri bwabavuna ibitugu wabugize ubunywenywe, ikibǒko c’uwabatwaza umukazo wagiciye nka wa munsi wirahira abansi kuri Madiyani.
Izaburi 26 (27), 1. 4. 13-14
Icit: Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje.
Umukama ni We rumuri rwanje, ni We bukiriro bwanje,
notinya nde wundi ?
Umukama ni We nkingi y’ubuzima bwanje,
ni nde yompindisha agashitsi ?
Hari ikintu nsaba Umukama,
ndagicambirwa :
ni ukuba mu ngoro y’Umukama,
iminsi yose y’ubuzima bwanje,
ngo mpimbarwe n’uko Umukama ari mwiza,
nkaguma mu ngoro yiwe.
Ndavyemeye, nzobona Umukama agira neza
Kuri iyi si y’abazima.
Izigire Umukama, mugumye umutima, ntimuhugumbwe,
nimwitege Umukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti: 1, 10-13. 17
(Nimube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe)
Ndabasavye, benewacu, kw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu, mube mwese imvugarimwe kandi ntihagire amacakubiri yaduka muri mwebwe ; nimuhuze imitima, muname rimwe. Nkako nyene, abantu b’i Klohe barambwiye ivyanyu : ngo hari imitongano muri mwebwe. Ni ukuvuga ko umwe wese muri mwebwe yitora akavuga ati: « Jewe ndi uwa Paulo », uwundi ati : « Nanje ndi uwa Apollo », uwundi na we ati : « Nanje ndi uwa Kefas », uwundi ngo : « Nanje ndi uwa Kristu ». Mbega, Kristu yaciwemwo ibice ? Mbega, Paulo ni we yabambwe ku musaraba kubwanyu canke mwabatijwe kw’izina rya Paulo ?
Eka, Kristu ntiyantumye kubatiza, yantumye kwigisha Inkuru Nziza, ntakoresheje ubwenge bwerekanwa n’imvugo, kugira ngo umusaraba wa Kristu ntupfe ubusa.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Yezu yarigishije Inkuru Nziza y’Ubwami,
akiza ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Matayo : 4, 12-23
Igisomwa kigufi : 4, 12-17
(Yezu aza kuba i Kafarnaumi, ngo ijambo ry’Umuhanuzi Izaya riranguke)
Yezu amaze kwumva ko Yohani Batista yatawe mw’ibohero, asubira mu Bugalile. Avuye mu gisagara c’i Nazareti, aza kuba i Kafarnaumi, igisagara cegereye ikiyaga ku mbibe za Zabuloni na Neftali, ngo ijambo ry’umuhanuzi Izaya riranguke : « Gihugu ca Zabuloni, nawe gihugu ca Neftali, wewe nzira irora ku kiyaga, hakurya ya Yordani, Bugalile bw’abanyamahanga : igihugu cari cicaye mu mwijima cariboneye umuco w’agatangaza warasiye ku bari bicaye mu gihugu c’umuzimagiza n’urupfu. »
Kuva ubwo, Yezu atangura kwigisha, avuga ati : « Nimwihanure, kuko Ubwami bw’ijuru buri hafi. »
(Igisomwa kigufi giherera aha).
Yezu rero aca ku nkombe y’ikiyaga c’i Bugalile abona abavukana babiri, Simoni yataziriye Petero na mwenewabo Andreya, bariko baratera insenga zabo mu kiyaga : na none bari abarovyi. Ababarira ati : «Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu. » Nabo baca baheba insenga zabo, baramukurikira.
Ahavuye, arabandanya abona abandi bavukana babiri, Yakobo mwene Zebede na mwenewabo Yohani, bari mu bwato kumwe na se wabo Zebede, bariko barasana insenga zabo ; araheza arabahamagara. Na bo ubwo nyene baheba insenga zabo na se, baramukurikira.
Yezu yaragendura Ubugalile bwose yigishiriza mu masinagoga, yigisha Inkuru Nziza y’Ubwami, akiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.