Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (A)

IDOMINIKA YA 6 YO MU MWAKA (A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi : Sir 15, 15-20

(Nta n’umwe Umukama yarekuriye kuba umuyobe)

Niwabishaka uzorangura amateka y’Imana, kuko ukugumya ibanga ari wewe bivako.
Umukama yaremye umuriro n’amazi, abishira imbere yawe : shira ukuboko aho ushaka.
Imbere y’abantu hari ubuzima n’urupfu, muri ivyo bibiri, batora ico bashimye.
Nkako, ubutungane bw’Umukama ni agatangaza, ntakimunanaira kandi abona vyose. Yamiza ijisho ku bamwubaha, kandi arazi utwo abantu bigira twose. Nta n’umwe yategetse kuba umuyobe, kandi nta n’umwe yarekuriye gucumura.

Izaburi 118 (119), 1-2. 4-5. 17-18, 33-34

Icit : Hahiriwe abagendera kw’itegeko ry’Umukama.

Hahiriwe abagendera ubutungane,
bakagendera kw’itegeko ry’Umukama ;
hahiriwe abazigama amabwirizwa yiwe,
bakamurondera n’umutima wabo wose.

Ni Wewe washinze amateka yawe,
Kugira ngo bayazigamane ubwira.
Ese mu ngiro yanje
Nokwama nkurikiza ivyo ushaka.

Girira neza umusavyi wawe, niho nzohema,
nkarangura ijambo ryawe.
Mpumura, niho nzobona
Ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe.

Nyereka inzira y’amabwirizwa yawe :
ni yo nshaka kugenderamwo iminsi yose.
Nyumvisha ibwirizwa ryawe, maze ndarizigame,
ndarirangure n’umushaha wanje wose.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 2, 6-10

(Imana yatugeneye ubwenge kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa)

Ncuti zanje,
Niko, ubwo bwenge ni bwo tuvugana mu beranda, yamara si ubwenge bw’iyi si, kandi si ubw’abaganza iyi si barariye guhona. Ubwenge tuyaga ni ubwenge bw’Imana, atawobutahuza, ni ubwenge bw’ikinyegezwa, Imana yatugeneye kuva imyaka yose ngo tubukuremwo ininahazwa, ubwenge ata n’umwe mu baganza iyi si yigeze amenya : iyo babumenya, ntibari kubamba ku musaraba Umukama nyen’ubuninahazwa.
Ariko, nk’uko vyanditswe, tumenyesha ico ijisho ritigeze ribona, ico ugutwi kutigeze kwumva, ico umutima utigeze wiyumvira, eka ivyiza vyose Imana yateguriye abayikunda.
Natwe rero, ni twe Imana yabuhishuriye kubwa Mutima ; kukaba nkako, Mutima ategera vyose, n’ibinyegezwa vy’Imana nyene.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mwami w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bw’ijuru.
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 17-37

(Igisomwa kigufi bagisanga inyuma y’iki)

Jeho ndababwiye ibi
Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
«Ntimugire ngo nazanywe n’ugukura amateka canke inyigisho z’abahanuzi ; eka sinazanywe n’ukuzimanganya, naje kunogerereza. Kuko ndababwiye ivy’ukuri : Ijuru n’isi bikiriho, nta n’akadome, nta n’akarongo bizova mu mateka, ivyo vyose bitaranguwe.

Uwuzorenga ibwirizwa rimwe ryo muri ayo mategeko kandi akigisha abandi kugira nka we, azogirwa uwanyuma mu Bwami bw’ijuru ; ariko uwuzoyakora akayigisha, uyo azogirwa ukuru mu Bwami bw’ijuru.
Kuko ndabibabwiye : nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.

Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobobazwa ku rubanza ; na we uwuzokwita uwundi ikirēre, bizomukwega imbere ya sentare ; amwise naho umusazi, azotabwa mu nyenga y’umuriro.

Niwaza rero guhereza ishikanwa ryawe kw’altari, ariko ukibuka ko mugenzawe agufitiye akajirya, uraca usiga rya shikanwa ryawe ngaho nyene imbere y’altari, uheze ugende musubize hamwe na mugenzawe, uhejeje ugaruke guhereza ishikanwa ryawe.
Subiza hamwe ningoga n’uwo mushize kubiri, mugifatanije akayira, kugira ngo ntahave agushira umucamanza, na we agushire mu ntahe, hanyuma bahave baguta mw’ibohero ; ni ivy’ukuri ndabikubwiye, n’isenge utayishuye ntuzovayo.

Mwarumvise iryavuzwe ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we. None rero, ijisho ryawe ry’iburyo rigutirimukije, rirandure urite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga. Na ho iminwe yawe y’iburyo igutirimukije, yice uyite kure ; wopfuma uba ikimuga, hako umubiri wawe wose uko wakabaye wotabwa mu nyenga.

Iryavuzwe, ni uko uwuzokwirukana umugore wiwe azomuha ikete rimenyesha ko yirukanywe. Jeho ndababwiye nti : Uwo wese yirukana umugore wiwe kiretse niyaba yakoze ibiterasoni, aba amutumye kuba umusambanyi ; kandi uwabira umugore yirukanywe, na we ni umusambanyi.

Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jeho ndababwiye kutarahira namba : habe n’ijuru, kuko ari icicaro c’Imana, habe n’isi, kuko ari urwuririzo rw’ibirenge vyayo, habe na Yeruzalemu, kuko ari igisagara c’Umwami mukuru. Nturahire umutwe wawe, kuko ata n’agashatsi kawo wobwira ngo kere canke kirabure. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »

(Igisomwa kigufi ni iki 🙂

Inkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 20-22a. 27-28. 33-34a. 37

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati : « Ni ukuri ndabibabwiye : Nimutarusha ubutungane Abigisha n’Abafarizayo, ntimuzogeza ikirenge mu Bwami bw’ijuru.
Mwarumvise iryabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntimwice ; uwuzoramuka yishe bizomuhama ku rubanza. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka agiriye ishavu mugenziwe, azobibazwa ku rubanza.
Mwarumvise iryavuzwe, ngo : Ntuzosambane. Jeho ndababwiye nti : Uwuzoramuka aravye umugore w’uwundi amwipfuza, mu mutima wiwe yamaze gusambana na we.
Mwarumvise ivyabwiwe ba Sokuru, ngo : Ntuzorahire ikinyoma, ariko urakorera Umukama ivyo wamuraganiye. Eka jewe ndababwiye kutarahira namba. Imvugo yawe n’ibe : Ego, ego, Oya, oya ; ibisigaye vyose biva kuri Sekibi. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :