Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA Y’7 YO MU MWAKA (A)

IDOMINIKA Y’7 YO MU MWAKA (A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca Bene Levi : 19, 1-2. 17-18
(
Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene)

Umukama yabwiye Moshe ati : « Bwira Abanyisraeli bose uti : Nimube beranda, kuko jewe, Umukama Imana yanyu, ndi mweranda. Ntuzokwanke mwenewanyu. Utegerezwa gukebura kavukire, niho utazokwikwegerako igicumuro ciwe. Ntuzokwihore kandi ntuze ugirire inzigo abo musangiye igihugu. Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. Ni Je Mukama ! »

Izaburi 102 (103), 1-2. 3-4. 8. 10. 12-13

Icit : Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe.

Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
Himbaza Umukama se mushaha wanje,
Maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.

Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
Ni We agukiza indwara zose ;
Ni We akugarurira ku cobo,
Ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.

Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Uko ducumura, siko aduhana,
Uko tumutuka, siko adusubiza.

Nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
Niko adushira kure y’akabi kacu ;
Nk’uko umuvyeyi akunda abana biwe,
Niko Umukama akunda abamwubaha.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti : 3, 16-23
(Vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana)

Ncuti zanje,
Mbega, ntimuzi yuko muri ingoro y’Imana kandi ko Mutima w’Imana aba muri mwebwe ? Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana izomusambura, kuko ingoro y’Imana ari nyeranda, kandi iyo ngoro ni mwebwe.
Ntihagire n’umwe yihenda : muri mwebwe, nihagira umwe yiyumvira ko ari umunyabwenge ku vy’iyi si, niyigire ikijuju ngo abone guhinduka umunyabwenge w’ukuri ; kuko ubwenge bw’iyi si ari ubusazi mu maso y’Imana. Na none handitswe ngo : Umukama ategera abanyabwenge mu bubangutsi bwabo, kandi ngo : Umukama arazi ivyiyumviro vy’abanyabwenge, arazi ko ataco bimaze.

Ni uko rero, ntihagire n’umwe yihayagiza mu bantu ; kuko vyose ari ivyanyu, ari Paulo canke Apolo canke Kefas, ari isi canke ubuzima canke urupfu, ari ivy’ubu canke ibizoza ; vyose ni ivyanyu, namwe muri aba Kristu, Kristu na We ni uw’Imana.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.
Uwuzigama ijambo rya Kristu, muri we urukundo rw’Imana niho ruba rurangukiye.
Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 5, 38-48

(Nimukunde abansi banyu)

Muri irya minsi, Yezu yabariye abigishwa biwe ati :
« Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Ijisho ki rindi, iryinyo ku rindi. Eka jeho ndababwiye kudahangana n’umuhambazi ; nihagira uwugukubita kw’itama ry’iburyo, muhereze n’irindi. Uwushaka kukwitwarira ngo agutware ikanzu, muhebane n’igikwemu. Umuntu niyakugobera ngo mujane inzira y’intambwe igihumbi, mukwirikire mugire ibihumbi bibiri. Uwugusavye n’umuhe, uwukuguranye ntumwinyungushure.

Mwarumvise ivyavuzwe ngo : Uzokunda umugenzi wawe, wanke umwansi wawe. Jeho rero ndababwiye nti : Kunda abansi banyu, kandi musabire ababahama, ngo mwerekane ko muri abana ba So wanyu wo mw’ijuru aha izuba ababi n’abeza, agaha imvura intungane n’indyarya.

Kuko mukunze ababakunda gusa, impera yanyu izoba iyihe ? Abatozakori bo ntibabigira ? Kandi muramukanije na benewanyu gusa, mwoba mugize iki c’akatabonetse ? Abapagani bo ntibabigira ? Mweho rero, nimube beranda nk’uko So wanyu wo mw’ijuru ari mweranda. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :