Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » IGIHE CA PASIKA – IGITERAMO CA PASIKA MW’IJORO RYERANDA

IGIHE CA PASIKA – IGITERAMO CA PASIKA MW’IJORO RYERANDA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ibisomwa vyagenywe ni icenda : indwi vyo mu Bwuzure bwa kera na bibiri vyo mu Bwuzure bushasha. Babonye bikenewe, bashobora kubigabanya. Ariko ntibafate ibiri munsi ya bitatu vyo mu Bwuzure bwa kera; mugabo, bidashobotse, batora bibiri , dukuyemwo Ibaruwa n’Inkuru Nziza.Ariko, ntibigere bakuramwo igisomwa ca gatatu ku rutonde rwavyo cerekeye Ijabuka ry’Ikiyaga gitukura (Ihūngūka 14, 15-15, 1).

 IGISOMWA CA MBERE

 Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 1, 1-2, 2

Igisomwa kigufi : 1, 1. 26-31a.

Imana yitegereje ivyo yagize vyose, vyari vyiza cane

Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi.

Igisomwa kigufi gihagararira aha

Na yo isi yari ikidengeri atakiriho, umwijima wari upfutse inyenga, umutima w’Imana na wo wareremba ku mazi. Imana iraheza ivuga iti : « Umuco n’ubeho ». Umuco uca urahaba. Imana ibona ko umuco ari mwiza, iraheza itandukanya umuco n’umwijima. Nya muco Imana iwita umutaga, umwijima na wo ijoro. Haba umugoroba, haba n’igitondo ; uba umusi wa mbere.

Imana ivuga iti: « Nihabe ikirêré hagati y’amazi, gitandukanya amazi n’ayandi. » Imana irema ijuru ritandukanya amazi ari munsi y’ijuru n’amazi ari hejuru y’ijuru. Bica biba gutyo. Imana iraheza yita ikirêré ijuru. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi wa kabiri.

Imana irongera ivuga iti : « Amazi yose ari munsi y’ijuru n’akoranire mu kiyaga kimwe, haheze haboneke isi yumutse. » Bica biba gutyo. Ahǔmūtse Imana ihita isi, aho amazi akoraniye naho ihita ibiyága. Imana ibona ko ari vyiza.

Imana ivuga iti : « Isi niyuzureko ibiméra, ivyatsi bifise imbuto n’ibiti vyama ; na vyo vyame kw’isi ivyamwa birimwo imbuto. » Bica biba gutyo. Isi iraheza iramera ivyatsi vyifitiye imbuto z’ubwoko bwavyo, n’ibiti vy’ivyamwa vy’ubwoko bwavyo birimwo imbuto zavyo. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi wa gatatu.

Imana ivuga iti : « Nihabe ibimuri hejuru kw’ijuru, bitandukanya umutaga n’ijoro, bitubere ibimenyetso vy’imisi mikuru, vy’imibarwa n’ivy’umwaka ; nibibe ibimuri hejuru kugira ngo biboneshereze isi. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibimuri bibiri bukuru bikuru : ikumuri kininiya c’ukwihariza umutaga n’ikimuri co kwihariza ijoro, be n’inyenyeri. Imana iraheza ibishira hejuru kw’ijuru ngo bimurikire isi, bitegeke umutaga n’ijoro, bitandukanye umuco n’umwijima. Imana ibona ko ari vyiza. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira kane.

Imana ivuga iti : « Amazi n’anyagaremwo isinzi ry’ibikoko bizima, inyoni na zo ziguruke hejuru y’isi mu kirere c’ijuru. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema ibiyoka binini vyo mu kiyaga, n’ivyo bintu vyose binyororomba canke binyagara mu mazi, kimwe kimwe ku bwoko bwaco, n’iryo sinzi ryose ry’ibiguruka, kimwe kimwe ku bwoko bwaco. Imana ibona ko ari vyiza. Imana iraheza irabihezagira, ivuga iti : « Nimurondoke, mugwirirane, mwuzure amazi y’ibiyaga ; inyoni na zo zigwire kw’isi. » Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatanu.

Hanyuma Imana ivuga iti : « Isi n’ivyare ibikoko bizima, kimwe kimwe ku bwoko bwaco : ibikoko, udukoko dutoduto n’izindi nyamaswa, kimwe kimwe ku bwoko bwaco. » Bica biba gutyo. Imana iraheza irema inyamaswa mu bwoko bwazo, ibindi bikoko mu bwoko bwavyo, n’utundi dukoko two kw’isi mu bwoko bwatwo. Imana ibona ko ari vyiza.

Igisomwa kigufi kibandaniriza aha

Imana iraheza ivuga iti : « Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe ; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi. » Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti : « Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi. » Imana iraheza ivuga iti : « Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto ; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya. » Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize : vyari vyiza cane.

Igisomwa kigufi giherera aha

Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatandatu.
Gutyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize ; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize.

IZABURI 103 (104), 1-2a. 5-6. 10-12. 13-14. 24. 35c

Icit : Mukama, tuma umuzirikanyi wawe,
         uhindure isi.

Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !
Mukama Mana yanje, uri mukuru cane !
Ubukuru n’ubwiza bibarizwa iwawe,
umuco uwikwiza nk’igikwemu.

Isi warayitsindagiye urayigumya
Nta kizoyinyiganza mu myaka yose ;
wari wayorosheje inyenga y’amazi ayikikiza hose,
mu mitumba ni ho amazi avyagira.

Imyonga uyikura ku bucokwe,
ishororonga hagati y’imisozi ;
inyoni z’ijuru zibera hafi yayo,
mu mashami y’ibiti ni ho ziryogorera.

Ivyiza wakoze ni isinzi, Mukama,
kandi wabigiranye ubuhinga ;
isi ihinda itunga ryawe.
Ninahaza Umukama, se mushaha wanje !

IYINDI ZABURI 32 (33), 4-5. 6-7. 12-13. 20. 22

Icit : Isi yose, Mukama, isagiriwe n’urukundo rwawe.

Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.

Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru ;
akoraniriza hamwe amazi y’ibiyaga
nk’uwuyabuganiriza mu gakunga,
ayabika mu nyenga.

Hahiriwe intara yamwironkeyeko Imana,
hahiriwe intara We nyene yitorereyeko iragi !
umukama ahangama mw’ijuru,
akaraba abana b’abantu bose.

Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
kuko ari Wewe twama twizigiye.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 22, 1-18

Igisomwa kigufi tugisanga inyuma y’iki

Ishikanwa rya sokuru wacu Ibrahimu

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Ibrahimu avyuka umutwenzi, afata igitwazi, ahitana abasuku babiri n’umuhungu wiwe Izahaki, arasatura inkwi z’ugucanira ituro ry’Imana, aterera mu nzira, aragenda mu gihhugu Imana yari yamubwiye.
Ku musi ugira gatatu, Ibrahimu atereza amaso, abona nya musozi akiri kure. Niko kubwira abikorezi biwe ati : « Nimugume ngaha hamwe n’igitwazi. Jewe n’umuhungu wanje, tugende dushikeyo dusenge, duheze tugaruke kubahitana. » Ibrahimu afata inkwi aziremeka Izahaki, na we afata ifumba y’umuriro n’inkota, barashishikara urugendo rwabo uko ari babiri.
Izahaki bimutera amazinda, abaza se wiwe Ibrahimu ati : « Mbe da ! »
Uwundi ati : « Ni iki ga mwananje ? »
Amubwira ati : « Umucanwa ng’uyo, inkwi ng’izi, ariko umwagazi wo guherezako ituro ry’Imana uri hehe ? »
Ibrahimu amwishura ati : « Imana Yo nyene iraza kwimenyera umwagazi dutangako ituro. »
Baca barabandanya uko ari babiri.

Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.

Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »
Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe. Aho hantu Ibrahimu ahita « Umukama arabona » ; nico gituma bavuga ubu bati : « Ku musozi ni ho Umukama abonwa. »

Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IGISOMWA KIGUFI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 22, 1-2. 9a. 10-13. 15-18

Umusi umwe, Imana ishaka kugeza Ibrahimu, iramwakura iti : « Ibrahimu ! »
Ayishura ati : « Sabwe, Mukama ! »
Imana na Yo iti : « Fata umwana wawe, ca kinege ukunda cane, Izahaki, ugende mu gihugu ca Moriya kumutangako ituro ry’Imana, ku musozi nza kukwereka. »
Bamaze gushika aho Imana yari yamurangiye, Ibrahimu yubaka ururhimbi, arundako za nkwi, araheza afata Izahaki umwana wiwe araboha, amutereka ku ruhimbi hejuru y’inkwi. Ibrahimu araramvura ukuboko, afata inkota ngo asogote umwana wiwe.
Umumarayika w’Umukama yamara avugira mu kirere ati : « Ibrahimu ! Ibrahimu ! »
Aramwishura ati : « Sabwe, Muhanyi ! »
Umumarayika na we ati : « Nturoreshe ukuboko ku mwana wawe ! Ntihagire ikibi umugirira ! Ndazi noneho ko wubaha Imana, ntiwanyimye umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende. »

Ibrahimu araramuye amaso, abona impfizi y’intama, amahembe afashwe n’igisaka. Ibrahimu arayifata, ayitangako ituro ry’Imana mu kibanza c’umuhungu wiwe.
Umumarayika atumwe n’Umukama asubira kwakura Ibrahimu ubwa kabiri, ati : « Ndarahiye, kw’izina ry’Umukama, kubera ko wubahutse gukora ivyo, ntiwimane umwana wawe, ikinege cawe kimwe rudende, nzoguhunda imihezagiro, abuzukuru n’abuzukuruza bawe bazogwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru, bazongana n’umusenyi wok u nkombe z’ikiyaga, bazokwirahira abansi babo babigambe. Kw’izina ryabo, imiryango yose yo kw’isi izohezagirwa, kuko wagamburukiye Imana. »

IZABURI 15 (16), 5. 8. 9-10. 11

Icit : N’unzigame Mukama Mana yanje,
         kuko ari Wewe musa nizeye.

Mukama, ni Wewe ntoranwa yanje, ni Wewe ruhara rwanje,
Ni Wewe natoranyeko iragi ryanje ;
Mpoza Umukama imbere yanje, kuri ico simpengeshanya
Kandi ko asanzwe ari iburyo bwanje sintirimuka.

Umutima wanje urahimbarwa
Kandi umushaha wanje ukanezerwa,
umubiri wanje nawo ukaruhuka, ataco winona ;
na none, ntiwondeka ngo mpfe rubi,
umugenzi wawe ngo aherere mu cobo.

Uzondangira inzira y’ubuzima,
imbere yawe agahimbare ni kose ;
ku buryo bwawe, akanyamuneza kazokwamaho imyaka yose.

IGISOMWA CA GATATU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka : 14, 15-15, 1a

Abanyisraeli baciye mu kiyaga hagati humutse

Umukama abwira Moshe ati : « Ni kuki untakambira gutyo ? Barira Abanyisraeli bakomeze urugendo rwabo. Nawe, fata inkota yawe, uramvure ukuboko, uyerekeze ku kiyaga, ikiyaga naco gicikemwo kubiri, kugira ngo Abanyisraeli bace mu nzira yuutse. Jewe rero, nca nirabuza umutima w’Abanyamisiri, maze na bo bace bakurikirana Abanyisraeli mu kiyaga. Niho nzobona kuninahazwa kubera Faraoni n’ingabo ziwe, kubera imikogote yiwe n’abiwe barwanira ku mafarasi. Abanyamisiri bazoca bamenya k ondi Umukama, aninahazwa kubera Faraoni, imikogote yiwe n’abiwe bagendera ku mafarasi. »
Umumarayika w’Imana yarôngōra inteko z’Israeli, araheza ahindura ikibanza, agenda azimirije. Inkingi y’igicu na yo nyene irahindukira, iva imbere ija inyuma, igumaho ; irahagarara hagati y’ingabo z’Abanyamisiri n’iz’Abanyisraeli. Ico gicu cari umwiza, kikongera kikabonesha ijoro, maze burinda buca izo nteko zitigeze zegerana na gato.

Moshe aramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga ; Umukama arungika mw’ijoro ryose umuyaga mwinshi uvuye mu buseruko, urigizayo ikiyaga, maze harumuka. Amazi yisaturamwo kubiri, Abanyisraeli baca hagati humutse, iburyo n’ibubamfu amazi amera nk’uruhome. Abanyamisiri na bo babiruka inyuma n’amafarasi yose ya Faraoni, imikogote yiwe be n’ingabo ziwe zirwanira ku mafarasi, barabakurikirana n’aho mu kiyaga humutse.
Buri mu guca, Umukama abirabira muri ya nkingi y’umuriro n’igicu, akubitije ijisho kuri za ngabo z’Abanyamisiri, zica ziraburanirwa. Aravunagura imigurudumu y’imikogote bagenderamwo, ntiyaba ikiva hasi. Abanyamisiri baca basemerera bati : « Ingo duhunge, tuve inyuma y’Abanyisraeli, kuko Umukama abarwanira ngo baduhonye ! » Umukama abwira Moshe ati : « Ramvura ukuboko hejuru y’ikiyaga, amazi yose acuncubukire ku Banyamisiri, ku birwanisho vyabo no ku mafarasi barwanirako. » Moshe araramvura ukuboko, maze aha buriko buraca, ikiyaga gisubira aho cahora. Abanyamisiri, mu guhunga, bahungira iyo ari, Umukama abatsinda hagati mu kiyaga. Ya mazi asubiye mu kibanza cayo, ahura n’izo ngabo be n’imikogote yazo, inteko zose za Faraoni na zo zari zakurikiranye Abanyisraeli mu kiyaga, ziramirwa. Nta n’umwe yarokotse. Ariko Abanyisraeli bo bijabukiye baca ahumutse, hagati y’uruhome rw’amazi iburyo n’urundi ibubamfu.

Uwo musi, ni ho Umukama yakura Israeli mu minwe y’Abanyamisiri, ni ho Israeli yabona imivyimba y’Abanyamisiri ku nkombe y’ikiyaga. Israeli iba icabona c’ububangutsi bw’Umukama yatsinze abanyamisiri. Igihugu gica gitinya Umukama, kirizigira Umukama na Moshe umutoni wiwe. Niho rero Moshe n’Abanyisraeli bashira ijwi hejuru, bakaririmbira Umukama bati :

URURIRIMBO : Ihunguka 15, 1-2. 3-4. 5-6. 17-18.

Icit : Nidushimagize Umukama,
         kuko intsinzi yiwe ari agahebuza !

Ndaririmbira Umukama,
kuko intsinzi yiwe ari agahebuza !
Amafarasi n’abayagenderako
Yarabahonereje mu kiyaga !

Umukama ni We ankomeza, ni We nohayagiza ;
Yankuye ikuzimu, ansubiza ibuntu !
Ni We Mana yanje ntangarira,
Ni We Mana ya data, ndamuhaya.

Umukama ni We ntwari mu rugamba,
We yitaziriye « Uwuriho ».
Ibirwanisho vya Faraoni
Arabikwegakwegera mu kiyaga ;
Intwazangabo ziwe na zo
Zisoma nturi mu Kiyaga Gitukura.

Amazi yo mu nyenga arabarengera,
baribira mw’ibenga.
Ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
ni agatangaza katananirwa ;
ukuboko kwawe kw’iburyo, Mukama,
kurajanjagura abansi.

Abo wabohoye uzobajana ngo bagerere
Ku musozi wabemereyeko iragi,
aho wiyubakiye ingoro yawe, Mukama,
muri nya ngoro nyene, Mukama,
witeguriye wewe nyene.
Umukama azohangama imyaka n’imyaka.

IGISOMWA CA KANE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 54, 5-14

Kubera urukundo rw’intakama agufitiye,
Umukama, Umucunguzi wawe yakugiriye imbabazi.

Umuremyi wawe ni we azoba umunega wawe,
Izina ryiwe ni ‘Umukama Nyen’ingabo’ ;
Umweranda w’Israeli ni we azoba Umucunguzi wawe,
Izina ryiwe ni ‘Imana y’isi yose’.
Ego cane, Umukama yakwakuye,
Nka kurya bibuka umugore w’intabwa yatuntuye ku mutima.
Umukama Imana yawe yavuze ati :
« Mbe hari uwirukana umugeni bubakanye
Akiva mu busore ?
Nari naguhevye akanya gatoyi,
none vyanyanse mu nda, ngiye kukwigarurira
hari igihe nari natwawe n’ishavu,
ndakwinyegeza ;
ariko, kubera urukundo rw’intakama ngufitiye,
nakugiriye imbabazi.»
Uko niko Umukama Umucunguzi wawe avumereye.

« Nagize nko muri ca gihe ca Nohe,
hamwe narahira ko isegenya itazosubira gutikiza isi.
N’ubu nyene ndarahiye
Ko ntazosubira kugushavurira no kugutonganya.
Imisozi ishobora guhera,
imitumba igasanzara,
ariko urukundo ngufitiye ntiruzotituka,
isezerano ry’amahoro nasezeranye nawe sinzorihemukira. »
Umukama agufitiye imbabazi yaravyemeje.

« Wewe wagowe menshi, Yeruzalemu,
wewe wazungagijwe n’umuyaga, ukabura ikiguhoza ;
buca nja guhumbira, nshinge umuganda,
nkwubakire inzu y’akaroruhore,
ndayisezere, ndayisharize,
ndayubakire n’urugo ruteye igomwe.
Abana bawe bose bazokwigishwa n’Umukama,
eka bazoronka ubuhirwe bwinshi.
Uzoshinga imizi ku butungane,
wikinge abagucura bufuni na buhoro,
uzoshira ubwoba,
ntibazoba bakiguturubika. »

IZABURI 29 (30), 2-4. 5-6. 11. 12a. 13b

Icit : Ndaguhaya, Mukama,
         Wewe wambogoye.

Ndaguhaya, Mukama, kuko wambogoye ;
ntiwampaye amanyo y’abansi.
Mukama, wankuye mu cobo,
unsubiza amagara.

Curarangire Umukama, abamukunda mwese,
mumushimagize mu kwibuka izina ryiwe ryeranda.
Ishavu ryiwe rimara umwanya urume rumara,
urukundo rwiwe rugahoraho ;
ku mugoroba, barabogoza,
mu gitondo bagatārīka.

Mukama, nyumviriza, ungirire ikigongwe !
Mukama, n’uze kundokora !
Wankuye kugandara, unjana kuvyina ;
Mana mfise, nzoguhaya imyaka yose !

IGISOMWA CA GATANU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya : 55, 1-11

Nimunyegere ngo mubone gukira,
niho nzosezerana namwe isezerano ryamaho

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Mwebwe mwese munyotewe, nimuze mwegere isôko,n’aho mutoba mufise amafaranga nimuze.
Gura ingano, mwihereze umuvinyu n’amata,
n’aho ata mafaranga mugira.
Mbe ni kuki mutagaguza amahera mu bintu bitari ibifungurwa,
umushahara wanyu ugaherera mu bitabahaza ?
Ntege amatwi, muzoheza murye ibiryoshe,
muzonezerezwa n’ibisosa.
Ntege abiri, muze iwanje,
nyumvirize, niho umutima wanyu uzokira.
Nzosezerana namwe isezerano ryamaho,
rishimikiye ku ngabirano zemerewe Dawidi.
Ehe raba, nakugize icabona mu makungu,
nagutoye ngo ube umukuru n’umutegetsi mu mahanga.
Uzohamagara intara utari uzi,
abantu utari bwabone bace bakwirukira,
kubera Umukama Imana yawe,
kubera Umweranda w’Israeli azoba yaguteye iteka.
Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu.
Nka kurya imvura n’urume bigwa biva mw’ijuru
Ntibisubireyo bitavomeye isi ngo biyirondore,
Ibiterwa bikamera,
Umubivyi akaronka imbuto n’imfungurwa,
Niko n’ijambo rivuye mu kanwa kanje,
Ritangarukako ritagize akamaro,
Ritaranguye ico nshaka,
ridakoze ico naritumye. »

URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6

Icit : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
         akanyamuneza kabasya.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.

Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
niukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.

Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israeli.

IGISOMWA CA GATANDATU

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Baruki : 3, 9-15. 32-4, 4

N’ugendere mu muco uhimbaye w’Umukama

Israeli we, umviriza amategeko y’ubuzima, banga amatwi, kugira ngo ushikire ubwitonzi. Israeli, mbega, ni kuki uri mu gihugu c’abansi bawe, ugasazira mu ntara utavukiyemwo, ukihumanya mu kwamana n’abapfu, ugaharurwa mu gitigiri c’abaja mu nyenga ? Ni uko wataye Isôko ry’Ubwitonzi ! Iyo uba warakurikiranye inzira y’Imana, uba wibereye mu mahoro ya misi yose. Menya ahari ubwitonzi, ubukomezi n’ubwenge, kugira ngo umenye kandi ahari ukuramba n’ubuzima, umuco w’amaso be n’amahoro. Ariko rero, ni nde yamenye iyo Ubwitonzi buba, ni nde yashikirijwe amatungo yabwo ?

Uwumenya vyose ni we ategera Ubwitonzi, akabuzirikana n’ubwenge bwiwe ; ni we yaringanije isi imyaka n’imyaka, akayuzuzamwo ubusho bw’ibitungwa. Ni we arungika umuco, na wo ugaca ugenda ; arawuhamagara, na wo ugaca umugamburukira utetemera. Inyenyeri zakaka akanyamuneza mu kurarira ; arazihamagara, na zo zikitaba ngo : « Turarengutse ! », zigaheza zikakakana akanyamuneza kubera Uwaziremye.

Uyo ni We Mana yacu, nta wundi angana na We. Ni We yategereje inzira zose z’ubumenyi, akazimenyesha umusavyi wiwe Yakobo, n’umukunzi wiwe Israeli. Uko ni ko Ubwitonzi bwabonetse kw’isi, bukabana n’abantu. Ni bwo gitabu kirimwo amabwirizwa y’Imana. Itegeko rizokwamaho na ntaryo ; uwuryihambirirako wese azoramba, uwuriheba na we ntazobura gupfa.

Yakobo we, niwigarure uheze ubwakire ; n’ugendere mu muco wabwo ngo ushikire umuco : ntuhebere uwundi ubuninahazwa bwawe, ntuhebere amahanga iteka watewe. Turahiriwe noneho, twebwe Israeli, kuko twahishuriwe ibinezereza Imana.

IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11

Icit : Mukama, ni Wewe ufise amajambo y’ubuzima budahera.

Amategeko y’Umukama aratunganye,
Ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.

Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.

Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.

Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.

IGISOMWA C’INDWI

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri : 36, 16-17a. 18-28

Nzobasukako amazi y’umusarara kandi nzobaha umutima mushasha

Ng’iri iryo Umukama yambwiye :
« Mwana w’umuntu, igihe baba mu gihugu cabo, ab’umuryango w’Israeli baracononesheje ingeso zabo n’ibikorwa vyabo. Niho rero nabereka ishavu ndabafitiye kubera ko basheshe amaraso mu gihugu no kubera ko bacononye n’ibigirwamana vyabo. Narabasanzaje mu mahanga, nkabashiwiragiza mu bihugu. Narabaciriye urubanza rukwiranye n’ingeso zabo be n’ibikorwa vyabo. Bamaze gushika muri vya bihugu vyaho, baratukisshije izina ryanje ryeranda, bigatuma mbere abantu bavuga bati : “Aba ni abantu b’Umukama, bavuye mu gihugu ciwe.” Ariko, narubahirije rya zina ryanje ryeranda Abanyisraeli batukishije mu mahanga bagiyemwo.
Ni uko rero, barira umuryango w’Israeli uti :
Ng’iri iriyazwe n’Umukama Imana :
Ivyo nza gukora, sinzobikora kubwanyu, muryango w’Israeli, ariko nzobikora kubw’izina ryanje ryeranda mwatukishije mu mahanga mwagiyemwo. Nzokwubahiriza izina ryanje ry’agakura ryatukishijwe mu mahanga, izina ryanje mwatukishije hagati muri yo. Niho ibihugu bizoheza bikamenya Jewe Umukama igihe nzobamenyesha muri mwebwe k ondi mweranda. Nzobakura mu mahanga, muve mu bihugu vyose, ndabakoranirize mu gihugu canyu. Nzobasukako amazi y’umusarara, mutyororwe ; nzobatyorora umwanda wanyu wose, mbakure mu bigirwamana mwari mwemeye vyose. Nzobaha umutima mushasha, mbashiremwo ubwenge bushasha ; nzobakuramwo wa mutima w’agatimatare, mbasubizemwo umutima woroshe. Nzobashiramwo umutima wanje, ndabahe gukurikiza amabwirizwa yanje, kuzigama amategeko yanje n’ukuba intatanamundagano. Muzogerera mu gihugu nagabiye ba sokuru banyu, muzoba igihugu canje, nanje mbe Imana yanyu. »

Iyo batanga ibatisimu :

URURIRIMBO : Izaya 12, 2-3. 4bcd. 5-6

Icit : Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
         akanyamuneza kabasya.

Ng’iyi Imana y’urukiza rwanje,
ndayizeye, ntaco ngitinya ;
kuko Umukama ari We bukomezi bwanje n’ururirimbo rwanje,
ubukiriro bwanje ndabukesha We.
Muzovoma amazi mu masôko y’urukiza,
akanyamuneza kabasya.

Kurira ubwatsi Umukama, ninahaza izina ryiwe,
ni ukwize mu makungu yose ibitangaza vyiwe,
ibutsa intara zose ko izina ryiwe ari rurangiranwa.
Curarangira Umukama,
kuko yakoze igitangaza cakwiye isi yose.
Himbarwe, nezerwe, bantu bo muri Siyoni,
kuko ari n’ijunja hagati yanyu Umweranda w’Israeli.

IZABURI 50 (51), 12-13. 14-15. 18-19

Icit : Duhe, Mukama, umutima mushasha.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Ababi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.

Imperezwa nari kuguhereza ntuzibabaye,
imbagwa nari kuguhako iciru ntiwozishima.
Imperezwa igushika ku nyota ni umutima wigaye ;
umutima wigaye kandi waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
ntuzowushiburire kure, Mana yanje.

Iyo badatanga ibatisimu baca batora :

IYINDI ZABURI 41 (42), 3. 5bcd ; 42 (43), 3. 4.

Icit : Kumwe inyemera inyotewe yirukira isôko,
niko umutima wanje uguhurumbira, Mana mfise.

Umutima wanje uranyotewe Imana,
ariyo Mana nzima.
Mbega, nzogenda ryari
Kuyihweza imbonankubone ?

Nzogenda mu ngoro yayo y’agatangaza,
mu ngoro y’Imana yanje,
tugenda turaririmba indirimbo z’agahimbare,
mpagatiwe n’isinzi ry’abantu banezerewe.

Ndungikira umuco wawe be n’ukuri kwawe,
maze bindongore, binjane
ku murwa wawe mweranda,
nshike no ku kirimba cawe.

Nzoheza nshike kw’altari y’Imana,
Kwa Mana nyene ariyo kanyamuneza kanje ;
Nzonezerwa, nkuninahaze, ngucurarangire,
Mukama, Mana mfise.

IBARUWA

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani : 6, 3-11

Kristu yamaze kuzuka mu bapfuye ntagisubira gupfa

Ncuti zanje,
Ntimuzi ko twebwe twahawe Ibatisimu ya Yezu Kristu, twabatijwe twese mu rupfu rwiwe ? Iyo Batisimu rero yaduhamvye hamwe na We. Nk’uko Kristu yazutse mu bapfuye kubera ubuninahazwa bwa Se, niko natwe dutegerezwa kwigenza mu buzima bushasha. None, ko twe na Kristu twacitse umwe kuko twapfuye rumwe, niko tuzoba umwe mw’izuka risa n’iryiwe.

Ntituyoberwe : umuntu wacu wa kera yarabambanywe na We, kugira ngo wa mubiri w’igicumuro ucike ubusa, tureke kuba abaja b’igicumuro. Nkako, uwapfuye aba akize gucumura. Ariko, ko twapfiriye hamwe na Yezu Kristu, twemera ko tuzosangira n’ubuzima, kuko tuzi ko Kristu yamaze kuzuka, atagisubira gupfa, urupfu rutakimushobora.
Urupfu rwiwe rwari urwo kuvavanura n’igicumuro ; na bwo ubuzima bwiwe yabutuye Imana. Namwe rero niko kw’uko : murame mwigenza nk’abavavanuye n’igicumuro, bahereje ubuzima bwabo Imana muri Yezu Kristu.

IZABURI 117 (118), 1-2. 16-17. 22-23

Icit. : Alleluya, alleluya, alleluya !

Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
nabwo ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango w’Israeli n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza,
ukuboko kwiwe kwaratsinze.
Sinzopfa, nzohoraho,
kandi nzohayagiza ibikorwa vy’Imana.

Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
Vyabonetse kubw’Umukama.

INKURU NZIZA

Iyi tubahaye ni iyo basoma mu mwaka A. Iyo mu mwaka B n’iyo mu mwaka C, tuzozandika tuhashitse.

Alleluya, alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 28, 1-10

Yezu yazutse kandi yabatanze mu Bugalile

Mu buca bw’umusi wa mbere w’indwi, isabato yaraye ihavuye, Mariya Madalena na Mariya wundi bazindutse kuraba imva.
Buno nyene isi iranyiganyiga cane, Umumarayika w’Umukama yururuka ava mw’ijuru, atembagaza ikibuye, araheza acicarako. Yakirana nk’umuravyo, impuzu ziwe zera nk’urubura. Abarinzi bamubonye, bagwa igihumura, baradegedwa n’ubwoba, bacika ibiyingiyingi.
Umumarayika araheza abwira ba bagore ati : « Mweho ntimutinye, kuko nzi ko murondera Yezu yabambwe. Ntari aha, yazutse nk’uko yari yabivuze. Nimuze murabe aho bari bamushinguye. Kandi ce mubandanya, mubwire abigishwa biwe muti : ‘Yazutse mu bapfuye kandi yabatanze mu Bugalile, niho muzomubonera. »

Baca bakura hasi, bajana ubwoba buvanze n’urweze rwinshi ; biruka gushikiriza inkuru abigishwa. Baza babona Yezu aje kubasanganira, ababwira ati : « Ndabaramukije. » Na bo baramwegera, bamugwa ku birenge, baramusenga. Yezu na We arababarira ati : « Ntimutinye, nimuje kubwira benewacu, baje mu Bugalile, niho bazombonera. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :