Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 2 YA PASIKA-Umwâka A

IDOMINIKA YA 2 YA PASIKA-Umwâka A

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 2, 42-47

Abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga

Abigishwa barashishikara cane mu vyo kwigishwa n’Abatumwa n’ukugira ubumwe, mu vyo kumanyura umukate no gusenga. Kandi, ibitangaro n’ibimenyetso vyinshi bikagirwa n’Abatumwa. Bitayeko, abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga : baramuka baguze ivyo batunze canke ivyimburwa, bagasabikanya ikiguzi, umwe umwe akaronka ivyo akeneye.

Bama mw’isengero imisi n’iyindi, kandi bashize hamwe ; utwo bafungura imuhira, badufungurana urweze n’umutima mwiza. Uko niko bama baninahaza Imana, bagakundwa n’igihugu. Umukama na We yama yongera imisi yose kuri uwo muryango abo yitoreye.

IZABURI 117 (118), 2-4. 13-15. 22-24

Icit : Shemeza Umukama kuko ari mwiza,
         kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

         Canke : Alleluya.

Umuryango w’Israeli n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Umuryango wa Aroni n’uvuge uti :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Abubaha Umukama bose nibavuge bati :
Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !

Baransunaguye ngo ntembe,
mugabo Umukama We yarantabaye.
Umukama ni We magara yanje, nanje nzomuyaga ;
kanatsinda ni We yankijije.
Impundu z’ugutabaruka zirahaniranwa mu nzu z’aberanda ;
ukuboko kw’Umukama kwarakoze ibitangaza.

Rya buye abubatsi batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo.
Ivyo bitangaza twabonye
Vyabonetse kubw’Umukama.
Ng’uyu umusi Umukama yagize,
turanezerewe, turahimbawe.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero : 1, 3-9

Imana yarasubiriye kuturema kubw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye ngo turonke ukwizera gukomeye

Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, n’ihezagirwe ! Ku kigongwe cayo, yarasubiriye kuturema kuturema kubw’izuka rya Yezu Kristu mu bapfuye, ngo turonke ukwizera gukomeye, duhabwe rya toranwa ridatituka, ritagira akanenge mwabikiwe mw’ijuru, mwebwe ububasha bw’Imana burorereje gukiza kubera ukwemera kwanyu, mu gihe c’imperuka.
Ivyo birabanezereza n’aho nyene ubu mukibabazwa n’amakuba atari make, kugira ngo ukwemera kwanyu kurusha igiciro inzahabu bacishije mu ruganda kuze kubatera ishimagizwa, ininahazwa n’iteka ku musi Yezu Kristu azokwihishurira : uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona, muramwemera, mukanazerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu aribwo bukiriro bw’imitima.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »
Alleluya, alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani : 20, 19-31.

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ariwo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayahudi. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati : «Nimugire amahoro ! » Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati : « Nimugire amahoro ! Kumwe Data yantuma, nanje niko ndabatumye. » Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako. »
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ariwe bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati : « Twabonye Umukama », abishura ati : « Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera. »

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati : « Nimugire amahoro ! » Hanyuma abwira Toma ati : « Shira urutoke ngaha : ng’ibi ibiganza vyanje ; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje : ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere. »
Toma amwishura ati : « Mukama wanje, Mana yanje ! » Yezu na We amwishura ati : « Ewe Toma, wemeye kuko umbonye : hahiriwe abazokwemera ataco barinze kubona. »

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :