(Mu Burundi, ni Umusi Mukuru cane)
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Amamuko : 1, 1. 26-2, 3
Mu ntango, Imana yaremye ijuru n’isi. Imana iraheza ivuga iti : « Ingo tureme umuntu tumwishushanye, ase natwe ; agabe ifi zo mu kiyaga, ibikoko, inyamaswa zose, be n’ubwoko bwose bunyogomba hasi. » Imana iraheza irema umuntu iramwishushanya, irema uwufise agashusho k’Imana, irema umugabo n’umugore. Imana irabahezagira ibabwira iti : « Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi, muteko muyigabe. Mugabe ifi zo mu kiyaga, inyoni zo mu kirere, be n’ibikoko vyose vyagamba kw’isi. » Imana iraheza ivuga iti : « Ndabahaye ibiremwa vyose vyama imbuto bikwiye isi yose, be n’ibiti vyose bifise ivyamwa birimwo imbuto ; bizobabere imfungurwa. Inyamaswa zose be n’inyoni zose zo mu kirere, ivyikwega hasi vyose kandi biri n’ubuzima, ndabagabiye ibimera vyose kandi biri n’itoto ngo bibabere indya. » Bica biba gutyo. Imana ikubitiza ijisho ku vyo yari yagize : vyari vyiza cane. Haba umugoroba, haba n’igitondo : uba umusi ugira gatandatu.
Gurtyo rero, ijuru n’isi hamwe n’inteko zavyo, vyari bihejeje guhingurwa. Ku musi ugira indwi, Imana irasozera igikorwa yari yagize ; hanyuma ku musi w’indwi iraruhuka, imaze kurangiza ico gikorwa cose yari yagize. Ng’ayo amamuko y’ijuru n’isi igihe vyaremwa.
IZABURI 89 (90), 2. 3-4. 12-13. 14. 16b
Icit : N’udushimangirire, Mukama,
ivyo dukora n’amaboko yacu.
Imisozi itarabaho,
utararema isi n’ibihugu,
Weho wamye uri Imana
Kuva kera na rindi.
Abantu urabasubiza mw’ibumba,
urababarira uti : « Bana b’abantu, nimusubireyo ! »
Mu maso yawe, imyaka igihumbi imeze nk’umusi w’ejo wahise,
canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.
N’utwigishe guharūra imisi yacu,
kugira ngo dukerebuke mu bwenge
Ewe Mukama, garuka uzogeza ryari ?
Niwirimbuze mu vyo ugirira umusavyi wawe.
N’udukwize urukudo rwawe mu gitondo ca kare,
niho twoheza tukamara umusi wose mu karirimbo no mu kanyamuneza.
Igikorwa cawe niciserure ku basavyi bawe,
be n’agahimbare kawe ku bana bawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abakolosi : 3, 14-15. 17. 23-24
Ncuti zanje,
Ico mwokwitwararika imbere ya vyose, ni uko mwokwamana urukundo, kuko ari rwo rutuma umuntu aba intungane ishitse. Vyomngeye, amahoro ya Kristu n’ahangame mu mishaha yanyu, ayo mahoro ni yo mwahamagariwe gusangira mu Mubiri umwe, maze, mwame mukenguruka na ntaryo.
Ivyo muvuga canke ivyo mukora vyose, murame mubigira kw’izina ry’Umukama Yezu, mumwihekeko mu gukengurukira Imana, Umuvyeyi wacu. Ivyo mukora vyose, mubikore bivuye ku mutima nk’abakorera Umukama, ntimube nk’abakorera abantu : murazi neza ko Umukama ari We azobaronsa impera mu kubagira ba Samuragwa biwe. Umukama Yezu ni We mukorera.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama n’ashimagizwe imisi n’iyindi,
We Mana Mukiza wacu, yiremetseko ibituremereye.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 13, 54-58
Muri irya misi, Yezu yagarutse mu ntara iwabo, arigishiriza mw’isinagoga ryabo.
Abantu baratamarirwa bavuga bati : « Mbega ubwo bwenge n’ivyo bitangaro biva hehe ? None, urya si wa muhungu w’umubaji ? Nyina ntiyitwa Mariya, benewabo si Yakobo, Simoni na Yuda, bashikibe bose ntitubana ? None, ivyo bintu vyose abikura hehe ? » Bibatera umutima mubi.
Yamara Yezu We ababwira ati : « Umuhanuzi ntiyigera aninahazwa mu gihugu yavukiyemwo no mu muryango iwabo. » Nta bitangaro vyinshi rero yahagiriye kubera ubugaba bwabo.