Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » Solennités » UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka A)

UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Menya neza:
Aha twanditse ibijanye n’umwaka A vyonyene. Mu mwaka B canke C, ku gisomwa ca kabiri, hariho ibindi bisomwa bashobora gukoresha. Ivyo na vyo muzobisanga mu gihimba canditsemwo umwaka B canke C. Igisomwa ca mbere ntigihinduka ku myaka yose. Umwaka wose ufise Inkuru Nziza yawo.

IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa : 1, 1-11

(Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru)

Mu gitabu ca mbere nanditse, ga Teofilo we, naravuze ivyo Yezu yagize kandi yigishije kuva agitangura gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye kubwa Mutima Mweranda.

Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yabonekeye abaha imenyetso nyinshi z’ukubereka ko ari muzima : yamaze imisi mirong’ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ngo ahengere bariko barasangira imfungurwa, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango Data yari yabahaye. Ababwira ati : « Yohani yabatirisha amazi ; mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda. »

Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : « Mbega, Mukama, ubu niho ugira ngo ubogore ingoma y’Israeli ? » Abishura ati : « Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye We nyene ubwiwe, si ivyanyu. Mugabo, muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira mu kubururukirako. Muzoca muja kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyudeha bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira. »

Ngo aheze kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kirampfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze amaso ijuru, Yezu na we ariko araduga, baja babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : « Mbega, bantu b’i Bugalile, igituma muguma muhagaze murangamira hejuru ni iki ? Uyu Yezu mubonye ava hagati yanyu akurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka. »

IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9

Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
          Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.

Canke : Alleluya.

Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.

Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga !

Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose :
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe !
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.

IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi : 1, 17-23

(Imana yaramuvyagije iburyo bwayo mw’ijuru)

Ncuti zanje,
Ese Imana y’Umukama wacu Yezu Kristu, ariyo Muvyeyi Nyen’ubuninahazwa, yobaha umutimaw’ubwitonzi n’ubumenyi, ngo uyibahishurire, muyimenye neza !
Ese yomurikira amaso y’imishaha yanyu, kugira ngo murimbure ukwizigira yabahamagariye uko kungana, mwongere murimbure ububasha yakoresheje kuri twebwe, abemera, uko bungana.

Yarabwerekanye muri Kristu, aho yamuzura mu bapfuye, ikamuvyagiza iburyo bwayo mw’ijuru, ikamushira hejuru y’abamarayika bose uko bangana, eka mbese imbere y’irindi zina ryose umuntu ashobora kuvuga, ari ubu canke mu myaka izoza.

Ibindi vyose yarabimuhaye ngo abigabe abiganze, imushira hejuru ya vyose, imugira Umutwe w’Ekleziya, ariyo Mubiri wiwe, Musesekara w’uwunengesereza vyose mu buryo bwose.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati :
« Gende, mwigishe abantu bose !
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira,
gushika ku muhero w’isi. »
Alleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 28, 16-20

(Naronse ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi)

Muri irya misi,
ba bigishwa cumi n’umwe bagiye i Bugalile, ku musozi Yezu yari yabagenekereje. Bamubonye, baramupfukamira, yamara harimwo abakekereza.

Yezu abegereye, arababarira ati : « Naronse ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi. »


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :