Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » 24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

24 RUHESHI : IVUKA RYA YOHANI BATISTA

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ku mugoroba urongora uyo munsi mukuru

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya 1, 4-10

(Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi)

Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati :
“Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ;
utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”
Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana,
genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose.
Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”
N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje.
Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami,
ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”

IZABURI 70 (71), 1-2. 3-4b. 5-6ab. 15ab

ICIT : Warantoye urantonesha ntaranavuka!

Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ;
unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,
ntega ugutwi kandi unkize.

Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigishije inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.

Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye nkiri muto.
Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,
warantoye, urantonesha ntaranavuka.

Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,
ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.
Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,
gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero 1, 8-12

(Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza)

Ncuti zanje,
Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima. Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.
Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya

Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco, ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.

Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 5-17

(Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani)

Ku ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.
Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!
Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :