Ku mugoroba urongora uyo munsi mukuru
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya 1, 4-10
(Imbere y’uko usamwa mu nda y’uwakwibarutse, nari ndakuzi)
Mu gihe c’umwami Yosiyasi, Umukama yambwiye aya majambo ati :
“Imbere y’uko usamwa mu mbanyi y’uwakwibarutse, nari ndakuzi ;
utaranavuka, nakugeneye kuba umuhanuzi mu bihugu.”
Nanje ngira nti : “None ga Mukama Mana, ko ntazi kuvuga, nkiri umwana!”
Umukama asubizayo ati : “Nturuhe uvuga ngo uri umwana,
genda ariho ku bo nkurungitseko, ubabwire ivyo ngutumye vyose.
Ntubatinye, turi kumwe, ndaguhagarikiye ; ng’iryo ijambo ry’Umukama.”
N’uko rero ankora ku munwa, ati : “Aho rero ngushizemwo amajambo yanje.
Menya ko uyu munsi ngushinze ibihugu n’intara z’abami,
ngo urandure, usenyure, usambure, uheze wubake kandi uteragire.”
IZABURI 70 (71), 1-2. 3-4b. 5-6ab. 15ab
ICIT : Warantoye urantonesha ntaranavuka!
Mukama, ni Wewe mpungirako,
sinzokwigera nteterwa ;
unkize kubw’ubutungane bwawe, undokore,
ntega ugutwi kandi unkize.
Umbere ikinja ritayegayega,
umbere n’uruzitiro rutamenwa ;
wigishije inama yo kunkiza :
na none uri ikinja, uri inkinzo yanje.
Mana yanje, n’unkure mu minwe y’umubisha.
Erega, Mukama, ni Wewe nizigiye,
ni Wewe nishimiye nkiri muto.
Nakwishimiye nkiri mu mbanyi ya mama,
warantoye, urantonesha ntaranavuka.
Mpoza mu kanwa ubutungane bwawe,
ku munsi wose mvuga ko uzi gukiza.
Ewe Mana yanje, wanyigishije nkiri muto,
gushika n’ubu mvuga ivyiza wagize.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Petero 1, 8-12
(Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza)
Ncuti zanje,
Uyo Yezu, muramukunda n’aho mutigeze mumubona, kandi n’ubu n’aho mutaramubona muramwemera, mukanezerwa akanyamuneza katavugwa kandi kuzuye ubuninahazwa, kuko muzi neza ko muzoshikira iherezo ry’ukwemera kwanyu, ari ryo bukiriro bw’imitima. Ubwo bukiriro abahanuzi bamye baburondera kandi bakabutohoza, baraheza baratuburira ingabirano muzoshikirizwa. Bahora babitohoza ngo bamenye igihe n’ibimenyetso babwiwe na Mutima wa Kristu yari muri bo, aho yababurira amagorwa Kristu azobona n’ubuninahazwa buzoyakurikira.
Niho bahishurirwa ko bitazoshika bakiriho, ariko vyagenewe mwebwe. None ubutigu bwageze, kandi mubimenyeshejwe n’ababashikirije Inkuru Nziza bohejwe na Mutima Mweranda yarungitswe ava mw’ijuru.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya
Uwo yaje ameze nk’icabona kivugira Umuco, ngo ategurire Imana ingabo ziyinogeye.
Ivyo dusoma mu Njili Nyeranda yanditswe na Luka 1, 5-17
(Umukenyezi wawe azokuvyarira umuhungu, uzomwita Yohani)
Ku ngoma ya Herodi umwami w’Ubuyudeha, hari umusaserdoti yitwa Zakariya, wo mu muryango wa Abiya, umukenyezi wiwe yamuka kuri Aroni yitwa Elizabeti. Bose bari intungane mu maso y’Imana, bari intahinyuka mu gukora amabwirizwa n’amategeko yose y’Umukama. Mugabo, nta kana bari bafise, kuko Elizabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.
Uwo munsi rero, hari haramukiwe umusaserdoti wo mu muryango wiwe ; Zakariya aragenwa ngo arangure ibanga ry’ubusaserdoti mu ngoro y’Imana, aja kwosa isenga nk’uko bitegetswe. Ishengero ryose ryari rikikije hanze ryariko rirasenga mu gihe c’ukwosa isenga. Umumalayika w’Umukama rero aramubonekera, ahagaze iburyo bw’altari y’isenga. Zakariya ngo amubone, arajumarara, ubwoba buramutekera!
Nya mumalayika yamara amubwira ati : “Humura, warasavye urumvirwa : umukenyezi wawe azokwibarukira umuhungu, uzomwita Yohani. Azogutera ubuhirwe n’akanyamuneza, kandi ivuka ryiwe rizohimbara benshi. Nkako nyene, azoba mukuru imbere y’Imana. Nta citwa inzoga n’ikiboreza azogeza ku munwa, azokwuzuzwa Mutima Mweranda kuva akiri mu nda ya nyina, kandi azogarura Abanyisraeli benshi bayoboke Umukama Imana yabo. Ni we nyene azomuza imbere afise umutima n’ububasha vya Eliya, agarure abavyeyi berekeze umutima ku bana babo, ibigaba na vyo bigarure agatima, bikurikize ubwitonzi bw’intungane, ategurire artyo Umukama ingabo zimunogera.”