IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko : 7, 6-11
Umukama yabatoye kubera urukundo abafitiye.
Muri irya misi, Moshe yabwiye Abanyisraeli ati : « Uri igihugu cahezagiwe n’Umukama Imana yawe : ni Wewe Umukama Imana yawe yatoye mu ntara zose zo kw’isi ngo ube icibare ciwe. Igituma Umukama yabatoye akabitwararika, si ukubera ko igitigiri canyu casumba ic’abandi bose, mbere ni mwe bake kw’isi yose. Yabatoye riho kubera urukundo abafitiye kandi kugira ngo agumye isezerano yasezeranye na ba Sokuru banyu ; nico gituma Umukama yaramvuye ukuboko kwiwe rubasha vyose akabakiza ubuja, akabakura mu minwe ya Faraoni, umwami wa Misiri.
Uraheza rero utegere ko Umukama Imana yawe ari We Mana y’ukuri, Imana idatana mu ndagano, idaturgana kw’ijambo, abayikunda bagakurikiza n’amabwirizwa yayo ikabagumiriza urukundo rwayo gushika ku ruvyaro rw’igihumbi; abayanka na bo ikabahana kuno nyene. Abayanka ntibagera umutwe, kandi ibaha igihano kibakwiye. Uragumya rero amateka, amabwirizwa n’imigenzo yose ndagushikirije uyu musi, kugira ngo uyarangure. »
IZABURI 102 (103) 1-2. 3-4. 9-7. 8. 10
Icit : Urukundo Umukama afitiye abamwubaha
Rwamaho imyaka yose.
Himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza se mushaha wanje Umukama,
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Ni We akurekurira ibicumuro vyawe vyose,
ni We agukiza indwara zose ;
i We akugarurira ku cobo,
ni We atuma uhagatirwa n’urukundo n’igishika.
Umukama akorana ubutungane,
Akaburanira impahazwa ;
ni We yamenyesheje Moshe amabanga yiwe,
akereka abana b’Israeli ivyiza vy’agatangaza yakoze.
Umukama ni We Nyen’imbabazi n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
uko ducumura, siko aduhana,
uko tumutuka, siko adusubiza.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya mbere ry’Umutumwa Yohani : 4, 7-16
Imana yaradukunze.
Bakunzi banje, nidukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Kandi uwukundana wese yavyawe n’Imana, kandi arazi Imana. Uwudakundana ntiyamenye Imana, kuko Imana ari Rukundo.
Ng’iki icatumenyesheje urukundo rw’Imana muri twebwe : ni uko Imana yarungitse Umwana wayo w’ikinege kw’isi, kugira ngo tube bazima kubwiwe. Ng’iki ikigira urukundo : ni uko atari twebwe twakunze Imana, ariko ni uko ari Yo yadukunze, ikarungika Umwana wayo kw’isi kuba iciru c’ibicumuro vyacu.
Bakunzi banje, ko Imana yadukunze ityo, natwe turategerezwa gukundana. Ntawigeze yihweza Imana ; ariko dukundanye, Imana iratugumamwo, n’urukundo rwayo rukaba rurangukiye muri twebwe. Ng’iki ikitumenyesha yuko tuguma muri Yo, na Yo ikatugumamwo : ni uko yadusangije Mutima wayo. Natwe twarihweje kandi turemeza yuko Data yarungitse Umwana wiwe kuba Umukiza w’isi.
Uwo wese yemera yuko Yezu ari we Mwana w’Imana, Imana iramugumamwo, na we akaguma mu Mana. Natwe, twaramenye kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye, ko ruba muri twebwe. Imana ni Yo Rukundo : uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na Yo Imana ikamugumamwo.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Nimwemere inganji yanje,
mukunde n’ivyo nigisha,
kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima. »
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo : 11, 25-30
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima.
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »