IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Zakariya (9, 9-10)
Ng’uyo umwami wawe araje iwawe, aje yicishije bugufi
Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Tamba utarike, mwigeme wa Siyoni !
Nezerwa uhimbarwe, mwigeme w’I Yeruzalemu !
Ng’uyo umwami wawe araje,
Ni intungane kandi ni intwari,
aje yicishije bugufi agendera ku ndogobwe,
ku ndogobwe ikiri ntoyi
Azokura ibitwazi vyo muri Efraimi,
be n’amafarasi yo muri Yeruzalemu ;
azovunagura umuheto w’indwano,
azokwiza amahoro mu makungu.
Inganji yiwe izova ku kiyaga ishike ku kindi,
Izoshemezwa kuva ku Ruzi gushika ku mpera y’isi.
IZABURI 144 (145), 1-2. 8-9. 10-11. 13cd-14
Icit : Nzohezagira izina ryawe imisi yose,
Mwami wanje, Mana mfise.
Canke : Alleluya.
Hinge nkuninahaze, Mwami wanje, Mana mfise,
Mpezagire izina ryawe imisi yose ntahengeshanya.
Eka nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
Umukama ni Nyen’impuhwe n’ikigongwe,
Ntakaza ishavu, akomeza urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
Agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Ivyo waremye, Mukama, nibigushemeze,
abakunzi bawe nibaguhezagire !
Nibayage ubuninahazwa bw’ubwami bwawe,
Nibigâne hose ubutwari bwawe !
Umukama ni imvugakuri mu majambo yiwe,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
araramira abashaka kugwa bose,
akagorora abagoramye bose.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (8, 9. 11-13)
Mutima wa Kristu ari muri twebwe, kandi azotuzura
Ncuti zanje,
Mweho, ntimukigenzwa n’umubiri, ariko mugenzwa na Mutima, kuko Mutima w’Imana abavyagiyemwo.
Umuntu atagira Mutima wa Kristu, si uw’Imana. Vyongeye, Mutima w’Uwazuye Yezu mu bapfuye, niyaba yarabagerereyemwo, Uwazuye Kristu mu bapfuye azoha ubuzima imibiri yanyu yiziziwe n’urupfu, mu kubagabira Mutima wiwe avyagiye muri mwebwe.
None rero, benewacu, umweranda dufise ntitumufitiye kamere y’umuntu idutegereza kwigenza nk’uko ibishaka. Nimwaba mwigenza nk’uko iyo kamere ibishaka, muzopfa ; ariko Mutima mwaronse niyaba abafasha kwiyonkora ibikorwa vy”umubiri, muzoramba.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Uragahezagirwa, Mana Data, Mukama w’ijuru n’isi,
kuko wamenyesheje abatobato amabanga y’Ubwami bwawe.
Alleluya, alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (11, 25-30)
Ndi uwitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati : « Dawe, Mukama w’ijuru n’isi, ndagushemeza kuko wahishije ivyo bintu abanyabwenge n’abahinga, ukabimenyesha ibitazi. Niko, Dawe, kuko ariko wabishatse.
Dawe yarampaye ibintu vyose, kandi nta n’umwe amenya Mwana atari Se, kandi ntawumenya Se atari Mwana, be n’uwo Mwana azoba yamumenyesheje.
Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo ndabigisha, kuko nitonda kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima ; niho muzoronka akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna. »