Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Vivons en Eglise » Eglise locale » Diocèse de NGOZI » Diyoseze ya Ngozi : « Impundu y’Ibanga ry’Ubusaseredoti na Yubire »

Diyoseze ya Ngozi : « Impundu y’Ibanga ry’Ubusaseredoti na Yubire »

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ordinations Jene 2014Kw’igenekerezo rya 12 Mukakaro 2014, muri Paruwasi ya Jene, Diyoseze ya Ngozi Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi BANSHIMIYUBUSA yaratiye abasaseredoti ba Diyoseze 8: Patiri Mikaheri Habimana, Patiri Dawudi Kwizera, Patiri Pasitori Minani, Patiri Lino Ndayiragije, Patiri Gerarudo Niyonzima, Patiri Petero Karaveri Niyonzima, Patiri Emanuweri Nzeyimana, Patiri Tade Nzigamasabo. Haratiwe kandi n’uwundi umwe wo muryango w’abamisiyonari ba Afrika (bita kandi abapadiri bera): Patiri Benyamini Itungabose

Abandi baseminari 8 batewe iteka ryo kwatirwa mw’ibanga ry’Ubudiyakoni: Diyakoni Rehonidasi ItOrdinations 2014 JENEungabose, Diyakoni Pasitori Manirakiza, Diyakoni Egide Minani, Diyakoni Kereto Ndayizeye, Diyakoni Selesitino Ndereyimana, Diyakoni Dezire Ntirampeba, Diyakoni Eduwarudo Nzambimana na Diyakoni Silivesiteri Nzokira.

Hariho 6 batewe iteka ry’Ubukorezi nabandi 10 baronse ibanga ryo gusoma Ijambo ry’Imana mw’ishengero ry’abakristu. Patiri Libori, Patiri Mukuru wa Paruwasi Jene, Patiri Apolinari Bangayimbaga arongoye Kaminuza y’i Ngozi na Patiri Yozefu Ndikumasabo na bo barahimbaza Yubire y’imyaka 25 mw’ibanga ry’ubusaseredoti.

OrdinationUrwo rubanza rwari rwitabwe n’abasaseredoti benshi bo muri Diyoseze ya Ngozi n’abo ahandi harimwo na Musenyeri Porotazi Nkurikiye, icegera c’Umwepiskopi muri Diyoseze ya Muyinga hamwe n’abapatiri bo mu muryango b’abamisiyonari ba Afrika bari baje gushigikira patiri Benyamini Itungabose. Hari kandi n’abandi ba- nyacubahiro benshi: uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Domisiyano Ndayizeye, Umushikirangaji w’intwaro yo hagati mu guhugu Nyakubahwa Eduwurudo Nduwimana, Umushikirangaji w’Ugufanya kw’Uburundi n’ayandi makungu Nyakubahwa Raburenti Kavakure n’abandi batumire bakora mu bisata binyuranye.

UgukengurukaImbere y’uko Umwepiskopi yatira abari baramukanye urubanza yaribukije abari aho ko umurima w’Umukama ugikeneye abawukoramwo, araheza abwira abagira ngo batirwe ko bari inyishu y’Imana.

Patiri Tade NZIGAMASABO, kw’izina ryiwe n’iry’abari bahejeje guterwa iteka ry’Ubusaseredoti, yarakengurukiye Umwepiskopi, abavyeyi n’abo bose babafashije guskika kuri iyo ntambwe. Umuvyeyi wa Patiri Dawudi, kw’izina ry’abavyetyi bose yarakeje Umwepiskopi n’abapadiri bashasha agirako abasaba kugumya ibanga no kwama bagamburuka. Umushikiranganji w’Intwaro yo hagati mu gihugu na we yarakeje Umwepiskopi ku basaserdoti yari aheje kugabana, arakeza n’abo basaseredoti bashasha n’abo bose bari bahejeje kugabana amabanga meranda, aranababwira ko baje mu gihe ciza aho Uburundi buri mu mahoro kandi ko buriko burashiraho wa murwi ujejejwe ivyo kuvugana ukuri n’ukurekuriranira. Patiri Aporinari Bangayimbaga na we kw’Izina ry’abagira Yubire y’Imyaka 25 y’ibanga ry’Ubusaserdoti, yarashimiye abagiye barabafasha muri iryo banga, aranabwira Umwepiskopi ko bagifise inguvu zo gukora kandi ko yobandanya abatuma.Ordination 2014 P.JENE

Umwepiskopi na we yaragaragaje akanyamuneza, arakeza abo bapatiri bashasha n’abari baronse ayandi mabanga, arakeza abagize Yubire arashimira abanye-Jene ku kuntu bari bateguye neza urubanza rw’uwo musi. Abasaseredoti bashasha baciye batangira hamwe umuhezagiro hanyuma Umwepiskopi aca arawuhirira. Imisa irangiye urubanza rwaciye rubandaniriza mu gatutu kari kateguriwe uyo musi.

Kw’igenekerezo rya 14 mukakaro 2014 na ho, abasaseredoti bose barangurira ubutumwa muri Diyoseze ya Ngozi bahwaniye ku kirimba c’Umwepiskopi i Ngozi kugira ngo bakire kandi basanganire icese abasaseredoti bashasha. Kw’izina ry’abapatiri bari mw’ibanga no kw’izina ryiwe nk’Umwungere wa Diyoseze, Umwepiskopi yarafashe ijambo arakira abo basaseredoti bashasha, ababwira ko bari barindiriwe cane, ko babasanganije ubuvukanyi nk’akaganuke kazobafasha mw’ihamagarwa ryabo no mu butumwa bw’abasaseredoti. Yarasubiriye kubibutsa ko iyo Imana ihaye abantu umusaseredoti ari inyishu y’urukundo iba ibahaye. Yabasavye ko batotangurira kuvyonona, ahubwo ko botangura mu kwicisha bugufi, mu mwumvikano hamwe n’abandi bose. Yabasavye ko batokora barondera kubonwa ahubwo ko bokora kugira ngo amazina yabo yandikwe mu Bwami bw’ijuru. Yabandanije ababarira ingene umusaseredoti abaho n’ibimutunga, arababwira ivyo abasaseredoti babwirizwa kugira. Yabandanije asezera yongera yipfuriza ubutumwa bwiza abo yari arungitse kwiga, aca aravuga aho umwe wese azorangurira ubutmwa n’ico azokora, aca ahereza ku tuntu n’utundi. Inama iheze abasaseredoti bose baciye baza kwivuna umusase maze Umwepiskopi aboneraho no gukeza Musenyeri Antoni Petero Madaraga, icegera c’Umwepiskopi muri Diyoseze ya Ngozi, yari arumije imyaka 35 y’Ubusaserdoti.

Abo batumwa bashasha b’Umukama barungitswe aha hakurikira: Patiri Mikaheli (Paruwase nshasha ya Mparamirundi), Patiri Lino (Kiremba), Patiri Dawudi (Rwegura), Patiri Emmanueli (Mubuga), Patiri Karaveri (Murehe), Patiri Pasitori (Ruganza), Patiri Gerarudo (Rubungu), Patiri Tade (Paruwase Ngozi).

SOURCE: Compte FACEBOOK du JOURNAL NDONGOZI Y’UBURUNDI


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l’aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :