IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (20, 7-9)
Ijambo ry’Imana ryanteye iceyi
Ewe Mukama, waranyoheje, nanje ndagukurikira, warandushije ubukomezi, urantsinda. None nsigaye ndi agatwengo ka barundi, bose barantyekeza. Uko mvuze ijambo kwose, ni ko nsemerera nti : « Umuryano, ugusambura ! » Ijambo ry’Imana ryanteye iceyi, rimpa amenyo y’abatwenzi umusi wose. Nabaye ncibwira nti : « Sinkimukubitizako agatima, ntaco nkivuga kw’izina ryiwe » ; nza numva urubeya rwaka mu muri jewe, runyengetera mu musokoro, runshwara umubiri wose, birananira n’ukwiyumanganya ngo ndarurinde.
IZABURI 62 (63), 2. 3-4. 5-6. 8-9
Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
Mukama, Mana mfise.
Mana, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!
Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
Nkako, waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe!
Umutima wanje wose uraguhurumbira,
ukuryo kwawe ni kwo kunshigikiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (12, 1-2)
Nimuhereze Imana imibiri yanyu nk’ishikanwa rizima
Ncuti zanje,
Ndabahanuye kubw’ikigongwe c’Imana ngo muiyhereze imibiri yanyu nk’ishikanwa rizima, ryeranda, riyishika ku nyota ; uko ni ko musenga Imana mu kuri. Kandi nimureke kwigana imigenzo y’iyi si, arikonimwisubireko mu gutahuza ibintu, mubonereho kwiyubura no gutegera ico Imana ishaka, iciza, igishemeye be n’igitunganye cose.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Ese Imana y’Umukama wacu Yezu Kristu
Yomurikira amaso y’imishaha yacu,
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye uko kungana.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (16, 21-27)
Uwushaka kungendanira niyihebe
Petero yari yabwiye Yezu ati : « Uri Kristu, Umwana w’Imana nzima. » Kuva ico gihe rero, Yezu atangura gusobanurira abigishwa biwe ko abwirizwa kuja i Yeruzalemu, akahababarira menshi, ababazwa n’abashingantahe n’abakuru b’abasaserdoti n’abigisha, akicwa, hanyuma ku musi ugira gatatu akazuka. Petero rero amwihereranije, aja mu vyo kumutonganya ati : « Ntirikabe, Mukama, ivyo ntibizogushikira n’intete. » Yezu ahindukiye, abwira Petero ati : « Vaho, igira inyuma, wa shetani we ! Uriko urantsitaza. Ivyiyumviro vyawe, si ivy’Imana, ni ivy’abantu. »
Hanyuma Yezu abwira abigishwa biwe ati : « Uwushaka kungendanira niyihebe, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire. Na none, uwugomba kurokora ubuzima bwiwe, azobubura, na we uwuzobuheba kubwanje, azoburonka. Mbega, umuntu vyomumarira iki gutunga ivy’isi vyose, aroshe ubuzima bwiwe ? Ubona umuntu yotanga ibingana iki ngo abucungure ? Aho rero Umwana w’umuntu azoza mu buninahazwa bwa Se akikijwe n’abamarayika biwe, ni ho azohemba umuntu wese ku bikorwa vyiwe. »