IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeri (33, 7-9)
N’utakebura umuyobe, nzokubaza amaraso yiwe
Ng’iri iriyazwe n’Umukama : « Nawe, mwana w’umuntu, nakugize umurinzi w’umuryango w’Israeli. Niwumva ijambo rivuye mu kanwa kanje, uraheza ubaburire kw’izina ryanje. Ninabwira umuyobe nti : ‘Wa muyobe, buca upfa’, ntumukebure ngo ahebe ingeso mbi ziwe, uyo muyobe azopfa kubera ibicumuro vyiwe, ariko nawe nzokubaza amaraso yiwe. Yamara niwakebura umuyobe ngo ahebe imigenzo mibi yiwe, hanyuma akanka kwihanura, uyo azopfa kubera ibicumuro vyiwe, ariko wewe ntaco uzobazwa. »
IZABURI 94 (95), 1-2. 6-7. 8-9
Icit : Ese uyu musi mwokwumviriza ijwi ry’Umukama,
rivuga riti : « Ntimukomantaze imitima yanyu. »
Nimuze dutere impundu Umukama,
tumushemeze We tuzeyeko urukiza !
Ingo tuje mu nyonga ziwe tumukengurukire,
tumukomere amashi tumwigine !
Shike, duce bugufi, dupfukame :
dusenge Umukama yaturemye.
Na none, ni We Mana yacu,
Natwe tukaba intara arongoye.
« Ntimukomantaze imitima yanyu nka kera i Meriba,
no kuri wa musi wo mu gahinga ka Masa,
hamwe ba sogokuruza banyu bangerageza bakancaca,
kandi bari bamaze kubona ibikorwa nakora. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (13, 8-10)
Urukundo ni rwo bwirizwa rishitse
Ncuti zanje,
Ntihagire uwo mugirira umwenda n’umwe, ndetse uw’urukundo mufitaniye. Uwukunda abandi aba aranguye amabwirizwa. Na none, iri bwirizwa ngo : « Ntuzosambane, ntuzokwice, ntuzokwipfuze nabi », n’ayandi mabwirizwa yose, akoraniye muri iri jambo ngo : « Urakunda mugenzawe nk’uko wikunda wewe nyene. » Urukundo ntirugirira nabi umugenzi : ni co gituma urukundo ari rwo bwirizwa rishitse.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu yabwiye abigishwa biwe ati : « Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe ; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye : ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi : abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo. »