Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)

IDOMINIKA YA 19 YO MU MWAKA (Umwâka A)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere c’Abami (19, 9a. 11-13a)

Umukama yiyereka Eliya

Eliya ashitse i Horebi, yinjira mw’isenga ryari aho ararayo. Umukama aramubarira ati : « Sohoka, uje guhagarara kuri urya musozi, imbere y’Umukama ; ni ho Umukama aza guca. »

Hanyuma haza umuyaga w’igihuhusi, urasitura imirambi, n’amabuye arasatagurika ; ariko Umukama ntiyari muri ico gihuhusi. Ico gihuhusi kirangiye, haza ikintu kigigimvya isi, ariko Umukama ntiyari muri ico kintu. Hanyuma yaco, niho haza umuriro, ariko Umukama ntiyari muri uwo muriro. Umuriro uzimye, haza akayaga gakeyi. Eliya ngo akumve, aca yipfuka umutamana wiwe mu maso, arasohoka ahagarara mu rwinjiriro rwa rya senga.

IZABURI 84 (85), 9ab. 10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe !

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (9, 1-5)

Nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri
Ncuti zanje,

Ndavuga ukuri muri Kristu, simbesha, kandi ijwi ry’umutima wanje rirabinyemeza muri Mutima Mweranda : numva intuntu nyinshi n’amaganya y’intatezuka mu mushaha wanje. Egome, jewe nyene nopfuma mba igicibwa kuri Kristu, kubera benewacu tuvukana ku mubiri. Bo ni Abanyisraeli : baragenewe iteka ry’abana bo mu nzu, ubuninahazwa, amasezerano, amategeko, ivy’ugusenga icese, imihango, eka n’abasokuru. Kandi ni bo Kristu yamukako kubw’umubiri, We aganza vyose, Imana nyaguhezagirwa mu myaka yose. Amen.

INKURU NZIZA

Alleluya, alleluya.
Umutima wanje uriteze Umukama,
ijambo ryiwe ni ryo nizeye.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (14, 22-23)

Mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi

Amaze kugwiza imikate ngo agaburire abantu, buno nyene, Yezu aca ategeka abigishwa biwe ngo baje mu bwato, bamutange ku nkombe yo hakurya, na we asigare arasezera abantu. Ahejeje kubasezera, yidugira ku musozi ahiherereye ngo asenge, bugoroba ari yo akiri wenyene.

Ubwato bwari bumaze gushika mu kiyaga hagati buzungagizwa n’ibisebuzi ; umuyaga waturuka imbere yabo. Buri mu guca, Yezu aza iyo bari, agendera ku mazi, barakangwa, bavuga bati : « Ni umuzimu ! », ubwoba burabatekera, bakoma induru.

Buno nyene, Yezu ababwira ati : « Humure, ni jewe ; ntimugire ubwoba ! » Petero aramwishura ati : « Niyaba ari wewe, mbwira ngusange hiyo ngendera ku mazi. » Yezu ati : « Ingo ! » Petero ava mu bwato, agendera ku mazi aja iyo Yezu ari. Abonye umuyaga uhuhuta cane, agira ubwoba ; ngo yumve atanguye kunyika, avuza induru ati : « Ntabara, Mukama ! »

Buno nyene, Yezu aca aramvura ukuboko, aramufata, amubwira ati : « Muntu utagira ukwemera, icatumye ukeka ni iki ? » Bamaze gushika mu bwato, umuyaga uca urahera. Abari mu bwato baca baramusenga bavuga bati : « Ni ukuri, uri Umwana w’Imana ! »


2 commentaires

  1. Abbé Jean Claude dit :

    Yezu asa n’uwutubwira ati : « Reka kwishinga kuraba ibikugora gusa aho kuraba jewe. Ibikugora birahari kandi ndabizi, kandi ndagukunda, kandi niteguriye kubigufashamwo… Niwabiraba cane bikaba ari vyo ubona vyonyene, bihava bikunyibagiza, nturonke n’amahoro mu mutima wawe. Emera, urakira, ntaco ukekereza. »
    Hari aho bishika ntitumenye Yezu ariko araza kudukiza, tukamera nk’abandi tuti : « Ni umuzimu », tugakoma induru. Muti gute ? Iyo tutashoboye kumenya neza Uwo ari kuri twebwe: hari aho ducumura, hanyuma tukiyumvira ko ikigongwe kidashoboka. Hagera umwanya wo gusenga, tugatangura kuvuga ngo sinjayo nacumuye, sinokwubahuka gutumbera mu maso y’Umukama, ntiyonanyumviriza… Ariko rero, tuba twibagiye ko tumeze nk’uwurwaye akeneye kuja kwa Muganga ! N’aho tuba twacumuye, Yezu arashaka ko tumwegera, tukamubwira tuti : « Ntabara, Mukama ! »; « Ngirira ikigongwe, Mukama ! »

    J'aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google

Vous commentez à l'aide de votre compte Google. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :