IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (56, 1. 6-7)
Abana ba kavantara nzobajana ku murambi mweranda wanje
Ng’iri iriyazwe n’Umukama : Kurikiza ukuri, ukore ubutungane, kuko urukiza rwanje ruri hafi y’gushika, kandi ubutungane bwanje nuri hafi y’ukwiserura.
N’abana b’akavantara bêmeye gukurikira Umukama ngo bamukorere, bagakunda izina ryiwe, bakamubera abasavyi, ntibakengera umusi w’isabato, kandi bakagumya inanga ry’isezerano ryanje, abo nzobajana iwanje ku murambi mweranda. Nzobanezereza mu ngoro yanje nyeranda, inkuka zabo n’imbagwa zabo nzozakiriza yompi kuri altari yanje, kuko ingoro yanje izokwitwa « Ingoro abantu bose basengeramwo. »
IZABURI 66 (67), 2-3.5.6-8
Icit : Intara nizimenye yuko uri Imana, nizivyemere zose hamwe
Canke: Alleluya
Imana n’itugirire imbabazi, n’iduhezagire!
Inyonga zawe nizituboneshereze,
inzira yawe na yo n’imenyekane kw’isi,
intara zose nizimenye ko uri Umukiza.
Intara nizivyine zihimbarwe,
kuko uca urubanza rutunganye kw’isi;
uratwara ibihugu mu butungane,
ukayobora neza intara zo kw’isi yose.
Intara nizemere yuko uri Imana,
nizivyemere zose hamwe!
Imana n’ihezagirwe yongere isengwe
Kuva iyo isi iva ikagera.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (11, 13-15. 29-32)
Imana iratanga ikongera ikitorera
Ncuti zanje,
ndabibabariye mwebwe, mwa banyamahanga : ndi umutumwa ku banyamahanga, ndatera iteka ibanga nashinzwe ; ivyo vyose ndabigira ngo kumbure ab’iwacu bavyure umwikomo, mbone gukiza bamwe muri bo. None, ko aho bigirijweyo ariho isi yaciye isubira kwuzura n’Imana, umusi bazogarukira ho hazoba iki ? Nta kindi atari izuka mu bapfuye !
Na none, Imana iratanga ikongera ikitorera, ntisubiza inka mw’igabiro. Nk’uko na mwebwe kera mwari mwaragambarariye Imana, none ubu mwagiriwe ikigongwe kubera ubugambarazi bwabo, niko na bo nyene ubu bagambarariye Imana kubera ikigongwe mwagiriwe, kugirango na bo nyene ubu bakigiriwe. Imana yarugaranye abantu bose mu bugambarazi, kugira ngo ishobore kubagirira ikigongwe bose.
IKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Yezu yariko arigisha Inkuru Nziza y’Ubwami,
kandi agakiza n’ubumuga n’indwara zose z’igihugu.
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (15, 21-28)
Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini
Umusi umwe,
Yezu yari agiye amarora i Tiri na Sidoni. Hanyuma haza umukenyezi w’i Kanahani avuye muri ico gihugu, ashira ijwi hejuru avuga ati : « Ngirira ikigongwe, Mukama, Mwana wa Dawidi, akigeme kanje shetani yakishe. » Yezu ntihagira ico amwishura. Abigishwa biwe bamwegereye baramusaba bati : « Mwirukane adukure induru inyuma. » Yezu asubizayo ati : « Nta bandi banzanye atari intama z’Israeli zatakaye. » Nya mukenyezi amwegereye, aramupfukamira, avuga ati : « Ntabara se Mukama. » Yezu aramwishura ati : « Ntibikwiye ko umukate w’abana wohabwa utubunda. » Nya mukenyezi asubizayo ati : « Ni ivy’ukuri, Mukama ; ariko, utubunda turarya utuvunguka dukorotse tuva ku meza ya ba shebuja. » Yezu amwishura ati : « Ewe wa mukenyezi, ukwemera kwawe ni kunini ! Nibikubere rero nk’uko wipfuza. » Kuri iyo saha nyene, wa mwigeme wiwe aca arakira.