IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (55, 6-9)
Ivyiyumviro vyanje si vyo rwanyu
Rondera Umukama igihe agishaka kuboneka,
mwambaze igihe akiri hafi.
Umubisha n’ahebe amayira yiwe,
umunyakabi n’ahindure ivyiyumviro vyiwe.
N’agaruke ku Mukama, na We azoheza amugirire ikigongwe ;
n’agaruke ku Mana yacu, na Yo iri n’imbabazi nyinshi.
Umukama yavuze ati :
« Ivyiyumviro vyanje ntibisa n’ivyanyu,
amayira yanje si yo yanyu.
Nk’uko ijuru rirengeye isi,
Niko amayira yanje arengeye ayanyu,
Ivyiyumviro vyanje bigasumba ivyanyu. »
IZABURI 144 (145), 2-3. 8-9. 17-18
Icit : Umukama yama hafi y’abamusaba
Nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa ;
Cane cane Umukama ni mukuru, arabikwiye,
ubukuru bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ni Nyenimpuhwe n’ikigongwe,
ntakaza ishavu, yuzuye urukundo ;
Umukama agirira ineza bose,
agirira imbabazi ivyo yaremye vyose.
Umukama aratunganye mu vyivyumviro vyiwe vyose,
ni urukundo mu bikorwa vyiwe vyose ;
ntiyimira abamwitura,
yama hafi y’abamusaba mu kuri.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyafilipi (1, 20c-24. 27a)
Ubuzima bwanje ni Kristu
Ncuti zanje,
N’aho noba ndi muzima canke n’aho noba napfuye, Kristu azokwama aninahazwa mu mubiri wanje. Kuri jewe, ubuzima bwanje ni Kristu, n’ugupfa kwombera akunguko. Ariko, ubuzima bwanje hano kw’isi bumpa uburyo bwo kugira ibikorwa vy’akamaro, none sinzi ico notora. Muri ivyo bibiri, numva mburaniwe : mu gihe kimwe nipfuza gutaha ngo mbane na Kristu, kuko ari ho vyoba vyo gusumba ; mu kindi gihe, nkabona ko kuguma hano kw’isi ari co cihutirwa kubera mwebwe. Mweho, nimwigenze nk’uko bibereye Inkuru Nziza ya Kristu.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Utwugururire umutima, Mukama,
dushobore kwumviriza amajambo y’Umwana wawe.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (20, 1-16a)
None, undaba ribi kuko ngize neza ?
Muri irya misi,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa na nyenurugo yazindutse umutwenzi kurondera abamukorera mu murima w’imizabibu ; bemeranya idenariyo rimwe ku musi, aca abarungika m mizabibu yiwe. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatatu, akubitira kw’irembo, abona abandi bicaye ku nama ataco bakora ; araheza ababwira ati : ‘Namwe nimugende mu mizabibu yanje, ndabahemba impembo ibakwiye.’ Na bo baca barajayo. Ngo ahengere nko kw’isaha ya gatandatu no kw’isaha y’icenda, asubira gukubitira kw’irembo, agira nka kumwe kwa kare. Ngo ahengere nko kw’isaha y’icumi na rimwe, asubira kw’irembo, ahasanga abandi bibereye aho. Araheza ababwira ati : ‘Ni kuki mwiriwe muhagaze ataco mukora ?’ Bamwishura bati : ‘Ni uko twabuze uwutujana kumukorera.’ Na we ababwira ati : ‘Nimugende na mwebwe mu mizabibu yanje.
Bugorovye, nyenimizabibu abwira umubwiriza wiwe ati : ‘Gotora abakozi ubagerere, utangurire ku baherutse, uhereze ku baje ubwa mbere.’ Abo kw’isaha y’icumi na rimwe baje, umwe umwe bamuhereza idenariyo. Bamwe b’ubwa mbere na bo, bagira ngo baza kubarusha ; ariko na bo nyene, umwe umwe aronka idenariyo rimwe. Baryakira batonganya senaka bati : ‘Abo baje ubwa nyuma, ubagereranije natwe twishwe n’izuba, n’intuguta na bo bakoze isaha imwe !’ Na we rero abwira umwe muri bo ati : ‘Mbega, mugenzi, nakurenganije nte ? Ntitwari twemeranije idenariyo rimwe ? Fata rero ivyawe, ugende. Ni je nashatse kugerera uwaje ubwa nyuma nk’uko nakugereye nawe ; none hari ikimbuza kugenza ivyanje nk’uko ndabishaka ? Uheze undabe ribi kuko ngize neza ?’
Uko ni ko abanyuma bazoba abambere, abambere na bo bakaba abanyuma. »