Intumbero y’iki kiyago ni ukugira tugerageze kuzirikana amahirwe dufise y’ukuba turi aba Kristu uko angana, amahirwe dufise y’ukuba tugize hamwe na we umubiri umwe muzima, uwo Pawulo Mweranda yita Umubiri wa Kristu (raba 1 Abanyakorenti 12,27) ni ukuvuga Ekleziya yadusigiye ngo ibandanye iba kw’isi ikimenyetso c’ivyiza vy’Imana.
Niyaba ari amahirwe kuba umuntu afise ico yemera, ni amahirwe asumbirije kuba umuntu ari umukristu, ari uwa Kristu, ni ukuvuga uwuzi ko ari uwiwe bwite canke akipfuza kurushirizaho kuba uwiwe. Ako ni akabanga kadakwiye kubwirwa imbwa zose. Imbwa zose ni ukuvuga abibeshera ngo ni abahakanyi kandi bazi ko bidashoboka. Uko ni ko Abayahudi bita abapagani batemera Imana imwe nka bo (Raba Matayo 7,6; 15,26). Ni na ko kandi Pawulo Mweranda yita Abayahudi batemeye Yezu, akebura Abanyafilipi kubirinda (Raba Abanyafilipi 3,2). Umurundi we aca avyumva ningoga.
Muti ni kuki tutoterera ibanga ryacu ry’ukuba aba Kristu aho imbwa zibona? Ica mbere ni uko zitoritegera, ahandi na ho ni uko zohava zitiranya n’ukwihenda, akanyamuneza uwa Kristu yamana kava ku kuba azi kandi yishimiye ico ari. Hari n’aho zohava zifata uwa Kristu nk’umunyabwishime mu gihe ariko aremanga ivyiza ntangere Imana yamugiriye.
Hari n’aho mbere uwa Kristu yohava afatwa nk’uwutagira ifatiro kuko bidakunda kumworohera gukurikira umuyaga wose ngo ni ibigezweko nk’uko bikunda guhitana benshi uko imyaka igenda irahita. Uwa Kristu ntibimworohera kuzimirira mu kajagari k’ivyiyumviro vyama ari bishasha ariko bigashira biyonga kuko ubuzima bwiwe bufise umuzi mw’ijuru. Ukuri duhishurirwa n’Umwana w’Imana ntigusaza, kwama ari kunovu, ariko ivyiyumviro vy’abantu biraba agaharawe uyu musi, bwaca ugasanga ni akaboze. Uwa Kristu rero ni uwamaze guhitamwo ikiruta ikindi (raba Luka 10,42), atishinga kuba ntambirakaje.
Ukumenya intumbero irashe y’ubuzima bwacu
Amahirwe ya mbere adasanzwe ku wa Kristu, ni ayo dukura mu ngingo z’ukwemera twarazwe n’Abatumwa b’Umukama. Ukumenya intumbero duha ibintu bisanzwe mu buzima bwacu. Nk’akarorero, iyo aho iwacu mu Burundi hageze ico twita Ubunani, twebwe abemera ni twebwe twenyene tuzi insiguro irashe y’uwo musi mukuru. Si uko umusi mukuru tugira uba uteye igomwe kurusha uw’abatemera, ubudasa ni uko kuri twebwe uba ufise insiguro nyayo kandi isumbirije. Ku bandi ni ugupfa kwimara ipfa ngo umwaka uraheze kandi noneho iyo bukeye umwaka mushasha ugatangura, nta kintu gishasha c’agatangaza umuntu abona, ariko akanyamuneza k’abakristu ko karafise ishingiro rikomeye. Twebwe abemera ntiturazwa ishinga n’uko igiharuro c’imyaka cuzuye, ikituraza ishinga kikadutera n’akanyamuneza ni ukwibuka bimwe bishemeye ikintu nyamukuru mu buzima bwacu: ukwibuka ko, kuva Umwana w’Imana yinjiye muri kamere yacu akigira umuntu nkatwe, imyaka yose dusigaye tuyiharura dufatiye kuri iryo sango. Abantu bose barahimbaza intango y’umwaka, ariko abakristu ni bo nyene ni bo bafise insiguro yumvikana kandi barakwiye kwama bavyibuka.
Eka si ivyo gusa. Umusi w’Imana, benshi bawufata nk’umusi usanzwe w’ukuruhuka, tutiriwe turavuga rero abawuhumanya bakawitiranya n’iyindi misi canke bawurutisha umusi wa gatandatu ngo ni yo Sabato y’ukuri, ariko si bo barundi ntibaba barashikira iteka ry’ukuba aba Kristu, kuko kumbure ntibazi ko ukuzuka kwa Kristu Yezu ku musi ukurikira Isabato ari intambwe mw’icungurwa ryacu kandi ko ata gusubira inyuma nk’ibirenge. Uwa Kristu nyawe we, uwo musi awukesha izuka ry’Umukama wacu, kandi iryo zuka ni ryo rituma tugenda tugororotse kandi dushingura, tugana uwaducunguye kuko aba Kristu ntibameze nk’inzoka iguma yikubiranya, yikomora umurizo nk’uko abafaransa babivuga (le serpent qui se mord la queue). Ubuzima bw’umukristu burafise intumbero bugenda bugana, si ubwo kuguma bwicuza ivya kera, kuko bwamana akanovera kadashobora kwuzura wa musi wo kwibanira n’Imana akaramata udashitse.