IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (25, 6-10a)
Umukama azotegura inzimano kandi azohanagura amarira y’abantu bose
Kuri irya musi, Umukama Imana y’ingabo azotegurira ibihugu vyose, kuri uyu murambi, inzimano y’inyama zinuze, y’imivinyu iryoshe cane, inyama zinuze n’umuvinyu ukamuye neza. Uyu murambi azowukurako ivyambarwa vyo kugandara vyari bitwikiriye ibihugu vyose, n’impuzu yo gufuba abantu yari ipfutse intara zose iyo ziva zikagera.
Urupfu azorwirukana ubutakigaruka. Umukama azohanagura amarira y’abantu bose, yongere akure iceyi ku gihugu ciwe cateterewe, eka agikure kw’isi yose ; kuko Umukama yabivuze.
Kuri uyo musi, bazovuga bati : « Ng’iyo Imana yacu twari tuzeyeko urukiza, Umukama ni We Ntwari twishimiye ; turanezerewe kandi turahimbawe kuko yaturokoye !» Kuko ububasha bw’Umukama buri kuri uyu murambi.
IZABURI 22 (23), 1-3a. 3b-4. 5-6
Icit : Nzoba mu ngoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.
Umukama ni We mwungere wanje,
Sinzokena ;
ni We amvyagiza
mu canya c’ubwatsi buremvye.
Iruhande y’amazi adasuma, ni ho azonshikana,
aremeshe umutima wanje ubudasiba.
Ni We anyoborera inzira nziza
Kubw’izina ryiwe.
Sinzogira ico ntinya
N’aho noca mu mwonga mu mwijima,
kuko uri kumwe nanje,
kuko inyobozo yawe impumuriza.
Untegurira ameza
Mu maso y’abansi ;
wansize amavuta ku mutwe,
igikombe canje kirasesekaye.
Eka mbere mu buzima bwanje
Namana impore n’ubuhirwe ;
Inzu yanje ni ingoro y’Umukama
Imisi yose y’ubuzima bwanje.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyafilipi (4, 12-14. 19-20)
Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza
Ncuti zanje,
Jewe ntibingora kwicisha bugufi canke kumererwa neza. Muri vyose na hose, narimenyereje guhaga no gusonza, kuba muri vyinshi no kuba mu bukene. Vyose ndabishobora muri Kristu ankomeza. Ariko rero, mwagize neza mu kuntabara mu marushwa yanje. Mu kubasubiriza mu nkōko, Imana yanje izobamara ubukene bwose ku ngero y’itunga ryayo, ibahe ititangiriye itama muri Kristu Yezu. Imana, Dawe wa twese, n’ininahazwe imyaka n’imyaka. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Ese Imana Se w’Umukama wacu Yezu Kristu
Yomurikira amaso y’imishaha yacu,
kugira ngo turimbure ukwizigira yaduhamagariye twese uko kungana.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (22, 1-14)
Igisomwa kigufi : 22, 1-10
Muri irya misi,
Yezu yishuye abakuru b’abasaserdoti n’abashingantahe b’igihugu mu kubacira uyu mugani ati : « Ubwami bw’ijuru busa n’umwami yariko araringaniza inzimano z’ubugeni bw’umuhungu wiwe. Araheza arungika abasuku biwe guhamagara abatumire ngo baze mu bugeni, na bo baranka kuza. Asubira gutuma abandi basuku ngo babwire nya batumire bati : ‘Naringanije inzimano, ibimasa n’ibindi bitungwa nabaze, vyose vyatunganye ; nimuze mu bugeni.’ Ariko baravyirengagiza barigira, uri uwugiye kwirabira itongo, uri uwugiye kwidandariza ; abandi na bo bafata ba basuku, barabakubita, barabica.
Nya mwami ngo avumve, arashavura, arungika ingabo ziwe guhonya bano bicanyi n’uguturira igisagara cabo. Hanyuma na ho abwira abasuku biwe ati : ‘Ivy’ubugeni biri mu buryo, ariko abari batumiwe ntibari babikwiye. Gende rero mu mahwane y’inzira, mubwire abo mubona bose baze mu bugeni.’ Nya basuku baca bihereza amayira, bakoranya abo bahasanze bose, ababi n’abeza ; inzu y’ubugeni iruzura.»
Igisomwa kigufi giherera aha
« Umwami rero yinjiye kuraba abazimanwa, arabukwa uwutambaye ivyambarwa vy’ubugeni, amubwira ati : ‘Mbega mugenzi, winjiye ngaha ute utambaye ivyambarwa bikwiye ubugeni ?’ Uno na we aranuma. Nya mwami abwira abasuku biwe ati : ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumute hanze mu mwijima, iyo aja kuririra akomanya amenyo.’ Kukaba nka ko rero, hahamagarwa benshi hagashimwa bake. »