IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Ezekiyeli (47, 1-2. 8-9. 12)
Nabonye amazi yatemba ava mu ngoro, abo bose ayo mazi ashikiriye baca bakira
Muri irya minsi, Umumalayika yangarukanye ku muryango w’ingoro y’Umukama, nca mbona amazi ariko ariburuka ava munsi y’urwinjiriro rw’ingoro mu buseruko, kuko ingoro yari yerekeye mu buseruko nyene. Ni uko rero, ayo mazi yatemba ava i buryo bw’ingoro kandi yaca mu bumanuko bwa altari. Araheza aranjana, turarengana ikirimba cerekeye mu buraruko dukikuza urugo gushika ku kirimba cerekeye mu buseruko ; na ho nyene, amazi yariko arasohoka ava ku ruhande rw’iburyo.
Araheza ambwira ati : « Ayo mazi ariko aratemba mu buseruko, ngo amanuke mu kiyaga Araba, abone gushika mu kiyaga c’amazi y’umunyu, kugira ngo akize ayo mazi abe meza. Aho urwo ruzi ruzotembera hose, ibiri mu mazi vyose bizobona kuramba n’ukugwira. Ifi nyinshi zizosagarara kuko ayo mazi akiza ivyo vyose yinjiyemwo, ubuzima bugaseruka aho ayo mazi ashitse hose.
Ku nkombe zose z’urwo ruzi, hazomera igiti cose cama ibiribwa ; bizokwama bitotahaye kandi ntaho bizobura ivyamwa. Bizokwama ivyamwa bishasha rimwe mu kwezi, kuko bitungwa n’amazi avuye mu ngoro nyene. Ivyo vyamwa bizoba ivyokurya, amababi yavyo abe umuti wo kuvura. »
IZABURI
Icit : Uruzi rurahimbaye umurwa w’Imana ; ari wo ngoro nyeranda rwose ya Rudasumbwa.
Imana ni Yo mahungiro yacu, ni Yo magara yacu,
Ni Yo mirukiro ya minsi yose mu magorwa ;
N’aho isi yohinduka, n’aho imisozi yosenyukira mu biyaga,
Ntacodutera ubwoba.
Hari uruzi : imigende yarwo irahimbaye umurwa w’Imana,
Ari wo ngoro nyeranda ya Rudasumbwa ;
iri hagati muri wo, ikawuhagarikira,
Imana irawurarira bugaca.
Umukama, Nyen’ingabo, turi kumwe ;
ni We mahungiro yacu, we Mana ya Yakobo !
Gende, mwitegereze ibitangaza Umukama yagize,
ingene yateye amakuba kw’isi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ibaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (3, 9c-11. 16-17)
Muri ingoro y’Imana
Ncuti zanje,
Muri inyubakwa yubatswe n’Imana.Narakoresheje ya ngabirano nahawe n’Imana, ndataba nk’umwubatsi w’umuhinga. None abandi bariko barabandanya ; mugabo umwe wese niyitegereze ico yubakirako. Nta n’umwe ashobora gushiraho uwundi mugero atari uwuhasanzwe, na wo ni Yezu Kristu.
Mbega, ntimuzi ko muri ingoro y’Imana kandi ko Mutima w’Imana aba muri mwebwe ? Nihagira uwusambura ingoro y’Imana, Imana izomusambura ; kuko ingoro y’Imana ari nyeranda, kandi iyo ngoro ni mwebwe.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Natoye iki kibanza ndakigira ceranda,
kugira ngo izina ryanje rivyagiremwo imyaka n’imyaka. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 13-22)
Yezu avuga igisengero c’umubiri wiwe
Pasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu gisengero ababunza inka, intama n’inuma, n’abavunja amafaranga bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikibŏko, arabahinda bose abakura mu gisengero, be n’intama n’ibimasa, amafaranga y’abavunja arayasanzaza, ameza yabo arayacuranguza. Ababunga inuma na bo ababwira ati : « Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro ! »
Abigishwa biwe rero bibuka ko handitswe ngo : « Ukwitwararika ingoro yawe kurambakuye. »
Abayuda rero baramwishura bati : « Ko ubigenjeje gurtyo, ikimenyetso utweretse ni ikihe ? » Yezu abishura ati : « Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu minsi itatu. » Abayuda rero baramwishura bati : « Iki gisengero bakimazeko imyaka mirongo ine n’itandatu bacubaka, nawe ngo wogihagarika mu minsi itatu ! »
We yamara yavuga igisengero c’umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yabivuze ; barahava bemera Ivyanditswe, bemera n’ijambo Yezu yari yavuze.