IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ubwitonzi (6, 12-16)
Abarondera ubwitonzi baraburonka
Ubwitonzi burasayangana kandi ntibutituka. Ababukunda barabutangarira bitabagoye na gato ; ababurondera baraburonka. Ababurondera burabiyegereza, bukaba ari bwo butangura kubiyereka. Uwutanguranwa n’umutwenzi mu kuburondera arahiriwe, kuko azobusanga kw’irembo. Uwubukurikirana ni incabwenge, kandi uwubuteramira ntazoteba gutunganirwa. Bwo nyene bukwira imirambi burondera ababubereye, bukabiyerekana akamwemwe mu mayira kandi bugategera ivyipfuzo vyabo vyose.
IZABURI 62 (63), 2. 3-4. 5-6. 7-8
Icit : Umutima wanje urakunyotewe,
Mukama, Mana mfise.
Mukama, ni Wewe Mana yanje,
Mpora ndondera kuva mu gitondo ca kare ;
umutima wanje urakunyotewe.
Nanje ndakwipfuza,
muri iyi si yase imigaga itagira n’ikinyotera.
Ni ko, narakubonye mu ngoro yawe,
ndihweza ububasha n’ubuninahazwa bwawe ;
niho urukundo rwawe rwandutira amagara,
ngashobora kugushimagiza!
Ni ko, nzoguma nguhezagira umwanya nkiriho,
nzokwayira iminwe izina ryawe ;
niho nzohimba nk’uwagaburiwe imisoso n’ibinure,
nzoguhaya mpimbarwe n’ukuguhoza mu kanwa.
Aho ndyamye, ninaba nibuka izina ryawe,
mara ijoro ryose nkwiyumvira,
kuko waje kuntabara :
nanje nakuvugirije impundu ndi mu mutamana wawe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyatesalonika (4, 13-18)
Igisomwa kigufi : 4, 13-14
Abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo
Ntidushaka, benewacu, ko muyoberwa ivyerekeye abahisi bacu ; ntimwicwe n’intuntu nk’abandi batagira ukwizigira. Uko twemera ko Yezu yapfuye hanyuma akazuka, ni ko twemera ko abasinziriye muri Kristu, Imana izobashikana iwayo.
Igisomwa kigufi giherera aha
Ng’iki rero ico dushaka kubabwira kw’izina ry’Umukama : twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho mu gihe c’amaza y’Umukama, ntituzotanga abazoba basinziriye ; kuko ijwi ry’umumarayika mukuru n’inzamba y’Imana bimaze gutanga ikimenyetso, Umukama We nyene azomanuka ava mw’ijuru, abapfuye muri Kristu batange abandi kuzuka ; hanyuma, twebwe bazima, twebwe tuzoba tukiriho, tuzokoranirizwa hamwe na bo, tujanwe mu bicu gusanganira Umukama mu kirere ; hanyuma twamane n’Umukama mu myaka yose. Ni uko rero, nimuhumurizanye muri ayo majambo.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Nimwame mugavye kandi mwiteguye :
kuko mutazi umusi Umwana w’umuntu azozirako.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Matayo (25, 1-13)
Ng’uyu umukwe arashitse
Umusi umwe,
Yezu yaciriye abigishwa biwe uyu mugani, ati : « Ubwami bw’ijuru buzogereranywa n’abakobwa cumi bafashe amatara baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, abandi batanu incabwenge. Bano batanu rero b’ibijuju bafata amatara ntibatwarana n’amavuta ; bano b’incabwenge mu gufata amatara, batwarana n’amavuta mu ducupa. Umugeni atevye, bose batangura gutura ingiga, hanyuma barasinzira. Mw’ijoro hagati, bumva urwamo ngo : ‘Ng’uyu umugeni arashitse : ingo mumusanganire.’
Ba bigeme bose baravyuka, bacana amatara yabo. Bamwe batanu b’ibijuju babarira bamwe b’incabwenge bati : ‘Nimutugabanirize ku mavuta yanyu, amatara yacu yazimye.’ Na bo barabishura bati : ‘Twohava tubura twese ; nimugende ku badandaza mwigurire.’
Bagiye rero kuyagura, umugeni arashika, abiteguye binjirana na we mu bugeni baca bugara urugi. Hanyuma rero, ba bandi na bo baraza bati : ‘Muhanyi, twugururire.’ Na we arabishura ati : ‘Sindabazi.’
Nimwame maso, kuko mutazi umusi ntimumenye n’isaha. »