Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 2 Y’UBUSHIKIRO (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Izaya (40, 1-5. 9-11)

Nimuharurire Umukama inzira

Humurize, humurize igihugu canje,
Nimusubirize umutima mu nda Abanyayeruzalemu.
Babwire muti : « Igikorwa canyu kirarangiye,
Igicumuro canyu carishuwe.
Umukama yarabahanye ikirenga kabiri ku bicumuro vyanyu. »
Ijwi risemerera riti :
« Nimuharurire Umukama inzira mu gahinga,
muharurire Imana yacu inzira igororotse mw’idonzi.
Umubande wose ufurirwe,
umusozi n’umutumba wose uringanizwe,
ahari imanga hose hongere hasaswe,
na ho ahaduga nk’uruti rw’icumu haringanizwe.
Ni ho ubuninahazwa bw’Umukama buzokwibonekeza,
kandi nta wuzosigara atabubonye,
kuko Umukama yarivumereye. »

Wewe uzaniye Siyoni inkuru nziza,
duga ku musozi muremure.
Wewe uzaniye Yeruzalemu inkuru nziza,
shira ijwi hejuru cane.
Tereza akamo, ntutinye.
Ubwire ibisagara vya Yuda uti :
« Ng’iyo Imana yanyu !
Ng’uyo Umukama Imana, azozanana n’ububasha,
ukuboko kwiwe kuzomugarurira vyose.
Raba, azoza azanye ivyo yatsindiye vyose
Kandi inkurikizi yiwe yitangiye imbere.
Azoragira ubusho bwiwe nk’umwungere,
azoterura imyagazi mu maboko,
ayitware ku gikiriza,
intama zonsa na zo azozibungabunga. »

IZABURI 84 (85), 9ab-10. 11-12. 13-14

Icit : Mukama, twereke urukundo udufitiye,
         uduhe urukiza rwawe.

Hinge numvirize ivyo Umukama agira avumere :
avumera amahoro y’igihugu ciwe ;
nangwa, abamwubaha bari hafi y’ugukira,
hanyuma ubuninahazwa bwiwe bube kw’isi yacu.

Urukundo n’agatima k’ibanga bigendane,
amahoro n’ubutungane bihane ikaze ;
umudahemuka azokwamuka kw’isi,
intungane imanuke iva mw’ijuru.

Umukama niyadukomorera ingabirano ziwe,
isi izoca irondoka ;
ubutungane buzomuja imbere,
amahoro yiwe amuherekeze.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa rya kabiri ry’Umutumwa Petero (3, 8-14)

Nimutegure inzira y’Umukama

Bakunzi banje,
Hari ikintu mudashobora kwibagira : ni uko mu maso y’Umukama umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, imyaka igihumbi ikamera nk’umusi umwe. Umukama ntatevya isezerano ryiwe, nk’uko bamwe biyumvira yuko aritevya ; ariko arazi kubiyumanganya, ntashaka ko hagira n’umwe atikira, ashaka ko bose bohava bisubirako. Mugabo, umusi w’Umukama uzoza nk’igisuma, aho ikirere kizosanzara casirana, ibisate vyaco bigashongeshwa n’umuriro, isi na yo n’ibikorwa biri muri yo bigacika igitongorero.

None, ko ivyo vyose bizoshonga bityo, namwe mutegerezwa kwigenza rweranda mu bikorwa vy’ukuyobokera Imana no mu bisabisho, mu kurindira no mu guhahamira amaza y’Umusi w’Imana uzotuma ikirere gishongeshwa n’ugusha, ibisate vyaco bikayagishwa n’umuriro. Nka ko, ivyo turindiriye nk’uko Umukama yabituraganiye, ni rya juru rishasha na ya si nshasha bivyagiyemwo ubutungane.

Ni uko rero, bakunzi banje, umwanya mukibirindiriye, nimushishikare rwose kugira ngo abasange muri mu mahoro, mutagira agahonzi n’amahinyu.

INKURU NZIZA

Alleluia, alleluia.

Nimutegure inzira y’Umukama, muringanize inzira ziwe ;
ni ho umuntu wese azobona urukiza rw’Imana.

Alleluia.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 1-8)

Nimuringanize inzira z’Umukama

Intanguro y’Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, Umwana w’Imana.
Nk’uko vyanditswe n’umuhanuzi Izaya ngo : « Raba ndungitse intumwa yanje imbere yawe, ngo ategure inzira yawe. Ijwi ry’uwuhogora mu gahinga riti : ‘Tegure inzira y’Umukama, ringanize inzira ziwe.’ »

Na we Yohani Batista yari mu gahinga, amanyesha ibatisimu y’ukwisubirako ngo ibicumuro birekurwe. Yirukirwa n’igihugu cose c’Ubuyudeha n’ababa i Yeruzalemu bose, bakemera ibicumuro vyabo kandi bakabatizwa na we mu mazi ya Yordani.

Yohani yari yambaye impuzu y’ubwoya bw’ingamiya, maze akayikenyeza umukanda w’urusâto, yari atunzwe n’ukurya inzige kumwe n’ubuki bwo mw’ishamba.

Kandi yigisha ati : « Uwuje mu nyuma zanje arandusha ububasha, mbere sinkwiye n’ugupfundurura imizana y’inkweto ziwe. Jewe, nababatije mu mazi gusa, ariko We, azobabatiza muri Mutima Mweranda.»


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :