IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri ca Samuweli (7, 1-5. 8b-12. 14a. 16)
Ubwami bwa Dawidi buzoramba imyaka n’imyaka
Ni uko rero, umwami Dawidi amaze kwinjira mu ngoro yiwe i Yeruzalemu, Umukama amuhaye impore hagati y’abansi biwe bose bamukikije, abarira umuhanuzi Natani ati : « Ehe jewe mba mu nzu yubakishijwe amasederi, na yo itabernakulo y’Imana iba mw’ihema gusa ! » Natani yishura umwami ati : « Genda ukore nk’uko wipfuza wewe nyene, kuko Umukama ari kumwe nawe. »
Ariko muri iryo joro nyene, ijambo ry’Umukama rishikirizwa Natani, riti : « Genda ubwire umusavyi wanje Dawidi uti : Ng’iri iryavuzwe n’Umukama : Mbega, ni wewe uzonyubakira inzu yo kubamwo ? Ni je nagukuye inyuma y’ibitungwa mu gahinga aho wari uragiye intama, kugira ngo ube umuyobozi w’igihugu canje, Israeli. Namye ndi kumwe nawe aho waja hose, naratikije abansi bawe bari baguhanze. Nzokugira rurangiranwa mu bandi bakuru bo kw’isi, nzotorera ikinanza igihugu canje Israeli, ndakigerereho kigumeho ; ntikizoba kikiyerera nk’uwutagira iyo aja, nk’uko babigize kuva aho nari nashinze abacamanza ngo bayobore igihugu canje Israeli.
Ndaguhaye impore mu kugukiza abansi bawe bose, kandi Umukama akumenyesheje yuko azokwubakira inzu. Niwamara kumara urw’abagabo, ukaja gusanga ba sogokuru bawe bahise, nzobungabunga uruvyaro rwawe, nongere nkomeze ingoma yarwo. Uwuzoba yavuye muri wewe nzomubera se, na we ambere ikibondo. Umuryango wawe n’ubwami bwawe bizoramba mu maso yanje na ntaryo : intebe yawe izohangama ubutayegayega. »
IZABURI 88 (89), 2-3. 4-5. 27. 29
Icit : Urukundo rwawe, Mukama,
ndaruririmba ubudahengeshanya.
Urukundo rwawe, Mukama, ndaruririmba ubudahengeshanya,
inzaruka zose nzozimenyesha ko uzira guhemuka.
Erega navuze nti : « Urukundo rwawe ruravyagiye ubutakihava ;
mw’ijuru niho washinze ingingo yawe izira guhemuka. »
« Twagize ubumwe twe n’uwo nitoreye,
narahiye umusavyi wanje Dawidi nti :
Narashinze umuryango wawe ubutakihava,
ndagushigikirira ingoma izokwamaho. »
« Azomapamagara ati : Wewe uri Dawe,
Mana yanje, ukongera ukaba ikinja rinkiza !
Nzokwama ndamukunda imyaka yose,
ubumwe bwanje sinzokwigera ndabumukurako. »
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abaromani (16, 25-27)
Ikinyegezwa c’Imana kizohishurirwa muri Yezu Kristu
Ncuti zanje,
Imana yo nsa ishobora kubaremesha muri ya Nkuru Nziza ndabigisha, mvugira Yezu Kristu, muri rya banga ryahishijwe imyaka n’imyaka, none ubu ryamenyekanye m vyanditswe n’abahanuzi nk’uko Imana yamaho yari yabitegetse, rikamenyekana mu ntara z’abantu bose ngo bamuyoboke bamwemere. Imana yo nsa, Nyenubwitonzi, n’ininahazwe ku bwa Yezu Kristu mu myaka n’imyaka. Amen.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Jewe ndi umusavyi w’Umukama ;
ni bimbere uko ubivuze !
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Luka (1, 26-38)
Uza gusama imbanyi, uzokwibaruka umuhungu
Umunsi umwe,
Umumarayika Gabrieli yatumwe n’Imana mu gisagara c’i Bugalile citwa Nazareti ku mwigeme yari yasabwe n’umuntu yitwa Yozefu, wo mu muryango wa Dawidi ; nya mwigeme na we yitwa Mariya.
Nya mumarayika arinjira amubwira ati : « Mwaramutse, wewe wuzuye inema, Umukama muri kumwe. » Mariya ngo avyumve, agwa mu gahundwe, yibaza ico iyo ndamutso ivuyeko.
Nya mumarayika yamara aramubwira ati : « Humura, Mariya, warashimwe n’Imana. Uza gusama imbanyi, uze uyivyaremwo umuhungu, uzomwita Yezu. Azoba mukuru kandi azokwitwa Umwana w’Uwo mw’ijuru. Umukama Mana azomuha ingoma ya se wiwe Dawidi ; azogaba igihugu ca Yakobo imyaka yose, n’inganji yiwe ntizohera. »
Mariya na we abaza nya mumarayika ati : « Ivyo bizoshoboka bite ko ntari bumenye umugabo ? » Umumalayika aramwishura ati : « Mutima Mweranda azokuzako, maze ububasha bw’uwo mw’ijuru bugutwikire. Nico gituma uwo uzokwibaruka azoba mweranda kandi akitwa Mwene Mana.
Mbere na Elizabeti, incuti yawe, aheruka gusama imbanyi y’umuhungu mu busaza, kandi uku kwezi kugira gatandatu, n’aho bahora bamwita ingumba, kuko atakinanira Imana. »
Mariya ati : « Jewe ndi umusavyi w’Umukama ; nibimbere uko ubivuze. » Nya mumarayika aca arigira.