IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca mbere ca Samuweli (3, 3-10. 19)
Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arakwumviriza
Muri irya misi,
Samuweli yari aryamye mu ngoro y’Umukama, ahari isandugu ryeranda. Umukama rero aramuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Na we yishura ati : « Ndarengutse. » Aca yiruka kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Sinaguhamagaye, subira kuryama. » Aragenda kuryama. Umukama arasubira kumuhamagara ati : « Samuweli, Samuweli ! » Aragenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli na we ati : « Mwananje sinaguhamagaye, niwisubirire kuryama. » Samuweli ntiyari bwamenye Umukama, n’ijambo ry’Umukama ntiryari bwamushikire. Umukama asubira guhamagara Samuweli ubwa gatatu, na we arava hasi, agenda kwa Heli ati : « Ndarengutse kuko umpamagaye. » Heli rero aca arategera ko ari Umukama yahamagaye nya mwana. Ni ko kubarira Samuweli ati : « Genda wiryamire, nihagira uwuguhamagara, uraheza uvuge uti : “Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza.” »
Samuweli rero asubira kuryama mu kibanza ciwe. Umukama araza, ahangama aho ; arahamagara nk’ubwa mbere ati : « Samuweli, Samuweli ! » Samuweli na we yishura ati : « Yaga, Mukama, umusavyi wawe ariko arumviriza. »
Samuweli arakura kandi Umukama bari kumwe. Bisubiye, nta jambo na rimwe yigeze ata mu vyo yari yamubwiye vyose.
IZABURI 39 (40), 2. 4ab. 7-8a. 8b-9. 10
Icit : Ndi hano, ndaje, Mukama,
ndaje gukora ivyo ushaka.
Nari nizigiye Umukama nshimitse,
yaranteze ugutwi.
Araheza antuma nezerwa ndaririmba,
ndaririmbira Imana yacu.
Inkuka n’imperezwa vyari ubusa kuri Wewe,
warantabaye ndabimenya.
Eka ivyo baguhereza vyose ntiwari ubishimitsemwo,
niho nitora nti : « Ndi hano ndaje. »
Ivyanditswe kuri jewe
bintegereza gukora ivyo ushaka :
Mana mfise, amabwirizwa yawe aranezereza
Kandi ndayashize ku mutima.
Narataziriye inkuru nziza
Ishengero rikoranye.
Raba sinobinuma,
ni ico wiyiziye, Mukama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (6, 13b-15a. 17-20)
Imibiri yanyu ni ingingo za Kristu
Ncuti zanje,
Umubiri wacu ntiwagiriwe ubuhumbu, yamara ni uw’Umukama, Umukama ni uw’umubiri. Imana na yo yazuye Umukama izotuzura natwe ku bubasha bwayo. Ntimuzi ko imibiri yanyu ari ingingo za Kristu ? Uwifatanije n’Umukama aca asangira umutima na we. Nimuhunge ibiterasoni. Ikindi gicumuro cose umuntu yokora ntigishikira umubiri wiwe ; ariko uwukora ibiterasoni we aba acumuye ku mubiri wiwe. Canke ntimuzi ko umumbiri wanyu ari ingoro ya Mutima Mweranda ari muri mwebwe kandi mwamuhawe n’Imana ? Ntimuzi kandi ko utiganza ? Nka ko, mwaraguzwe igiciro. Nimuninahaze Imana rero mu mubiri wanyu.
INKURU NZIZA
Aleluya, aleluya.
Twabonye Mesiya, ari we Kristu ;
Ingingo n’ukuri vyazanywe na we.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (1, 35-42)
Abatumiwe na Yezu birirwa iruhande yiwe uyo musi
Yezu amaze kubatizwa, bukeye bwaho, Yohani Batista yari akiri aho, na babiri bo mu bigishwa biwe. Maze yitegereje Yezu yari ahaciye, avuga ati : « ng’uyu Umwagazi w’Imana. » Nya bigishwa babiri bumvise avuze atyo, bakurikira Yezu. Yezu arakebuka, abona bamukurikira, araheza ababwira ati : « Murondera iki ? » Na bo bamubaza bati : « Rabbi, ni ukuvuga Mwigisha, mbega uba hehe ? » Ababwira ati : « Nimuze mwirabire. » Baragenda, babona aho yaba ; birirwa iruhande yiwe uyo musi : hari nko kw’isaha y’icumi. Andreya, mwenewabo na Simoni Petero, yari umwe muri abo bari bumvise ivya Yohani bagakurikira Yezu. Ahura rero ubwa mbere na Simoni mwene nyina, amubwira ati : « Twabonye Mesiya », ni ukuvuga Kristu. Araheza amushikiriza Yezu. Yezu amwitegereje, avuga ati : « Uri Simoni mwene Yohani, uzokwitwa Kefas », ni ukuvuga Rutare.