IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca Yobi (7, 1-4. 6-7)
Igihe c’umuntu ari mu marushwa
Muri irya misi, Yobi yaravuze aya majambo ati :
« Mbega umuntu akiri kw’isi ntaba ari mu ntambara,
imisi yiwe na yo si nk’iy’umucangero ?
Nk’uko umushumba yipfuza igitutu,
umucangero na we akarereka impembo yiwe,
ni ko nagabiwe amezi y’amarushwa
nkamara amajoro y’umuruho. »
Iyo ndyamye, ndibwira nti :
« Buca ryari ngo mvyuke ? »
Ndara ndagaragurika
bukarinda buca.
Imisi yanje irihuta kuruta ico umujishi w’impuzu ajisha,
ishira ata mwizero.
Ibuka, se Mukama, ko ubuzima bwanje ari umuyaga gusa,
ijisho ryanje ntirigisubira kubona ivyiza ukundi gusha.
IZABURI 146 (147), 1-2. 3-4. 5-6
Icit. : Shemeza Umukama,
ni We akiza imitima ituntuye !
canke : Alleluia.
Shemeza Umukama,
birahimbaye kumuririmbira.
Vyinira Imana yacu,
biraryoshe kuyishimagiza.
Ni we akiza imitima ituntuye,
agakanda inguma zabo ;
ni We aharura igitigiri c’inyenyeri
imwe imwe akayita izina ryayo.
Umukama Mushoboravyose ni agahambaye,
ubwenge bwiwe ntibugira ingero.
Umukama ahagarikira abatobato,
inkozi z’ikibi na zo akazicinyiriza hasi.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyakorenti (9, 16-19. 22-23)
Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza
Ncuti zanje,
Ukumenyesha Inkuru Nziza si co kininahaza ; ni igikorwa ntegerezwa, kimfatira hose. Noba ndarwiciriye ntamenyesheje Inkuru Nziza ! Iyo mba ari je ubwanje nihaye ico gikorwa, nokuyemwo impembo. Ko ata mpembo mfise ni uko ari ibanga nashinzwe. None rero, impembo yanje ni iyihe ? Ni uko mu kwigisha mpeza nkigisha Inkuru Nziza ata co naka, kugira ngo ndeke gukoresha ivyo noshobora gukura kuri iyo Nkuru Nziza nyene. Egome, n’aho ndi uwidegemvya kuri bose, narigize umushumba wa bose, kugira ngo ndushirizeho kuronka benshi. Mu badakomeye, nabaye nk’uwudakomeye, kugira ngo ngarure abadakomeye ; kuri bose nigize vyose, kugira ngo mbashe gukiza bamwebamwe uko nshobora kwose. Ivyo vyose ndabikora ku bw’Inkuru Nziza, kugira ngo ntorane mu vyiza vyayo.
INKURU NZIZA
Alleluia, alleluia.
Kristu yarafashe ubumuga bwacu,
arigerekako indwara zacu.
Alleluia.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (1, 29-39)
Yarakiza abarwaye benshi bababaye kwinshi
Bavuye mw’isinagoga, Yezu ari kumwe na Yakobo na Yohani, barora kwa Simoni na Andreya. Inabukwe wa Simoni yari ku musego, arwaye inyonko. Buno nyene, baca baramuvugira. Na we aramwegera aramufata ukuboko aramuvyura. Nya nyonko ica irakira, mbere aja mu vyo kubazimana. Ku mugoroba, izuba rirenze, bamuzanira abarwaye bose n’abasazwa n’amashetani. Igisagara cose cari gikoraniye imbere y’inzu. Akiza abarwaye benshi bababaye kwinshi ; amashetani menshi na yo akayirukana, kandi ntiyayareka ngo avuge, kuko yari amuzi. Bukeye, Yezu ahengera umutwenzi utarakika, aravyuka, arasohoka, aja mu gahinga ahantu hiherereye, aba ari ho asengera. Simoni n’abo bari kumwe bamuja mu nyuma. Bamushikiriye bati : « Bose bariko barakurondera. » Na we ati : « Hogi tuje ahandi mu bindi bigwati, ndahigishe na ho, kuko ari co canzanye. » Aragenda rero yigisha mu masinagoga yo mu Bugalile bwose kandi yirukana amashetani.