Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Vivons en Eglise » Vie chrétienne » Uburyo bwo kugira Inzira y’Umusaraba hari abantu benshi.

Uburyo bwo kugira Inzira y’Umusaraba hari abantu benshi.

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Ibi twanditse ng’aha tuvyanditse twisunga Igitabu c’Abakristu, pp. 281-296b.
Twisunze Bibliya nshasha, twahinduye amajambo abiri :

– Abayahudi = Abayuda
  – Umusalaba = Umusaraba

IJAMBO RY’INTANGO

VIA CRUCIS

VIA CRUCIS (Inzira y’Umusaraba)

Yezu Kristu, Mucunguzi wanje, waragiye mu nzira y’umusaraba, ngo uncungure kuko wankunze cane. Nanje ubu ngomba kwibuka ya magorwa wabonye ku bw’ibicumuro vyanje ; bino bicumuro ndabigaye kuko vyakubabaje, ndashaka kugukunda n’umutima wanje wose imisi yose.
Mu kugira iyi nzira y’umusaraba, nizigiye kuronka ikigongwe c’Imana abayigira neza baronka, maze n’imitima icishura ibonereho gushikira ubukiriro. Ndiko ndagusabisha ukubabara kwawe, ngo untabare nshobore kugumya inzira irora mw’ijuru, mbone n’ubuhirwe bwamaho.

We Mariya, Mawe mwiza,
utwibuts’imisi yose,
amagorwa ya Yezu.

ICIBUKIRO CA MBERE

V/ Turagusenga, Yezu, turakuninahaza.
R/ Kuko waducunguye mu kubabara no mu gupfa ku musaraba wawe mweranda.

Yezu acirwa urubanza ngo apfe

Yezu bamaze kumukubita, bamwambitse n’amahwa ku mutwe, Pilato atamubonyeko n’igicumuro, apfa kumuhereza abicanyi ngo bamubambe ku musaraba.
Yezu waciriwe urubanza rutari rwo, ataco wacumuye, wababaye ku bwiwanje, ari je nari nkwiye gupfa, jewe nacumuye. None subira ungirire ikigongwe, umusi nzopfa mbone urubanza runkiza, noye gutabwa mu muriro udahera.

V/ Tugirire ikigongwe Mukama.

R/ Tugire ikigongwe.

V/ N’imitima y’abakwemeye ihorane amahoro ku kigongwe c’Imana.

R/ Amen.

Hamwe babamba Umukama,
ku giti c’umusaraba,
Mariya akamusanga.

ICIBUKIRO KIGIRA KABIRI

V/ Turagusenga … …

Yezu yikorera umusaraba

Yezu yarashimve gupfa arikorera umusaraba aja mu nzira y’amagorwa, ngo atwereke natwe ingene tworinda amagorwa tumwigana.
Yezu, mpa umutima mbashe kukugendanira neza, ndinde ibingora vyose nkwigane, nishure ibicumuro vyanje.

V/ Tugirire … …

Akabona Umwana wiwe,
mu magorwa, mu marushwa,
Ntagire n’umuhoza.

ICIBUKIRO KIGIRA GATATU

V/ Turagusenga … …

Yezu agwa hasi

Yezu yari yananiwe ; ya maraso yava mu nguma ziwe yari yamwishe, akaremerwa n’umusaraba, agahava agwa hasi.
Mucunguzi wanje, ibicumuro vyanje vyinshi bigoye ni vyo vyakuremereye bikwica. Ubu yamara numva binteye ishavu ngomba kubiheba ; untabare rero nshobore kuvyanka n’ukuvyishura.

V/ Tugirire … …

Umutima ukababara,
ugashaka kumwankira,
ntakibasha kurira.

ICIBUKIRO KIGIRA KANE

V/ Turagusenga… …

Yezu na Nyina bahwanira mu nzira

Mariya yumyise ko Yezu yafashwe, ababaye, akamukurikira, akamuhamvya mu nzira. Yezu na Mariya baboneraho amagorwa menshi, Yezu agorwa kuko abona Nyina wiwe ababaye, Mariya na we agorwa kuko abona Umwana wiwe ari mu minwe y’abamwica.
Yezu Mukama wanje, umpe umutima wo kukuyobokera turi kumwe na Nyoko wawe mbashe kumukunda neza. Bikira Mariya, untunge neza ngumye umutima, nkurikire Yezu nk’uko wamukurikiye nawe.

V/ Tugirire… …

Hari uworeka kuganya,
araba Nyina wa Yezu,
ingene amuririra.

ICIBUKIRO KIGIRA GATANU

V/ Turagusenga … …

Bafata Umunyasireni yitwa Simoni ngo yakire Yezu umusaraba

Abayuda batinye ko Yezu yopfira mu nzira, bafata umuntu yitwa Simoni, Umunyasirene, bamuremeka umusaraba ngo niyakire Yezu.
Yezu wavuze uti : « Uwunkunda n’angendanire », na Wewe, Mwami wanje, washimye kurinda ibigoye, unsigariza bikeyi ; n’umpe rero umutima sinanke ivyo wansigarije, ndinde amagorwa, ndinde n’urupfu ku bwawe.

V/ Tugirire … …

Aya magorwa ni twebwe,
twayamuganyishije,
n’ibicumuro vyacu.

ICIBUKIRO KIGIRA GATANDATU

V/ Turagusenga … …

Veronika ahanagura Yezu mu maso

Veronika mweranda abonye Yezu, amaso yiwe ariko amate n’amaraso, bimutera ikigongwe, yakira ikiremo, amuhanagura mu maso. Yezu akamushimira yishushanya kuri nya kiremo.

Wewe Yezu, niwishushanye mu mutima wanje, ico ushima mbe ari co nshima, ico wanka mbe ari co nanka; umpe umutima ushize ubwoba, ngume mu mabwirizwa yawe.

V/ Tugirire … …

Twari twaragize nabi,
twaritwaratutse Imana,
ntitwari kurokoka.

ICIBUKIRO KIGIRA INDWI

V/ Turagusenga … …

Yezu agwa hasi ubugira kabiri

Yezu yari yarushe cane, umusaraba ukamuremera, ya mahwa yo ku mutwe akamwica, ata magara akigira agasubira kugwa.
Yezu, si umusaraba wikoreye ukwica, ni jewe nkwicisha ibicumuro nama nkora simpahe ; none Mwami wanje, sinkibisubira, umvyure noye gukukumba hasi.

V/ Tugirire … …

Nawe Yezu akariha,
agapfa ku musaraba,
agomba kudukiza.

ICIBUKIRO KIGIRA UMUNANI

V/ Turagusenga … …

Yezu ahoza abagore bamuririra

Abagore bamwe babonye Yezu ingene ababara, avirirana mu nzira yose, bikabatera ikigongwe bakarira : Yezu rero akababarira ati : « Mwa bagore, reke kundirira, nimwiririre mwebwe nyene n’abana banyu. »

Yezu, ntabara nitegereze ububegito bw’umutima wanje, nahora nikunda singukunde, ngashima ikikubabaza ; hindura rero uno mutima mubi, noye kukuririra gusa, cane cane mpebe ibicumuro vyakwishe.

V/ Tugirire … …

Wewe Mariya mukundwa,
dutabare turirire,
Yezu hamwe na Wewe.

ICIBUKIRO KIGIRA ICENDA

V/ Turagusenga … …

Yezu agwa hasi ubugira gatatu

Ba Bayuda bakwega Yezu bakamuhuhura, bakamukubita bakamuhutagiza, n’Umukama agasubira agasubira kugwa hasi.
Yezu abo babisha baguhuhura ni intumwa zanje. Wewe urababara nanje ndondera ikindyohera ; Wewe urapfa nanje ntwenga. Ntugapfe uri umwe mwami wanje, n’umpe umutima w’ukurinda nkwigana mu kwakiriza yompi ishaka ry’Imana.

V/ Tugirire … …

Duhe umutima wagutse,
natwe dukunde Umukama,
tumubere abatoni.

ICIBUKIRO KIGIRA ICUMI

V/ Turagusenga … …

Yezu bamwambura ivyambarwa vyiwe

Yezu ashitse ku gasozi k’i Kalvariyo, abasirikare bamwambura ivyambarwa vyiwe, batoneka inguma ziwe zose, Yezu akababara cane.
Yezu, ivyo vyose wabibabaye ku bwanje, wishura ibiterasoni nkunda gukora ; mfasha rero ndabihebe, mbe mweranda nkore imisi yose ibikunezereza.

V/ Tugirire … …

Tumenye ugupfa kwa Yezu,
twibuke n’umusaraba,
aho yadupfiriye.

ICIBUKIRO KIGIRA ICUMI NA RIMWE

V/ Turagusenga… …

Yezu abambwa

Yezu bahejeje kumwambura, ariryamika We nyene ku musaraba, atega amaboko, abasirikare rero bakamubamba banega mu biganza no mu birenge vyiwe imambo z’ivyuma, amaraso agataruka n’imitsi igacika.
Yewe Yezu, norakwishe nabi ! Niwibuke, Mukama mwiza, amagorwa wabonye, niwibuke n’inguma zawe; wagomvye gukiza bose, ntihagire usigara n’umwe ; Yezu girira ikigongwe kino gihugu, gikize bagukunde, bemere ijambo ryawe bose, amaraso yawe ntapfe ubusa.

V/ Tugirire … …

Imisi yose dufashe,
tube turinda amagorwa,
twishura ico twakoze.

ICIBUKIRO KIGIRA ICUMI NA KABIRI

V/ Turagusenga … …

Yezu apfa ku musaraba

Yezu amara isaha zitatu abambwe ku musaraba, atagira aho aruhukira, akababara cane. Ariko aracikana, ashira ijwi hejuru ati : « Igikorwa canje kiraheze, Dawe ndaguhaye umutima wanje », akajondamika umutwe acikana.
Yezu wanje, ndiko ndahanga umusaraba wapfiriyeko. Uwakwishe ni jewe, yamara waransabiye ikigongwe uti : « Dawe, ibagira,ntibazi ico bakora ». Ni ko Yezu, sinari ndabizi, yamara noneho ndahaye ndamenya ingene wankunze ; ibagira rero ibicumuro vyanje, untabare ndabihebe, rya banga wampaye nshobore kuripfana.

V/ Tugirire … …

Nawe Yezu ku rubanza,
wumve neza Nyoko wawe,
adukize umuriro.

ICIBUKIRO KIGIRA ICUMI NA GATATU

V/ Turagusenga … …

Yezu bamubambura

Abagendanyi ba Yezu babiri babambuye ikiziga ca Yezu, bagihereza Nyina wiwe. Mariya yakiriye Umwana wiwe, abona ibitoboro mu biganza no mu birenge, n’inguma zikwiye umubiri wose, umutima wiwe ushaka kumwankira.
Mariya Mawe, narakubabaje nkwicira Umwana wawe. Ngirira ikigongwe, Mawe, nigaye, sinsubire kwibagira amagorwa naguteye, yamara nkore ibikorwa vy’umwana mwiza agomba kunezereza umuvyeyi wiwe.

V/ Tugirire… …

Uhere umutima wacu,
ubuhirwe budashira,
kw’izina rya Mariya.

ICIBUKIRO KIGIRA ICUMI NA KANE

V/ Turagusenga… …

Yezu ahambwa

Ba bagendanyi bahambiriye ikiziga mu mpuzu yera cane, baragihamba mu ruhafu rushasha bimvye mu kibuye, n’umutima wa Yezu uja guhoza imitima y’abari bapfuye neza.
Yezu wanje, waragomvye guhambwa. Hamba mu ruhafu rwawe ingeso mbi zanje, umpindurire umushaha mbe mweranda, nitwararike kurangura ibigushimisha. N’ubu aho ndi imbere yawe, Mukama, ndahakanye Shetani, n’ibikorwa vyayo n’inyosha mbi zayo.

V/ Tugirire… …

We Mariya, Mawe mwiza,
utwibuts’imisi yose,
amagorwa ya Yezu.

GUSOZERA

V/ Turagusenga, Yezu, turakuninahaza.

R/ Kuko waducunguye mu kubabara no mu gupfa ku musaraba wawe mweranda.

V/ Dusabire, Mubikira wabonye amagorwa yose !

R/ Tuberwe guhabwa ivyo Yezu Kristu yaturaganiye.

V/ Dusabire Umupapa wacu.

R/ Imana n’imutunge neza, n’imukomeze cane, n’aho akiri hasi n’imunezereze, n’imutabare ntagwe mu minwe y’abicanyi babi.

V/ Dusabire n’abakristu bose bapfuye.

R/ Mukama, gira ubahe uburuhukiro buhoraho, n’umuco udahera ubanezereze imyaka.

Dusabe :

Yezu, Wewe washimye gupfa ku musaraba ngo unkize, uri mwiza rwose. Amagorwa n’urupfu wabonye ni vyo vyishuye ibicumuro vya bose, bikiza imitima yacu ; ni co gituma ngushimira.
Ibicumuro nakoze vyari vyanteye ubwoba, none ko wabinkijije, nkiza na bwa bwoba, nzi yuko amaraso yawe atazopfa ubusa, nkwizigiye.
Ntabara rero, Mukama, ico mbuze ni umutima, uwumpe nshobore kugukunda, ntihagire n’ikintesha kugukorera imisi yose.
Ubwo bukomezi uhejeje kumpa, nkugendanira muri iyi nzira y’umusaraba, nibundonkere umutima mweranda mbuze, vyongeye n’imitima yo mw’ipurgatori ibonereho, iruhuke, ishike iwawe n’ingoga, twe na yo tugende kugukengurukira imyaka yose. Amen.


3 commentaires

  1. Nibigira Y ette dit :

    Merci beaucoup. J’avais ou loé mon livret et grâce à vous je viens de faire le chemin de la coix sans souci.
    Que Dieu vius bénisse

    J’aime

  2. Amakuru
    Amahoro ahorane namwe imisi yose Amen.

    J’aime

Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :