Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 3 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ihunguka (20, 1-17)
Igisomwa kigufi : 20, 1-3. 7-8. 12-17
Ku musozi wa Sinayi, Imana yavumereye aya majambo yose, iti : « Ni jewe Umukama Imana yawe, nagukuye mu ntara ya Misiri, ndakuvana mu buja warimwo. Nta zindi mana uzosenga atari jewe.
Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha
Mu biremwa vyo mu kirere, ivyo kw’isi n’ivyo mu mazi, ntihagire na kimwe utoramwo ikigereranyo, bisubiye, ntuze usenge ibishusho. Ntuze ubipfukamire, kandi ntuze ubikorere, kuko jewe Umukama Imana yawe, ndi n’ishavu ryinshi ; ikibi cakoze abavyeyi ngihanira abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo ; ariko nkagirira ikigongwe abankunda, bakazigama amabwirizwa yanje, be n’abana babo, abuzukuru n’abuzukuruza babo.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Ntuze urahirire ubusa izina ry’Umukama Imana yawe, kuko uwurahirira ubusa Umukama ntazogenda atamuhanye. Urama wibuka umusi w’Imana uwuhimbaze.
Igisomwa kigufi gisubira kuba kirahagarariye aha
Uzorangura ibikenurwa vyawe mu misi itandatu ; ariko umusi ugira indwi ube umusi w’Umukama Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri uwo musi, yaba wewe ubwawe canke umuhungu wawe canke umukobwa wawe, canke umusuku wawe canke incoreke yawe canke inka yawe, canke umuvamahanga aba iwawe.
Kukaba nkako, Umukama yaremye isi n’ijuru, ikiyaga n’ibirimwo vyose mu misi itandatu, umusi ugira indwi araheza araruhuka. Ni co gituma uwo musi wo kuruhuka, Umukama yawuhezagiye, akawutera iteka ryinshi.
Igisomwa kigufi kibandaniriza aha
Sonera so na nyoko, kugira ngo uzorambe imyaka kuri iyi si Umukama Imana yawe aguhaye.
Ntugire uwo wica.
Ntuze usambane.
Ntuze wibe.
Ntuze wagirize mugenzawe uvuga ibinyoma.
Ntuzokwipfuze inzu ya mugenzawe.
Ntuzokwipfuze umugore wiwe, umusuku wiwe, incoreke yiwe, inka yiwe kibure indogobwe yiwe ; eka ikintu ciwe cose. »
IZABURI 18 (19), 8. 9. 10. 11
Icit : Mukama, urafise amajambo y’ubuzima budahera.
Amategeko y’Umukama aratunganye,
Ahembura umutima ;
amabwirizwa y’Umukama ni ay’ukuri,
ni yo bwenge bw’abantu batobato.
Amategeko y’Umukama aragororotse,
ni akezamutima ;
amabwirizwa y’Umukama arasobanutse,
ni yo muco w’umutima.
Ukwubaha Umukama ni akaroruhore,
ntikuzokwigera guhera n’intete ;
Umukama ashinga intahe y’ukuri
Intahe yama itunganye.
Isumvya inzahabu gukundwa,
na yo nyene itagira imvange ;
irusha kuryoha
ubuki bw’umutsama.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mwIbaruwa rya mbere Umutumwa Paulo yandikiye Abakorenti (1, 22-25)
Ubwenge bw’abantu n’ubusazi bw’Umusaraba
Ncuti zanje,
Igihe Abayuda basaba ikimenyetso, Abagereki na bo bakarondera ubwenge, tweho turamenyesha Kristu yabambwe ku musaraba : ku Bayuda, uwo musaraba ni ikibatsitaza, ku Bagereki na bo, ni ubujuju ; ariko, ku bahamagawe n’Imana, baba Abayuda canke Abagereki, Kristu ni we bubasha bw’Imana akongera akaba ubwenge bw’Imana.
None rero, ubujuju bw’Imana burusha abantu ubwenge, kandi n’intege nke z’Imana zirusha abantu ubukomezi.
INKURU NZIZA
Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.
Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege.
Uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.
Kristu, urakaninahazwa,
wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana Nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (2, 13-25)
Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu misi itatu
Pasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu gisengero ababunza inka, intama n’inuma, n’abavunja amafaranga bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikibŏko, arabahinda bose abakura mu gisengero, be n’intama n’ibimasa, amafaranga y’abavunja arayasanzaza, ameza yabo arayacuranguza. Ababunga inuma na bo ababwira ati : « Kura ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro ! »
Abigishwa biwe rero bibuka ko handitswe ngo : « Ukwitwararika ingoro yawe kurambakuye. »
Abayuda rero baramwishura bati : « Ko ubigenjeje gurtyo, ikimenyetso utweretse ni ikihe ? » Yezu abishura ati : « Sambure iki gisengero, nanje nze ndagihagarike mu minsi itatu. » Abayuda rero baramwishura bati : « Iki gisengero bakimazeko imyaka mirongo ine n’itandatu bacubaka, nawe ngo wogihagarika mu minsi itatu ! »
We yamara yavuga igisengero c’umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yabivuze ; barahava bemera Ivyanditswe, bemera n’ijambo Yezu yari yavuze.
Igihe Yezu yari i Yeruzalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi babonye ibimenyetso yagira, baremera izina ryiwe. Yezu we yamara ntiyabibashimira kuko yari abazi bose kandi atari akeneye uwumumenyesha ibiri mu muntu ; na none yari azi akari mu mutima wa muntu.