Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 4 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.
IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu ca kabiri c’Ukwibutsa ivyabaye (36, 14-16. 19-23)
Ishavu n’imbabazi Umukama afitiye igihugu ciwe
Ku ngoma y’umwami Sedesiyasi, abakuru bose b’abasaserdoti be n’ishengero ry’abantu bagize ububegito bwinshi, bakaja mu bizira vyose vy’ubuyobe bw’abapagani, bakanduza igisengero ca Yeruzalemu Umukama yari yigiriye ceranda. Umukama Imana ya ba Sokuruza, abatumako intumwa ziwe, akama azindurwa uko bukeye n’ukubatuma, kuko yatewe ikigongwe n’abantu biwe be n’ingoro yiwe. Ariko, bagashinyaguriza izo ntumwa z’Imana, bagakengera amajambo yayo, bagatwenga abahanuzi bayo, gushika aho ishavu ry’Umukama ryaguye ku bantu biwe, ritagishobora kugarurwa. Maze, Abanyababiloni baturira ingoro y’Imana, basenyura n’uruzitiro rw’amabuye rw’i Yeruzalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bahonya n’ivyiza vyaho vyose. Abacitse bagakira inkota, umwami Nabukodonosori abajana i Babiloni, abagira abaja biwe n’ab’abahungu biwe, gushika igihe Abapersi bashikiriye ingoma : kwari ukugira ngo ijambo Umukama yavugiye mu kanwa ka Yeremiya rishike : « Igihugu cose kizoba amatongo imyaka mirongo indwi yose, gushika aho kizoba cishuye amasabato yose bari bononye. »
Hanyuma, mu mwaka wa mbere Siro umwami w’Ubupersi agiye ku ngoma, Umukama akabura umutima wiwe, kugira ngo ijambo yavugiye mu kanwa ka Yeremiya ribone gushika. Ni uko rero, Siro ashinga iri tangazo mu gihugu ciwe cose, aranaryandika ngo : « Ng’iri irivuzwe na Siro, umwami w’Ubupersi : Umukama Imana Nyenijuru yangabiye ibihugu vyose vyo kw’isi, kandi yanshinze kumwubakira ingoro i Yeruzalemu mu Buyudeha. None umuntu wese muri mwebwe wo mu bantu biwe bose, Umukama Imana yiwe n’abane na we, yongere uwo muntu aduge i Yeruzalemu. »
IZABURI 136 (137), 1-2. 3. 4-5. 6
Icit : Ninaramuka ntakwibutse,
ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !
Iruhande y’inzuzi za Babiloni twari twicaye,
turira mu kwibuka Yeruzalemu ;
inanga zacu twari twazimanitse
ku biti bitonze kuri izo nzuzi.
Abandi bari baducungiye hano batwinginga
Ngo tubaririmbire uturirimbo turora ku Mana ;
abatugenza nabi badusaba kunezerwa,
bati : « Duterere utuvyino turora kuri Siyoni. »
Mwumva twari gutera utuvyino tw’Umukama,
turi kw’isi itari rwacu !
Ninaramuka ndakwibagiye, Yeruzalemu,
ukuboko kwanje kw’iburyo kuragaca kwuma buhehe !
Ninaramuka ntakwibutse,
kandi ineza ngufitiye ntisumbe izindi,
ururimi rwanje ruragaca ruhoma mu magage !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ibaruwa Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi (2, 4-10)
Inema y’Imana ni yo yadukijije
Ncuti zanje,
Imana ni Nyenikigongwe. Kubera rwa rukundo rwinshi yadukunze, aho twari tukiri abapfu bishwe n’ibicumuro, – muba mukize noneho kubera ubuntu bwayo gusa, – kandi yatuzuranye na we, itwicarika na we mw’ijuru turi muri Kristu Yezu, kugira ngo yerekane mu myaka izoza itunga ry’agahebuza ry’inema yayo mu kutugirira imbabazi muri Kristu Yezu. Koko, ubuntu bwayo ni bwo bwatumye mukira kubera ukwemera ; na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabirano y’Imana ; ntivyavuye ku bikorwa, kugira ngo ntihagire n’umwe yishimagiza. Na none, turi ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristu Yezu, ngo dukore vya bikorwa vyiza Imana yaduteguriye ngo tubigenderemwo.
INKURU NZIZA
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Imana yarakunze isi, gushika itange Umwana wayo w’ikinege,
uwumwemeye wese arafise ubuzima budahera.
Urakaninahazwa kandi uragashemezwa, Mukama Yezu.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (3, 14-21)
Imana yaratumye Umwana wayo gukiza isi
Muri irya minsi, Yezu yabariye Nikodemu ati : « Nta n’umwe yuriye mw’ijuru atari uwamanutse ava mw’ijuru, Umwana w’umuntu. Nk’uko Moshe yamanitse inzoka mu gahinga, ni ko n’Umawana w’umuntu abwirizwa kumanikwa, ngo uwumwemeye wese aronke ubuzima budahera.
Nkako nyene, Imana yarakunze isi gushika itange Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo uwumwemeye wese ntapfe, aronke riho ubuzima budahera. Erega, Imana ntiyatumye Umwana wayo gucira isi urubanza, ariko yamurungitse ngo akize isi.
Uwumwemera nta ntahe imuvugirako, uwutemera we yararemetswe intahe, kuko yanse kwemera izina ry’Umwana w’ikinege w’Imana.
Urwo rubanza ni uru : Umuco waraje kw’isi, maze abantu bikundira umuzimagiza ha gukunda Umuco, kuko ibikorwa vyabo vyari bibi. Na none, uwukora akabi wese yanka Umuco, kandi ntiyegera Umuco, kugira ngo ibikorwa vyiwe vyoye guseruka ; uwukora ukuri we aregera Umuco, kugira ngo kabe akarangabwami k’uko ibikorwa vyiwe ari ivyakorewe mu Mana. »