Ibi twanditse ngaha twabikuye mu Gitabu c’Abakristu, pp. 148-152.
Yozefu yarabungabunze Umuryango mweranda w’i Nazareti.
Ubu yama ashigikira umuryango w’abantu b’Imana
ari wo Ekleziya.
Ni we kandi Karorero k’abashinzwe ibikorwa,
abigisha kwifatanya na Yezu mu kubirangura.
AMAZINA YA YOZEFU MWERANDA
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, tugirire ikigongwe.
Mukama, tugirire ikigongwe.
Kristu, utwumve.
Kristu, udukundire.
Data wo mw’ijuru, Mana, tugirire ikigongwe.
Mwana, Mukiza w’abantu, Mana, tugirire ikigongwe.
Mutima Mweranda, Mana, tugirire ikigongwe.
Butatu Bweranda, Mana imwe, tugirire ikigongwe.
Mariya Mweranda, dusabire .
Yozefu Mweranda,
Mvukira nyayo ya Dawudi,
Munyangingo mu Basokuru,
Mukunzi w’Umuvyeyi w’Imana,
Murinzi mweranda w’Umubikira,
Murezi w’Umwana w’Imana,
Muzigamyi nyakuri wa Yezu,
Senaka w’Umuryango Mweranda,
Yozefu ntungane ishitse,
Yozefu ntwari ishitse,
Yozefu mugamburutsi wa rwose,
Yozefu rudatana mu ndagano,
Karorero k’abitonda,
Rutinuba ubworo,
Kororero k’abakenuzi,
Rugero rw’ababiranye,
Murinzi w’Ababikira,
Shimikiro ry’abubatse,
Muhoza w’abagowe,
Mizero y’abarwaye,
Muhagarikizi w’abacikana,
Kīza mu mashetani,
Murinzi w’Ekleziya Nyeranda,
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, turekurire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, dukundire Mukama.
Mwagazi w’Imana, Wewe ukiza ibicumuro vy’abantu, tugirire ikigongwe.
V/ Yamugize Umukuru w’Umuryango wiwe.
R/ Amushinga n’ivyiwe vyose.
Dusabe :
Mana, Wewe uyobora bose iyo uzi ugashikana, waratiye Yozefu Mweranda, ngo abe Umukunzi w’Umuvyeyi wawe nyaguhimbazwa ; dutabare rero, turabikuzamvye mudutungeko twe twamutoyeko umurinzi mu rugendo turimwo, ngo atubere umukunzi mw’ijuru. Wewe wama uri Umwami ubu no mu myaka itazoshira. Amen.
IBINDI BISABISHO
Yozefu Mweranda, ni Wewe wabaye Se w’abihebeye Imana, ukabazigama. Ni wewe Imana yizigiye ikubitsa Yezu We Bweranda nyene na Mariya wa Mubikira akura abandi. Ntabara nanje ntakamba: ku bw’izi mbitso nyagukundwa, Yezu na Mariya, dagusavye, unkize umwanda wose, ubwenge bwanje bwoye gushima ibiterasoni. Ngire rero umushaha wirinda, ngenze neza umubiri wanje, name nkorera mu bweranda Yezu na Mariya. Amen.
Turakwirukira mu magorwa yacu, wewe Yozefu mweranda, naho dutabaje Mariya wa munywanyi wawe mweranda, turakwishimiye na wewe, turagusaba. Mwarakundanye na wa Mubikira yasamwe ata gicumuro, we Nyina w’Imana, warakunze n’Umwana Yezu nk’aho womubereye Se, nico gituma tugutakambira: turabe neza twebwe Yezu-Kristu yahawe n amaraso yiwe, wibuke n’ubukuru bwawe, tuburane,duhagarikire mu magorwa yacu. Waratunze Yezu na Mariya, tunga n’umuryango Yezu-Kristu yakunze; dukize, Data w’umukondo, dukize umwanda wose, ububeshi bwose; n’aho uri mw’ijuru, duhangaze mu ntambara, wewe Muvunyi wacu utananirwa, turwanire dushobore gutsinda amashetani y’umwijima. Nk’uko kera wakuye mu rupfu Umwana Yezu, tabara n’ubu Ekleziya nyeranda y’Imana, yoye guhendwa n’umwansi, uyikize ababisha. Dawe, duheke ku mutima imisi yose, tube tukwigana, duhagarikiwe na wewe, dushobore kumara urugendo rwaeu neza, dupfe turi beranda, turonke ubuhirwe budazoshira mw’ijuru. Amen.
Ewe Yozefu, Muvyeyi uninahaye : wewe uzira kwifata runini ukuzura n’ubutungane, watunze umuryango mweranda i Nazareti n’umwuga ubayabaye, warahaye abakristu cane cane abanyamyuga akarorero k’ubweranda mu muruho w’ibikorwa no mu bwuzure bwa mwe na Mariya na Yezu.
Dushigikire mu buruhe bwacu bwa misi yose kugira butubere uburyo nyabwo bwo kuninahaza Umukama wacu, kwerekera ubweranda, kuba kirumana mu ngo no mu gihugu tubamwo.
Duserukire ku Mukama, se muvyeyi twizeye, adufashe natwe dukunde kwifata uko turi n’ukworohera abandi, kubanguka mu bikorwa no kubana neza n’abandi, kwakiriza yompi ibitugora Imana iturungikira itatwanse, kuba muri iyi si indemesha mu kwemera, mu rukundo no mu kwizigira.
Ese twoshobora kwigana Yezu yakorana ububangutsi n’ubwira mw’isaramara yawe, tugashobora kugira ubuzima bwiza kuri iyi si, butegura ubw’agahimbare gahoraho twlzeye kuronka mw’ijuru. Amen.
(Papa Piyo wa XII).
Yezu, Mariya, Yozefu : ndabahaye umushaha wanje, ubwenge bwanje n’amagara yanje. Yezu, Mariya, Yozefu, mumpagarikire wa musi nzoba ngomba gucikana. Yezu, Mariya, Yozefu, munkingire nze mpfane amahoro mu maboko yanyu.