Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Dimanches » IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwâka B)

IDOMINIKA YA 5 YO MU KAREMA (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Babonye bibereye, bashobora gusoma ibisomwa vyose vy’Idominika ya 5 yo mu Karema vyagenewe umwaka A.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Umuhanuzi Yeremiya (31, 31-34)

Nzoshinga isezerano rishasha kandi sinzoba ncibuka igicumuro cabo

Ng’iri iriyazwe n’Umukama :
Hagiye kuza imisi nzogiranira isezerano rishasha n’umuryango wa Israeli n’uwa Yuda. Iryo sezerano ntirizosa n’iryo nagize hamwe na ba sokuru babo wa musi nabafata ukuboko kugira ngo ndabakure mu gihugu ca Misiri. Iryo sezerano ryanje ni bo batarikurikije, n’aho ari je mbagaba.

Ng’iri isezerano nzogiriranira n’inzu ya Israeli iyo misi irangiye : – ni iryavumerewe n’Umukama.
Nzobashiramwo itegeko ryanje, ndaryandike mu mutima wabo. Nzoheza rero mbe Imana yabo, na bo babe igihugu canje. Ntibazoba bacirirwa barigishanya babwirana ngo : « Menya ubuhinga bw’Umukama ! » Bazomenya bose kuva ku bato gushika ku bakuru ko ari Umukama yabitangaje : kuko nza kubarekurira ubuyobe bwabo, nongere simbe ncibuka igicumuro cabo.

IZABURI 50 (51), 3-4. 12-13. 14-15

Icit : Duhe, Mukama, umutima mushasha.

Ngirira ikigongwe, se Mana yanje, kubera ubuntu bwawe,
kubw’ikigongwe cawe kidakama, nzimanganiriza akabi nakoze.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.

Mukama, nshiramwo umushaha w’indanga,
ugushaka kwanje na kwo ukuremeshe kwame kukwihambiriyeko.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
ntera iteka riho ungumizemwo ubwiza bwawe.

Ndaba ryiza nka kera mpimbarwe,
kandi ndokoza ugushaka gutegera, sinzokwiyonkore.
Abandi nzobigisha ivyo ushaka,
abacumuye baheze bakugarukire.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ibaruwa ryandikiwe Abahebereyi (5, 7-9)

Ubugamburutsi bwiwe bwabaye isôko ry’ubukiriro budahera

Kristu, mu gihe yari akiri kw’isi, amaze guhereza ibisabisho n’amarira menshi, ataka atakambira Uwashobora kumukiza urupfu, yarumviwe kubera ubweranda bwiwe. Vyongeye, n’aho yari Umwana w’Imana, kubera ayo makuba, yamenyeyeho kugamburuka. Amaze gushika mu bigero, yarabereye abamwumvira bose isôko ry’ubukiriro budahera.

INKURU NZIZA

Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.
Umukama yavuze ati : « Uwushaka kunkorera n’ankurikire ;
bitayeko, aho ndi ni ho n’uwunkorera azoba. »
Ijambo ryawe ni ukuri, Mukama,
itegeko ryawe na ryo ni ubukiriro.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza yanditswe na Yohani (13, 20-33)

Urutete rw’ingano rugwa mw’ivu ngo rupfe, ni ho rwera vyinshi

Abari baduze i Yeruzalemu gusenga ku misi mikuru, harimwo Abagereki bamwe. Begera Filipo yari Umunyabetsayida mu Bugalile, bamubwira bati : « Mugenzi, turashobora kubona Yezu ? » Filipo aragenda kubibwira Andreya, hanyuma Andreya na Filipo bagenda kubibwira Yezu. Yezu arabishura ati : « Isaha yageze, aho Umwana w’umuntu aza kuninahazwa. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye : urutete rw’ingano rutaguye mw’ivu ngo rupfe, ruguma ari rwa rundi, na ho iyo rupfuye rwama vyinshi. Uwukunda ubuzima bwiwe aba abutaye, na we uwubwanka kuri iyi si, aba abuzigamiye ubuzima budahera. Uwushaka kunkorera n’ankurikire ; bitayeko aho ndi, ni ho n’uwunkorera azoba. Uwunkorera, Dawe azomutera iteka. Ubu, umutima wanje urahugumbwa ; mvuge ngw’iki ? Nti : ‘Dawe, nkiza iki gihe’ ; kandi ari co gituma ndagishikiriye ! Dawe, ninahaza izina ryawe ! »

Haza rero ijwi mw’ijuru riti : « Nararininahaje, mbere nzokwongera kurininahaza. » Igihugu cari aho kivyumvise, giti : « Ni umuturagaro ! » Abandi bati : « Ni umumarayika amuyagiye ! » Yezu arabishura ati : « Iryo jwi mwumvise ntiryagenewe jewe, ryagenewe mwebwe. Ubu, iyi si ni ho iciriwe urubanza ; ubu niho umwami w’iyi si aza gutabwa hanze. Nanje ninamara kumanikwa, abantu bose nzobiyegereza.»
Ivyo yabivuga ngo arange uruzomwica.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :