Ahatari hake, iyo abakuru b’Ekleziya bitoye bagashikiriza ijambo umuryango w’abemera co kimwe n’abandi bose bafise amatwi y’ukwumva, cane cane iyo iryo jambo ritanga impanuro mu vyereke imibano y’abantu n’itunganywa ry’ivyerekeye politike, uza wumva abantu bagiye hejuru ngo Ekleziya iriko irarenza urugero mu kwivanga mu vya politike. Igitwengeje ni uko iyo ibintu bitameze neza, hari abayirukira ngo nitabare ihanure, ariko hagera ko itumbereza ijambo ku kuri, ukaza wumva ngo hoho nimere nk’iyiraba hirya, ireke kwivanga mu bitayiraba. Ibitayiraba rero n’abo babivuga ntibashobora gutomora neza ivyo ari vyo. Biratwengeje kuko benshi mu babivuga usanga na politike batumva neza ico ari co. Inkomoko y’ijambo «politike» ni mu rurimi rw’ikigereki «πολιτική», na ryo rikaba risigura «ugutunganya igisagara» ni ukuvuga ugutunganya imibereho y’abantu, bubahana kandi bubahiriza uburenganzira bw’uwundi. Iyo nsiguro abantu bose nibaba bayumva kumwe, ukwitwararika ivyerekeye politike rero, Ekleziya ntibirekuriwe gusa ahubwo inabitegerezwa kuko ni ngombwa.
Muti kuki?
Ubwa mbere hoho ukwitwararika ivyerekeye politike ni uburenganzira bwa kiremwa muntu kuko umuntu arinze avuka akaja mu bandi, ubwo nyene aca atangura kurabwa n’ivyerekeye politike, kandi aca atangura kugira ivyo afitiye uburengazira, mbere agateba na we nyene akagira ivyo abazwa. Umuntu rero arinze agira uburenganzira bwo gutunganirizwa n’abamujejwe, haba mu gushima ivyo agirirwa bimugirira neza canke mu kubigaya mu gihe atari ibimugirira neza, aba yamaze kwinjira muri politike, kandi ubwo ni uburenganzira bwiwe kuva akivuka. Turakunze kwumva amajambo ngo abari mu mashirahamwe «adaharanira ivyicaro vya politike» canke ngo «ata ho yegamiye mu vya politike». Kiretse nitwaba tutumva ivyo vyerekeye politike ivyo ari vyo, ahandi ho ntivyumvikana ko umuntu afise ubwenge bukora neza yoreka guharanira ivyerekeye politike, kandi aba mu gihugu afisemwo ibimwega abazwa, n’ivyo afitiye uburenganzira. Icoba kibujijwe n’ukugira politike itari yo, imwe igarukira ku kwiyamamaza no ku majwi, igasubira kwumvikana hageze kurondera ayandi majwi. Burya rero ibintu vyapfiriye no mu mvugo aho ubutumwa bw’ugutunganiriza abandi muri politike bisigaye vyitwa «umukino wa politike». Ubwo butumwa bubaye umukino vyose biba bipfuye, kuko aho gutunganiriza abandi, biba bisigaye ari ugukinira ku bantu benshi kugira inyungu z’abakinyi bake zibe ari zo zija imbere ku mayeri gusa.
Ushima Ekleziya itegerezwa kugira ijambo mu vyerekeye politike, twese turazi ko amareta atandukanye agira ivyo bita : politike mu vy’amagara y’abantu, politike mu vy’amashure n’indero, ipolitike mu vyerekeye imibano, n’ibindi. Iyo Ekleziya iterereye muri mwene izo politike z’ibihugu, nta n’umwe avuga ko iriko irivanga mu vya politike kandi hoho vyokwumvikanye neza, kuko izo ari zo politike z’ukuri zizanira ineza abantu.
Hari n’abatebura bakarenza urugero ngo abungere b’Ekleziya nibigumire muri Bibiliya kuko ni yo barazwe, bobo ukamenga ibivugwamwo ntibiberekeye. Erega Bibiliya ivuga ivyo nyene : ingene abantu bomererwa neza mu buzima bwabo bisunze ijambo n’ishaka ry’Imana, na ryo rikaba rigenda ritumbereye ineza y’abantu. Iyo bahanuye rero, nta kindi baba bagize atari ugusomera iyo Bibiliya nyene mu buzima bw’abantu kuko Ijambo ry’Imana ridashika ku rugero rwo kugororera Imana ubuzima bw’abantu, ni nk’umuti bereka umuntu arwaye agaca yiraramira ntawunywe, ngo kazima yawubonye.
Ahandi na ho uza wumva ngo nibitwararike ivy’imitima gusa, ukamenga imitima y’abantu itembera mu kirere ata co ipfana n’ubuzima bw’abantu, aho Imana yabashize. Hari n’aho bavuga ngo si vyiza ko Ekleziya yerekana aho ihagaze, canke ngo ntikwiye guhengama. Emwe ahubwo iyo yo ni ingorane ikomeye cane. Umuryango wahawe ubutumwa bwo gusamiriza hose Inkuru nziza ya Yezu Kristu ngo abantu baronke iteka ryuzuye ry’ukuba abana b’Imana, boreka kugira aho bahagaze gute? Koba kabaye noneho, kuko n’iyo Nkuru nziza yoshaka ikareka kubaho. Ekleziya ihagaze kuri ukwo ukuri, ahubwo mbere ikwiye ko kurushirizaho, haba mu gihe vyoroshe no mu gihe bigoye nyene, kandi nishake ihengame kuko yama ihengamiye ku kuri, kandi uwuhengamiye ku kuri aba yegamiye igiti kizima kidapfa guhenurwa n’umuyaga.
Iyo rero abakuru mu muryango w’Ekleziya bashikirije ijambo ritumbera ku neza y’abantu baba bariko baragira politike y’ukuri, kandi ntibapfa ivyo bavuze kuko ntibavuga ibisunitswe n’umuyaga. Kanatsinda, Ekleziya ntisumira ubwenge munsi y’urugo gusa, iraraba no hakurya uko ahandi bigenda, kandi yisunze Ijambo ry’Imana, iranafatira ku vyagiye birashikira abantu batandukanye, igahanura ifatiye kuri vyinshi, ata kindi kiyiraje ishinga atari ineza y’abantu.
Ekleziya rero, mu vyo ikora, mu vyo yigisha no mu vyo ihanura igihe cose, ico ishira imbere y’ibindi ni ico, kuko umutwe wayo igenda yisunga ni Yezu Kristu, na we akaba yarabaye umunyepolitike w’akarorero, kuko nta kindi yashira imbere y’ibindi atari ukwitwararika ineza y’ikiremwamuntu. Ijambo ry’Imana twasomye ku musi mukuru wa Pasika mu gisomwa ca mbere ritubwira ko ico abashingiye intahe Yezu Kristu bamwibukirako ari uko “yagendura igihugu cose agira ineza aho aciye hose” (Ibik. 10,38). Turabona mbere ko n’amategeko ashize kubiri n’iyo ntumbero yayaberarara, gutyo akatwereka ko mu vy’ukuri ineza y’umuntu iruta kure n’iyo amategeko yose, kandi ko amategeko meza ata handi yabwirizwa gutumbera atari aho. Iyo rero Ekleziya irinze ivuga, iriko irarondera kugarura abantu kugira ineza y’umuntu yubahirizwe, iba iri mu nzira nziza koko. Uwuzovuga ko iriko iragira ibitari vyo muri iyo ntumbero, na we arazoheza ayihinyuze agire ibiruta, kandi no muri ico gihe nyene ijambo ryayo rizoba rishitse ku co ryari ritumbereye, kuko mu barwanira ineza, nta gusiganwa kandi nta n’ishari vyari bikwiye kubamwo.
Erega ukwitwararika ineza y’abantu ni yo politike y’ukuri, ibindi vyose bitaja muri iyo nzira ni politike y’uruhendo, ikwegera abantu mu kwitorera ababaganza gusa aho kwitorera abababera abasuku nk’uko Inkuru nziza ya Yezu Kristu ibisaba abashaka kuba abakuru b’abandi (Mk 10,41-45).
Urwo ni rwo rugero abakristu twese twari dukwiye gushikako, na cane cane abatewe iteka ryo kuja mu bibanza vyo hejuru mu nzego aho bajejwe gutunganiriza abandi, mbere rimwe rimwe bikenewe bakanabizira kuko ntiboba ari aba mbere bazize ukuri, kanatsinda n’Umukama wacu Yezu Kristu dukurikira niko vyamugendeye. Yamara rero vyopfuma biba n’ivyo, hako umuntu azira uguhemukira ukuri akubona.
N’uko ubwenge bw’abantu bishika bukagera ahantu bugasigwa kubera impengamiro y’ukwibagira ningoga, nayo ubundi kahise, na canecane uko Ijambo ry’Imana rikatubwira, kaba kigisha abantu vyinshi vyotuma tugira ubwitonzi mu gutunganiriza abo tujejwe no mu gutegura kazoza k’imibano yacu, kuko ineza dukoze iraheza ikatugarukako. Ijambo Ekleziya ishikiriza rero hanyuma ikagirizwa ukwivanga mu vya politike ni aho riba ritumbereye. Ibindi ni ivy’abagoramikira politike ahatari ho mu kuyigira umukino, n’aho biheza bikagarara ko ugukinira ku gihugu c’Imana bidakunda kwerera bene kubigira, na canecane iyo bafashe impanuro nziza nk’urwanko, aho kuzifata nk’ikimenyetso c’urukundo rurondera ineza irama.
Ndagize mwiriwe nyakubahwa Père lambert.
Ndiniteka ryokubashimira kukigoro mwagize ko gukora ino web kuko idufasha gukurikira inuigisho mushiraho no kumenya ibibazo bibakiye Eklezia yacu umuryango wo kwemera.
Rero ntarandariye jewe mfise akabazo kubigize iminsi bivurwa hirya no hino ngo: »PAPA FRANCISCO YASINYE URWANDIKO RUHA UBURENGANZIRA BWABAHUJE IBITSINA KUREKURIRWA NGO NABO BAZE BARASEZERENA MUNSENGERO IZUBA RYAKA KUMUGARAGARO KURYA KUMUGORE NUMUGABO (VYOBA ARIVYO ?).
J’aimeJ’aime
Oya nta rwandiko ruriho
Hari abafashe ivyo yagiye aravuga kuri ico kibazo mu bihe bitandukanye, baraheza barabisomekeranya, bakuyemwo ibi canke ibindi, baca bamuvugisha ivyo atavuze.
Ahanini ni ivyo
J’aimeJ’aime