IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (4, 8-12)
Nta wundi muntu n’umwe ashobora kudukiza
Muri irya misi, Petero yuzuye Mutima Mweranda avuga ati : « Batware b’igihugu namwe bakurambere, ko uyu musi mutubazagiza kubera iciza twagiriye umuntu w’ikimuga, mukatubaza ico twamukirishije, nimuze mwabimenya mwese n’igihugu c’Israyeli cumve koi co kimuga cakijijwe n’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu Umunyanazareti, umwe mwebwe nyene mwabamba, Imana ikamuzura akava mu bapfuye. Iryo Zina, ni ryo ryakijije uwo muntu ahagaze imbere yanyu. Yezu ni we rya buye, mwebwe abubatsi mwataye, ryabaye ishimikiro ry’imfuruka. Nta handi hari ubukiriro atari muri we, nkako, munsi y’ijuru, nta rindi zina abantu bahawe ryagenewe kudukiza. »
IZABURI 117 (118), 1. 8-9. 21-23. 26. 28cd. 29
Icit. : Ibuye abubatsi bari bataye
Imana yarigize iry’ishimikiro.
Canke : Alleluya.
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
Kuko Ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
Hako wishimira abantu,
Worondera amahungiro ku Mukama ;
Hako wishimira beningoma,
Worondera amahungiro ku Mana.
Ndagushemeza kuko wanyumviye,
ukambera Umukiza.
Rya buye batora bagashibura,
ni ryo ryabaye iremezo :
ivyo bitangaza twabonye
vyabonetse ku bw’Umukama.
Aragahezagirwa
Uwuje kw’izina ry’Umukama !
Ni Wewe Mana yanje, nzogushemeza :
ngushimagize, Mana yanje !
Shemeza Umukama, kuko ari mwiza,
kuko ubuntu bwiwe bwamaho imyaka yose !
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (3, 1-2)
Tuzomubona nk’uko ari
Bakunzi banje,
Nimurabe urukundo Data yadukunze uko rungana tukitwa abana b’Imana, kandi turi bo. Igituma isi itatuzi, ni uko na we itamumenye. Bakunzi banje, n’ubu turi abana b’Imana, ariko ico tuzoba ntikiraboneka. Ico tuzi, ni uko aho kizobonekera, tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza :
ndazi intama zanje, na zo ziranzi. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (10, 11-18)
Umwungere mwiza yigura intama ziwe
Muri irya misi, Yezu yavuze ati : « Jewe ndi wa Mwungere mwiza. Umwungere mwiza yigura intama ziwe. Umucangero atari umwungere kandi atari we nyenintama, abona imfyisi ije, akazita aho, agahunga, nya mfyisi na yo ikazitwara kandi ikazishwiragiza. Ubwo rero, ahunga kuko ari umucangero atababaye izo ntama. Jewe ndi wa Mwungere mwiza, ndazi intama zanje na zo nya ntama zikamenya, nk’uko Data anzi nanje nkamumenya. Kandi ndigura intama zanje. Ndafise n’izindi ntama zitari muri uru rugo, na zo nyene mbwirizwa kuzizana zizokwumve ijwi ryanje kandi hazobe ubusho bumwe n’umwungere umwe. Ico Data ankundira ni uko ntanga ubuzima bwanje kugira ngo nze ndabusubireko. Nta wubunyaka, ni jewe nyene ubwanje ndabutanga. Ndi n’ububasha bwo kubutanga n’ubwo kubusubirako. Ni ryo bwirizwa nahawe na Data. »