IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 15-17. 20a. 20c-26)
Matiyasi atorerwa kuba icabona c’izuka ry’Umukama
Muri iyo misi, Petero ava hasi hagati ya benewabo bari nk’ijana na mirongo ibiri, ababwira ati : « Benewacu, Ivyanditse vyabuwe na Mutima Mweranda aciye kuri Dawudi, vyerekeye Yuda yarongoye abaje gufata Yezu, vyategerezwa kuranguka, Yuda yari uwo muri twebwe kandi yari yara gize uruhara muri ubu butumwa. Kandi handitswe mu gitabu c’Amazaburi ngo: “Uwundi n’asubire mu gikorwa ciwe”. Birakwiye rero ko muri abo bantu bakurikiye Umukama Yezu igihe cose hamwe natwe, kuva kw’Ibatisimu ya Yohani gushika ku musi yavanwa muri twebwe, umuntu umwe yoba icabona hamwe natwe mu vyerekeye izuka rya Yezu. » Abari bakoraniye aho batora babiri ari bo Yozefu bita Barasaba bari bataziriye Munyakuri, na Matiyasi. Hanyuma rero barasenga bavuga bati : « Mukama, wewe uzi akari mu mitima ya bose, twereke uwo watoye muri abo babiri, kugira ngo asubire mu kibanza c’ubwo busuku n’ubutumwa Yuda yataye, akagenda mu kibanza kimubereye. »
Baraheza batera ubufindo, bufindukura kuri Matiyasi, aca aja yiyongera kuri ba batumwa Icumi n’umwe.
IZABURI 102 (103), 1-2. 11-12. 19-20ab
Icit. : Umukama yashinze intebe yiwe mw’ijuru.
Canke : Alleluya.
Himbaza Umukama, mushaha wanje,
maze n’amagara yanje yose aninahaze Izina ryiwe ryeranda ;
himbaza Umukama, mushaha wanje
maze ntihagire ico wibagira mu vyiza vyiwe.
Nk’uko isi ataho ihwaniye n’ijuru,
ni ko n’urukundo rwiwe rurengeye abamwubaha ;
nk’uko ubuseruko buri kure y’uburengero,
ni ko adushira kure y’akabi kacu.
Umukama yashize intebe yiwe mw’ijuru,
ubwami bwiwe buganza vyose.
Nimuninahaze Umukama, mwa bamarayika biwe,
mwa ntwari ziwe zama ziteze ijambo ryiwe.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete rya mbere ry’Umutumwa Yohani (4, 11-16)
Uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na Yo Imana ikamugumamwo
Bakunzi banje,
Ko Imana yadukunze ityo, natwe dutegerezwa gukundana. Nta wigeze yihweza Imana. Dukundanye, Imana iguma muri twebwe, urukundo rwayo muri twebwe, rukaba urukundo rubushitse. Ng’iki ikitumenyesha yuko tuguma muri yo na yo ikaguma muri twebwe : ni uko yaduhaye Mutima wayo. Natwe twarihweje, kandi turashinga intahe yuko Data yarungitse Umwana wiwe nk’Umukiza w’isi. Uwemera wese yuko Yezu ari Umwana w’Imana, Imana iguma muri we, na we akaguma mu Mana. Na twebwe twaramenye, kandi twaremeye urukundo Imana idufitiye kandi rutubamwo. Imana ni Rukundo ; uwuguma mu rukundo aguma mu Mana, na yo Imana ikaguma muri we.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
Umukama yavuze ati : « Sinzobasiga muri impfuvyi.
Ndagiye, mpeze ngaruke muri mwebwe, umutima wanyu wuzure akanyamuneza. »
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 11b-19)
Nibabe umwe nkatwe
Mu gihe yari mu kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se wiwe, Yezu yariko arasenga, ahanze ijuru, avuga ati : « Dawe mweranda, n’ugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe. Aho nari kumwe na bo, narabazigamye mw’izina ryawe. Abo wampaye narababungabunze, kandi nta n’umwe muri bo yatakaye, atari uwavukiye gutakara, kugira ngo Ivyanditswe biranguke. Yamara ndaje iwawe, kandi mvuga ntyo nkiri kw’isi, kugira ngo akanyamuneza kanje kabuzure. Narabashikirije ijambo ryawe, vyongeye isi yarabanse kuko batari abayo, nk’uko nanje ntari uw’isi. Sindagusavye ngo ubakure kw’isi, ariko ndagusavye ngo ubarinde akabi. Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi. Bagire beranda mu kuri, kuko ijambo ryawe ari iry’ukuri. Nk’uko wantumye kw’isi, ni ko nanje nabatumye kw’isi. Kandi narakwituye ku bwabo, ngo na bo bakwiture mu kuri. »