Évangéliser les aréopages contemporains

Accueil » Parole de Dieu (en Kirundi) » Fêtes & Solennités » UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka B)

UMUSI MUKURU WA ASENSIYO (Umwâka B)

AU FIL DU TEMPS (Articles publiés)


Iyo badashimye gukoresha igisomwa ca kabiri co mu mwaka A, baca bakoresha ico twanditse aha. Ibindi bisomwa vyose biri aha vyagenewe umwaka B.

IGISOMWA CA MBERE

Ivyo dusoma mu gitabu c’Ibikorwa vy’Abatumwa (1, 1-11)

Abatumwa babona Yezu ariko arurira mw’ijuru

Tehofilo we, igitabu ca mbere nanditse, cari cerekeye ivyo Yezu yatanguye gukora n’ukwigisha vyose gushika umusi yurira mw’ijuru, ahejeje gusigarana amategeko ba batumwa yari yitoreye ku bwa Mutima Mweranda. Aho amariye kubabara, abo batumwa ni bo yasubiye kubonekera, abereka ibimenyetso vyinshi vy’ukubamenyesha ko ari muzima, amara imisi mirongo ine ababonekera yongera abayagira ivy’Ubwami bw’Imana. Ahengereye bariko barasangira na we, abategeka kuguma i Yeruzalemu, ngo barorerereho wa muhango wa Data ati : Jesus_ascending_to_heaven« Nari nababwiye nti : Yohani yabatirisha amazi, mu misi iza kuza, mwebwe muzobatizwa muri Mutima Mweranda. »

Abari bahakoraniye barahava bamubaza bati : « Mbega Mukama, ubu ni ho ugira ngo ubogore ingoma y’Israyeli ? » Abishura ati : « Ivy’ukumenya igihe n’isango Data yigeneye we nyen ubwiwe, si ivyanyu. Ariko muzoronka ubukomezi Mutima Mweranda azobazanira, muheze rero muje kumbera ivyabona i Yeruzalemu no mu Buyuda bwose no muri Samariya, mugarukire iyo isi igarukira. »

Ahejeje kuvuga ivyo, babona ariko araduga, hanyuma igicu kiramupfuka, ntibaba bakimubona. Bakiri aho bahanze ijuru, Yezu na we ariko araduga, baza babona abantu babiri bambaye ivyambarwa vyera, bababwira bati : « Mbega banyagalile, ni iki ko muhagaze murangamira hejuru ? Uwo Yezu mubonye ava hagati yanyu akwurira mw’ijuru, uko agiye ni ko azogaruka. »

IZABURI 46 (47), 2-3. 6-7. 8-9

Icit : Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
         Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.

Canke : Aleluya.

Ntara zose iyo muva mukagera, nimukome amashi,
muvugirize impundu Imana mu kanyamuneza kamuje.
Kuko ari Yo Mukama, Rudasumbwa, Muterakoba,
Mwami w’agakura aganza isi yose.

Imana iraduze hagati y’abayivugiriza impundu,
Umukama araduze hagati y’abamuvugiriza inzamba.
Curarangira Imana yacu, curaranga,
curarangira umwami wacu,curaranga !

Kuko Imana ari Yo mwami w’isi yose :
nimuyiririmbire ururirimbo rw’akayazwe !
Imana yarironkeye ubwami mu mahanga yose,
ngo yongere ivyagire ku ntebe yayo nyeranda.

IGISOMWA CA KABIRI

Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyefezi (4, 1-13)

Igisomwa kigufi : 4, 1-7. 11-13

Ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu

Ncuti zanje,
Ndabinginga jewe imbohe ku bw’Umukama, ngo mwigenze nk’uko bikwiranye n’itorwa mwatorewe, mu kwicisha bugufi no mu kugenza buhoro muri vyose, mu kwiyumanganya, mukagiriranira imbabazi zivuye ku rukundo, mugashishikara kuzigama ubumwe bw’umutima mubwungisha amahoro.

Hariho Umubiri umwe n’Umutima umwe, nk’uko kandi ivyo muhamagariwe kwizera ari bimwe. Hariho Umukama umwe, ukwemera kumwe n’ibatisimu imwe. Hariho Imana imwe ari yo Se wa bose, isumba vyose, igenza bose kandi iri muri bose. Ariko rero, umwumwe muri twebwe yarahawe ingabirano nk’uko Kristu yaturimbanije ingabirano ziwe.

(Igisomwa kigufi kiba kirahagarariye aha)

Ni co gituma bavuga bati : « Yaraduze hejuru ajanye imbohe, abantu na bo abahunda ingabirano. » Iryo jambo ngo yaraduze, ni ukuvuga iki, ndetse ko ari uko yabanje kumanuka hepfo mu ntara zo kw’isi ? Uwamanutse ni we nyene yaduze hejuru y’amajuru yose, kugira ngo anengesereze vyose.

(Igisomwa kigufi kibandaniriza aha)

Ni we kandi yahaye bamwe kuba abatumwa, abandi abahanuzi, abandi abakwiza Inkuru Nziza, abandi abungere n’abigisha, kugira ngo aberanda babone gutunganirwa mu gikorwa c’ugukoreranira mu kwubaka umubiri wa Kristu gushika aho twese hamwe tuzoshikira ubumwe bw’ukwemera n’ubw’ukumenya Umwana w’Imana, tugashikira wa muntu abushitse, ku rugero rw’igihagararo kizima c’umusesekara wa Kristu.

INKURU NZIZA

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati :
« Gende, mwigishe abantu bose !
Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira, gushika ku muhero w’isi. »
Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Mariko (16, 15-20)

Umukama yurira mw’ijuru kandi yicara iburyo bw’Imana

Amaze kuzuka, Yezu yabariye bamwe cumi n’umwe ati : « Kwire isi yose, mushikirize Inkuru Nziza ikiremwa cose. Uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa. Ibimenyetso bizoranga abazoba bemeye ni vyo vy’ibi : kw’izina ryanje, bazokwirukana amashetani, bavuge indimi nshasha, bafate inzoka mu minwe, kandi nibanywa uburozi bwica, nta co buzobagira. Bazogaranzurira ibiganza ku barwaye, na bo bace bakira. » Umukama Yezu ahejeje kubabwira ivyo, ajanwa mw’ijuru, yicara iburyo bw’Imana. Na bo bagenda kwigisha hose, Umukama akorana na bo, iryo bigisha akarigaragariza mu bimenyetso vyariherekeza.


Voulez-vous soumettre un commentaire?

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l’aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l’aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l’aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

Connexion à %s

Ce site utilise Akismet pour réduire les indésirables. En savoir plus sur la façon dont les données de vos commentaires sont traitées.

Quelques données (Diocèse Ngozi)

Ici, données sur le Diocèse de Ngozi

Eglise Cathédrale de Ngozi

%d blogueurs aiment cette page :