IGISOMWA CA MBERE
Ivyo dusoma mu gitabu c’Ukwibutsa Amategeko (4, 32-34. 39-40)
Umukama ni We Mana y’ijuru n’isi, kandi nta wundi Atari We
Muri irya misi, Musa yabariye ishengero ry’Abanyisrayeli ati : « N’ubaze rero ivyabaye mu misi yaheze, yabaye imbere yawe kuva umusi Imana yarema umuntu kw’isi, kuva ku mpera y’isi gushika ku yindi. Hari ikintu nk’ico gihambaye cigeze kuba ? Hari uwoba yarumvise ibisa n’ivyo ? Hari igihugu coba carumvise ijwi ry’Imana rivugira hagati mu muriro, nk’uko waryumvise, kigaheza kikaragama ? Canke, hari imana yoba yaragerageje gukura igihugu hagati mu kindi ikoresheje amananiza, ibimenyetso, ibitangaza, intambara, ikoresheje kandi ikiganza cayo gikomeye n’ukuboko kwayo kuramvuye, mu buryo buteye ubwoba nk’ivyo Umukama Imana yanyu yabakoreye vyose mu Misiri muvyibonera ?
Bimenye rero uyu musi, wongere ubishire mu mutima wawe, ko Umukama ari We Mana, hejuru mw’ijuru no hasi kw’isi ; nta yindi iriho. Urazigama amategeko n’amabwirizwa yiwe ndagutegetse uyu musi, kugira ngo uroranirwe wewe n’abahungu bawe mu nyuma zawe, kugira ngo kandi uzorambire mu gihugu Umukama Imana yawe aguhaye, mu myaka yose. »
IZABURI 32 (33), 4-5. 6. 9. 18-19. 20. 22
Icit. : Hahiriwe intara Umukama yigiriye iragi
Ijambo ry’Umukama riratunganye,
ibikorwa vyiwe vyose birimwo ukuri.
Umukama akunda ingingo n’ukuri,
isi isagiriwe n’urukundo rwiwe.
Umukama yavuze rimwe, ijuru rirahagarara,
impwemu ziwe zirarema inteko z’ijuru ;
apfa kuvuga ikintu, kikaba gihagaze,
yategeka, ukabona ikintu kiraremwe.
Ijisho ry’Umukama rihora ku bamwubaha,
ku bizeye urukundo abafitiye ;
kugira abasimbishe icoba,
abakize amapfa.
Umutima wacu witeze Umukama,
ni We mahungiro yacu, ni We nkinzo yacu.
Mukama, tworose urukundo rwawe,
nk’uko ari Wewe twama twizigiye.
IGISOMWA CA KABIRI
Ivyo dusoma mw’Ikete Umutumwa Pawulo yandikiye Abanyaroma (8, 14-17)
Mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu udutuma tuvuga tuti : Abba, Dawe !
Ncuti zanje,
Abarongowe na Mutima w’Imana bose, ni bo bana b’Imana. Na kare, ntimwaronse umutima w’abashumba ngo musubire kugira ubwoba, yamara mwaronse umutima w’abana barezwe mu nzu utuma tuvuga tuti : « Abba, Dawe !» Mutima we nyene ubwiwe ni we afasha umutima wacu kwemeza ko turi abana b’Imana. Ko turi abana, turi ba samuragwa, ba samuragwa b’Imana n’abaragwa kimwe na Kristu, dusanzwe dusangiye na we ububabare kugira ngo tuzoninahazwe hamwe na we.
INKURU NZIZA
Alleluya, alleluya.
– Haninahazwe Data na Mwana na Mutima Mweranda !
– Haninahazwe Uwuriho, Uwamyeho n’Uwugira ngo aze !
Alleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (28, 16-20)
Mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda
Muri irya misi, ba bigishwa Icumi n’umwe baja mu Bugalile, ku musozi, aho Yezu yari yabategetse kuja. Bamubonye baramupfukamira, ariko bamwe bagakekereza. Yezu abegereye ababwira ati : « Nahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi. Gende rero mwigishe abantu bose, mubabatize kw’izina rya Data n’irya Mwana n’irya Mutima Mweranda, mubigishe gukora ivyo nabategetse vyose. Nanje ndi kumwe namwe ubutakibavirira gushika ku muhero w’isi. »